article comment count is: 1

Akigoro kabaye kuri Jonathan Rukundo karacakenewe

Ikibondo Jonathan Rukundo giheruka kuva mu bitaro, carihiwe amafaranga atari make, ayo nayo akaba yabonetse ku kamo katewe n’urwaruka rutandukanye. Runo rwabicishije mu nzira nyinshi kugira ubwo buryo buboneke. Bamuhaye Chancelle ati: “ako kigoro hariho n’abandi bana bagakeneye”.

Abakunze kuba ku mbuga ngurukanabumenyi za WhatsApp na Facebook, mwarabonye urwaruka rutari ruke, ruhimiriza bene impuhwe ngo bashigikire ikibondo Jonathan Rukundo, ngo bikunde kive mu bitaro Kira, aho cari kirwariye. Kanatsinda, biturutse ku mpanuka y’ubushe yari yashikiye uwo mwana, amafaranga yo kuriha ibitaro vyamuvuye yari yabaye umurengera, kuko yangana imiliyoni mirongo ine na zine.  

Inzira zari nyinshi. Bamwe bakoresha ubutumwa buciye ku mbuga ngurukanabumenyi, abandi bagatunganya ibiteramo, hari nabaca ku nzu ku nzu mu ma karatiye, aho hose begeranya agatererano. Ubona ko “isorosoro rigwira iyo rija”, ayo mafaranga yaratevye araboneka. Ico gikorwa kibereye gukurirwa ubwatsi!

Ariko rero, ba sokuru barayamaze bati: “Uwabaye mwiza yoba muzima”.

Abandi bana bakeneye utwo twigoro

Uko kwitanga ntikwogarukira ngaho. Kuko hari n’ibindi bibondo vyagize impanuka, none ubu bikeneye gufatwa mu mugongo. Aho notanga akarorero k’abana babiri bavukanye ingwara y’umutima udakora neza, hamwe n’uwundi agwaye kanseri yo mu muhogo.

Abo bose bagwariye mu bitaro vyitiriwe umwami Kaledi, noneho bakaba bifuza umugiraneza yobagarukirako, ngo bikunde baronke uburyo bwo kuja kuvurirwa hanze y’igihugu.

Ubona ko “inyakamwe inyaga imwe”, bano bana bagize ivyago, ariko imiryango yabo ntishoboye kubarihira uburyo bwose bisaba kugira baronke amahigwe yo kuvugwa, amagara yabo abe mazima nk’abandi. Kandi rero, ntibazi urukiza rwabo iyo ruri buzanane, kuko kuvurirwa hanze y’igihugu bisaba amafaranga menshi.

Bene impuhwe nibumve

Ngo “ukuboko kumwe kuriyaga ntikwimara uburyi”. Imiryango y’abo bana iri mu kabaje nde. Ntibazi ngo bokwitura nde muri kino gihe. Barakubita inzu ibipfunsi, ariko amikoro bafise ntahagije, uravye uburyo basabwa kugira baje kuvuza ivyo bibondo.

Mbaye bubatabarize rero, nsaba ko rwa rwaruka rwafasha Jonathan Rukundo rwokongera rugaseruka. Uwo mutima wo kwitangira abandi ukenewe na benshi. Kandi noneho, dufatiye kuri iryo teka baheruka kwandika, twokwizera ko bishoboka no ku bandi.

Mwe n’utwo twigoro twogwizwa rero ku badukeneye, mbere bene kutugira bakaja hamwe, maze bakaba nk’urunani rwamaho rw’abitangira abandi. Naho nyene uburyo batobukura mu mifuko yabo, uguhimiriza kwabo je nabonye bigira ikimazi kinini. Vyobandanya rero.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Iyo article (sinzi ingene nokivuga mu kirundi co) yandiste mu kirundi kiryohoye. Ndashimiye nongera nkeza uwo mwandisti-mumenyeshamakuru.
    Mumbabarire singize ico mvuga ku vyandistemwo naho navyo nyene bishimishije.
    Murakoze