Ibiyovyabwenge ni imwe mu ngorane zibangamiye urwaruka rutari ruke mu Burundi. Afatiye ku ntahe za Sano na Mugisha, Dushime Divin arerekana uruhara rw’abavyeyi kugira abana barinde bashika mu kwihereza ibiyovyabwenge.
Inyuma yo gufata ibiyovyabwenge, kazoza kabo karononekara, ariko bakabandanya bavyihereza, n’igitigiri c’ababifata kikiyongera. None ni gute umuntu ashobora kwifatira ingingo yo gutabagaza amagara na kazoza vyiwe kandi atari umukehabwenge? Ababiheba bo, vyoba bituruka hehe?
Ivyo ni bimwe mu bibazo ngize imisi nibaza, mu gihe hari bene wacu imisore n’inkumi ntasiba kubona bayobereye mu biyayuramutwe vy’ubwoko bwinshi nk’urumogi, amatabi atandukanye, inzoga z’umurengera n’ibindi.
Nk’uko nabiyagiwe na bamwe muri abo, ngo abavyeyi barafise uruhara muri iyo ngeso y’abana babo.
Nta kiyago kikihari hagati y’umuvyeyi n’umwana
“Nakuze ataco mbuze muhira mu bijanye n’ugufungura, ukwambara, ukwinezereza n’ibindi. Ariko, abavyeyi banje twabonana gake, bakava muhira bugica, hama bagataha ijoro ryitereye. Ntibigera bampa akanya ngo tuyage. Gutyo, nisanga nguye mu mutego w’abagenzi babi, bifatanije n’ivyo nabona ku mboneshakure, noneho nanje ntangura kwihereza nk’abandi. Nibaza ko iyo abavyeyi bambwira kare, ntavyo nari kujamwo”; uwo ni Mugisha, umusore w’imyaka mirongo ibiri. Ubu yarahevye kwihereza ivyo biyayuramutwe, ariko akemeza ko hari inkovu vyamusigiye kumbure zitazokwigera zifudika.
Sano wewe, umusore w’imyaka mirongo ibiri n’ibiri ati: “ahanini nasanze vyaturutse ku bibazo nari mfise muhira. Nta bavyeyi nakuze mfise, nkibaza nti ndi uwa nde? bikansiga. Uko kugira ibibazo vyinshi ata nyishu ni vyo vyatumye nja kwihereza ibiyayuramutwe, kuko nari nzi ko vyomfasha mu kwibagira. Ariko, vyahereje kuntabagariza ubwenge nyene, kuko naragwaye, maze ngarukiye mu bitaro mbona kubiheba”.
Akataretse kaba gasema
Nta muvyeyi yokwibaruka ikibondo ngo areke kucifuriza kazoza keza. Ariko, hagati y’ukuvyifuza n’ukubishikako, hari ibitari bike bitegerezwa gukorwa.
Abavyeyi b’ubu, hari benshi basigaye bameze nka ya ntungwa yavyara mu ci iti “ahanje ndahejeje, hasigaye ah’umwungere”. Iyo babonye umwana ataco abuze mu bijanye n’ukubaho, womengo birakwiye. Ariko ntibamenye ko hanakenewe ukwitaho indero yiwe, maze na ntaryo bakama baganira nawe kugira bamwigishe gutandukanya icatsi n’ururo.
Ku rwaruka narwo, rwari rukwiye gutahura ko kwifatira ingingo nziza mu buzima ari co gikuru, maze imbere yo kugira ico bakora cogira ingaruka ku magara no kuri kazoza kabo, bakwiye kwihweza neza ibifise akamaro. Na kare ngo “umutezi w’ubureza arabwibanza”.
A mon avis,aujourd’hui qu’autres années,les barundi disent k’un parent ki ôse dire à ses enfants ce qui concerne la sexualité n’est pas chretien m ce qui m’interroge est que ce dernier est ses enfants qu’on trouv avec les grossesses non desirés.aujourd’hui les barundi doivent jeter un coup d’oeil sur notre vie quotidienne.la vie est chere.