article comment count is: 0

Ibiciro vy’amakaye : « amaborogo y’intare ntabuza ishamba gusha »

Haraciye ikiringo kirenga gato iyinga rimwe, umwaka mushasha w’amashure shingiro n’ayisumbuye utanguye. Nk’uko vyagaragaye ku masoko, uko umusi wo gutangura amashure wegereza, ni ko ibiciro vy’ibikoresho vy’ishure vyagenda biraduga. Félix Ndereyimana ati : « leta ntiyitayeho umunyagihugu mw’iyo misi ».

Nta gishasha cahabaye, ni ko vyahoze no mu myaka iheze. Igihe cose umwaka w’ishure ugiye gutangura, abadandaza baca bikika mu kiza c’uruganda rwo kugura ibikoresho vy’ishure bakaduza ibiciro uko bigombeye.

Igisiga ubwenge rero muri vyose, ni uko umuguzi ari we ahagwa, nk’uko womengo ntagira gitabara. Ntitwibagire ko leta ifise ibisata bijejwe gucungera ibiciro ku masoko, ariko kandi ikagira n’ubushobozi bwo gushinga igiciro ntarengwa ku kidandazwa cose, mu gihe ivyo biteye ingorane. Si ko vyagenze ku bidandazwa nk’isukari n’ibitoro none? Kuki bidakorwa gutyo no ku bikoresho vy’ishure?

Intungwa ivyaye mu ci iti “ahanje ndahejeje”

Ni ko, hagati y’umudandaza na leta hari ubucuti bukomeye, kuko ni na we arihishwa ikori ryo gutunga iyo leta. Ariko kandi ubucuti buri hagati ya leta n’umuguzi nabwo ntibusanzwe, kuko uno ari we ayishiraho. Muri vyinshi umuguzi aba yiteze rero, harimwo gukingirwa impanuka zoturuka kw’ihindagurika ry’ibiciro ku masoko.

Naho ivyo biri uko, buri ntango z’umwaka ibikoresho vy’ishure biduzwa ibiciro uko abadandaza bavyishakiye. Mugabo inzego zijejwe gucungera ivyo biciro ntizigera zigira ico zikora. None aho twovuga ko inyuma yo kwegeranya ikori, igikorwa c’inzego kiba kirangiye nka ya ntungwa yavyara mu ci ?

Ku rundi ruhande, ndibaza nti ubwo ntituzoshika aho dusanga twihenda ngo abana biga ku buntu kandi ayo borishe mw’ishure bayahereje mu bikoresho ribasaba ? Uko bimeze kwose, harakenewe impinduka.

 Ni nk’ « akamanyu k’umutsima »

Ukuba ikaye dushobora kuyigura amafaranga amajana icenda mu kwezi kwa Myandagaro, noneho tukaza kuyigura igihumbi n’amajana hejuru mu ntango za Nyakanga, ivyo biteye akagongwe !

Ariko, igitangaje ni uko bidasaba umuzi w’ibuye ; vyosaba gusa ko umushikiranganji w’ubudandaji yitwararika guhagararira agateka k’umuguzi. Gutyo, yoheza akihweza ibiciro kw’isoko yo kurangura, hama agashiraho ingingo zishinga ibiciro bibereye ku muguzi no ku mudandaza. Nayo ahandi ho, kurekerana abadandaza ngo bishingire ibiciro uko bashaka, ni nko kurekerana umuguzi mu gihe ageze mw’irinde. Nta mwana n’ikinono bikwiye kuhaba rero !

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion