Ico ni ikibazo Nijimbere Thierry abaza ubuyobozi bw’ishirahamwe Regideso hamwe n’ababukurira. Aho ni mu gihe umuyagankuba utakiragama mu gisagara ca Bujumbura, bene kuwukoresha bakahahombera.
Naho nyene bidahimbaye, bisa n’ivyahindutse akamenyero. Biragoye gutahura ingene mu makaratiye amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, ubukene bw’umuyagankuba busigaye ari ubwa misi yose. Aho mperereye mu buraruko bw’igisagara, turashobora kuwuronswa nk’amasaha abiri ku musi wose gusa. Ariko kandi, hari n’ahandi mbona bobo bawubura gake. Ivyo bikantera kwibaza ibibazo injojo: Mbega uruganda Regideso rwoba rwisunga iki kugira ngo bamwe babure umuyagankuba, abandi bawamane igihe cose? Za ntonde zakoreshwa igihe uwo muyagankuba vyavugwa ko ari muke zoba zikibaho? Ni kuki hoho, iyo bazi ko bataza kuwuturonsa, batabitumenyesha kugira ntitwirigwe tweza amaso mburira?
Muri vyose, umunyagihugu niwe ahahombera
Haragera igihe nkibaza nti none uruganda Regideso rwoba rwibuka ko hari abanyagihugu benshi babayeho kubw’uwo muyagankuba? Abo ni ba bandi usanga bisumamwo mu rudandazwa rutoruto.
Ntungumburanye Piyo (yahinduwe izina) adandariza amata n’izindi mfungurwa muri zone ya Cibitoke, ati “ya mata bita ikivuguto ubu narahagaritse kuyadandaza, kuko hagera ku mugoroba yamaze gupfa, nkahereza kuyasesa. Ikinsonga rero, aha nyene inzu ntazocererwa kunyishuza ukwezi guheze, kandi ntanadandaje. Aho simvuze amakori ya leta n’ibindi. Ivyo guteza imbere umuryango vyo mbona ari ukuvyibagira burundu”.
Nowa, umwe muri ba bandi bamwa imishatsi benshi bita kimyozi ntavuga menshi; ati “ubu ubwanwa bwarafutse umunwa! Nibaza ko Regideso ibigira ibibona, kuko ntivyumvikana ukuntu ico kibazo kimaze iyi misi yose, ukamengo ntaco bitwaye”.
Inyishu izova he?
Nihweje ukugene iyo ngorane imaze igihe kinini yibonekeza, sinokwizera ko umuti wayo wobonekera ku rwego rw’uruganda Regideso gusa. Nibaza y’uko leta ubwayo ikwiye kugira ico ikoze.
Ivyo navyo, vyoca mu guhamagarira no guha amahirwe abagwizatunga bifuza gushira imitahe yabo mu nganda zigwiza umuyagankuba, gutyo hakaboneka uwukwiye ku bawukeneye bose.
Ku ruhande rwa Regideso narwo, ica mbere n’uko yomenya ko, iyo idatanze umugankuba muri zone kanaka, yategerezwa n’imiburiburi kubimenyesha abayibamwo, kugira boye guhomba kabiri. Ica kabiri, n’uko yokura ubusumbasumbane buri hagati y’amakaratiye yo mu gisagara ca Bujumbura, mbere bose bakawuronswa ku rugero rungana.
Abakurikiranira hafi iyubahirizwa ry’amategeko n’agateka ka zina muntu nabo, botunganya intumbero zerekana ingene uruganda Regideso rukwiye gushumbusha abantu baba bahomvye biturutse ku muyagankuba wayo.
Ikena Ryumuyagankuba Mugihugu Cuburundi Riratey Isoni.Ico Nosaba Le Ministre Abijejw Nukwo Yorekurira Abubaka Ama Barrage(privé) Bakanabaterera Mukwubaka,car Le Pays Ne Peut Pas Se Developper Sans L’electricité