article comment count is: 0

Abanyamwema bazohohoterwa gushika ryari?

Haraciye amayinga abiri isi yose ihimbaje umusi mukuru wahariwe abanyamwema. Nijimbere Thierry aratuyagira uko vyifashe uyu musi ku bijanye n’ukubahiriza amateka y’abagendana ubwo bumuga mu Burundi.

Ukugendana ubumuga, nta caha kirimwo. Ukuba nyamwema, ni ubumuga busanzwe nk’ubundi bwose, nk’uko abahinga bavyemeza. Ariko, ukuba hari abaheza bakabizira kandi na bo bavutse bisanga ari ko bameze, ico ni co kibabaje. Vyongeye, iyo ata gihejeje ngo gikorwe mu gihe abo beneburundi bariko barahohoterwa, kuba ari nko gusongera isibe.

Haraciye imisi itari mike havuzwe cane amabi akorerwa abantu bafise ubumuga bwo ku rukoba, ari na bo bitwa “abanyamwema”. Naho nyene hari bamwe n’abandi bagize ico bakora mu gukingira agateka k’abo bantu, impinga iracari ndende.

Amabi bakorerwa ari kune akaba gutanu

Ugutungwa agatoke mu kibano, ugukumirwa nk’uko umengo ntaco bamaze, ukunyuruzwa mbere bakagandagurwa ku nyungu z’ibintazi, … ayo ni amwe mu mabi akorerwa ba nyamwema.

Nk’akarorero, «  kuva mu mwaka w’2000 hamaze kwicwa abanyamwema mirongo ibiri na babiri », ivyo bikemezwa na Nkengurutse Moïse, umurongozi w’ishirahamwe ry’abanyamwema mu Burundi, aho amenyesha ko abo ari abashoboye kumenyekana, mu gihe abanyurujwe batazwi igitigiri. Aho ntituvuze abo vyabaye ngombwa ko baja mu buhungiro, kuko babona ikibano cabanse.

Ayo ni amabi basanzwe bakorwerwa n’ikiremwa muntu nka bo, kuko hari n’ingorane z’ukubaho zituruka kw’ihindagurika ry’ikirere n’ibindi. Twibuke ko, iyo izuba ribaye ryinshi, abanyamwema baragira ububabare budasanzwe bwo ku rukoba no mu maso. Aho rero, iyo bishitse ntibabe bafise impuzu zibakingira canke amarori yo kubakingira imishwarara y’izuba, ubuzima burushiriza kubiha kuri bo.

Bakwiye gukingirwa

« Ikibazo c’abanyamwema kizotorerwa umuti mu gihe itegeko ryerekeye abagendana ubumuga rizotorwa », uko ni ko bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu. Nanje nkibaza nti none vyoba bituruka kuki kugira abo beneburundi ntibatunganirizwe?

Ku bwanje, mu gihe ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ndetse n’amategeko mpuzamakungu akingira umuntu wese, akamuha uburenganzira bwo kubaho mu mwidengemvyo, sintahura igituma ivya nkenerwa vyose bitojaho kugira abagendana ubumuga babeho nk’abandi bose, na cane cane amategeko abakingira.

Kuri bene kugendana ubumuga na bo, barakwiye kurushirizaho kuja hamwe, bakagira amashirahamwe yo guharanira amateka ya bo. Mbere, ni naho abakeneye kubafasha vyokworoha ko babashikira.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion