Kuwa 20 Ruheshi 2017, hazokorwa ca kibazo ca leta kirangiza ishure shingiro. Abicishije mu kwandika ikete, Nikiza Egide arahanura abanyeshure bagiye gukora ico kibazo, ari bo yahisemwo guha izina rya Ivona.
Ivona mwana wa mama, ejo aho bukera, ugiye gukora ikibazo ca leta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye. Unkundire rero ndakwibutse ko ugiye guhangana n’ikibazo kidasanzwe.
Ni vyo uramaze igihe kitari gito uri ku ntebe y’ishure, ukurikirana ivyigwa. Imyaka icenda, ata munsi n’umwe izuba rirenze utagiye mw’isomero uretse mu gihe c’uburuhuko, si mike. Sinokwirengagiza ko umaze kwiga ibitari bike, ariko kandi ko wanabajijwe akatari gake.
Ariko rero nk’uwugukurira, yagutanze kuja mw’ishuri, akongera akanakora ibibazo atari bike bihambaye nk’ico wewe ugiye gukora mu ntango z’indwi iza, nipfuje kukwibutsa ko ugiye guhiganwa n’abanyeshure bo mu gihugu cose.
Ivyo ntavyo wari bwigere ubamwo kuva utangura kwiga. Wari umenyereye uguhiganwa n’abo mw’isomero ryawe gusa. Abo nabo ni imparurwa ugereranije nabo muzohiganwa mu kibazo ca Leta.
Ndashaka ko wumva itandukaniro rihari. Ubu uri mu mugwi munini urimwo abanyeshure bose bo mu gihugu cose bazokora ico kibazo.
Ndipfuza kandi ko wamiza mu mutwe ko mu minsi mike isigaye, ibibanza vyo kwungururizamwo iyo uhejeje iryo shure usanga biharuye. Ni na co gituma leta ica iheza igashinga amanota ayifasha kurobanura abanyeshure ishoboye kwigisha.
Ugutera imbere n’uguhiganwa
Mwana wa mama Ivona, abafise ubumenyi mw’ishure barashigikirwa na leta, maze bagatera imbere kuko baba bafise ico barushije abandi. Abo nibo igihugu giheza kikazokwikorako igihe bazoba barahejeje ivyigwa vyabo, na za kaminuza barazize.
Ariko nta cizana mukobwa. Ikintu cose cama gifise aho kivuye. Kurya babivuga mu myibutsa ngo « uwushaka umuce acika ijoro », no mwishure ni uko nyene.
Aho ni uguca wumva ko no muri ico kibazo buca ukora ugiye guhiganwa, kandi ko hamwe wovyifatamwo neza bizokugirira akamaro mu buzima bwawe.
Ukuyoberwa bifise ingaruka mbi
Warashoboye kwumva uko vyagenze mu mwaka uheze. Ndakwibutse ko urwaruka nkawe rushika 80.000 bataronse amahigwe yo gusubiramwo umwaka. Tube turareka ukwunguruzwa. Nshaka kukubwira iki none ?
Kurya wize ugashobora kuronka amanota meza mw’ishuri, nugukora ibishoboka vyose ukayaronka muri iryo higanwa ryo ku rwego rw’igihugu. Bitagenze uko, vyogorana. Wohava umara umwaka wose urindiriye ugukora ikibazo ubugira kabiri.
Muri ico gihe, amahigwe yoba ari ku rushi. Ivyoba vyakunaniye utonda mw’ishuri, vyogora ko ubimenya umaze umwaka wose atakindi ukora atari kurima.
Ivyo urabibona aho hafi y’iwacu. Wa muhungu wa Mariko agira gatatu urazi ko vyamunaniye mu mwaka uheze. Amatwi ansumira ngo azokwipima ubugira kabiri. Muvyarawe Karaveri niko kwuko nyene,…
Mwana wa mama Ivona, uguca ubwenge ni ko gukira, itange utiziganya! Hamwe naho woba ubikora, ndagusavye urushirize, kazoza kari mw’ishuri. Ugutora ico kibazo navyo akaba ari intambwe ikomeye cane.
Muri kino gihe,urwaruka ruhendwa n,ibintazi bitari bike,ngo ishure shingiro ntakamaro rimaze,ngo hari benshi baheza za kaminuza bakabura ubuzi n,ibindi.ariko rero ico bihendako nuko buca bugacana ayandi kandi ko igihugu kitazokwama mu bukene n,umutekano muke kuko arivyo ntambamyi y,iterambere ry,Igihugu.kazoza keza kari mw,ikaye kandi ukutamenya n,indwara ikomeye ariko ikira mugihe uciye kuntebe y,ishure ukiga usizeko umwete.