Haraciye imisi mike, Abarundi barahimbaje umusi mukuru w’abakundana, naho uwo musi wabasanze mu bihe vya politike bigoye. Wa wundi ngo « amagorwa ntasiga ayandi », amatati ya politike ari mu gihugu ntabuze kwononera abakundanye. Landry Rukundo we yibaza nimba « tutoba twasubiye muri kahise ».
Twariko tuganira n’abagenzi ku bijanye n’ibihe vya politike Uburundi buriko buracamwo, niho umwe muri twebwe yabaza ikibazo ati : « Mbega birashoboka ko wubakana n’uwo mudasangiye ivyiyumviro vya politike ? » Iki cagaragaye kw’ari ikibazo nkora mutima, kuko catumye duharira cane, noneho duhava dusanga tubibona ugutandukanye.
Armand yagize ati : « Habe n’intete ! Sinshobora kwubakana n’umwigeme azwi ko yitanga mu bikorwa vy’umugambwe uri ku butegetsi» ; agasigura ko mwen’abo bigeme har’ivyo boba batiyumvirako canke batabona. Kubwa Nelly, ari nawe mwigeme wenyene twarikumwe, ngo : « nta mpamvu n’imwe yo kwubakana n’uwitwa imbonerakure. Sinshobora kubihanganira, kanatsinda baririmba indirimbo zityoza abapfasoni n’abigeme badasangiye umugambwe. Ivyo rero bigaragaza akameremere kabo ».
Kugira nshobore kumenya ico urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi ruvyiyumvirako, vyabaye ngombwa ko mbaza ico kibazo nyene Oscar, umugenzi wanje w’imbonerakure ahejeje amashure yiwe ya kaminuza. Uno na we nyene agira ati : «Umukenyezi wanje ategerezwa kuzoba afise ikibanza mu nzego zifata ingingo mu rwego rw’abakenyezi bahurikiye mu mugambwe. Kandi ico ni ntabanduka, ategerezwa kwinjira mu mugambwe ndimwo ».
None ga yemwe tuzokwama muri vya bindi nyene?
Twihweje kahise k’Uburundi, bigaragara ko twasubiye ha handi. Nta gihe kinini kirahaca, abavyeyi bacu bahitiye bahanzwe n’ingorane zihakwa gusa n’izo : ingorane z’ubwoko. Wasanga abahutu bategerezwa kurongorana hagati yabo, abatutsi gutyo. Co kimwe n’ubu rero, ntibiboneka neza kw’abadasangiye ivyiyumviro vya politike boshinga urugo.
Ubu rero, umengo ukwiyumvanamwo ntibigikwiye kugira abashimanye barushinge. Indyane za politike turimwo co kimwe n’izo muri kahise, zarasambuye urufatiro rw’umuryango. Iyo tuvuze umuryango, dutangura kwumva ugushinga urugo. Kandi, ukurushinga biva ubwa mbere ku rukundo, si kubw’imyumvikano iyi canke iriya ifatiye ku moko canke kuri politike.
Nanje notwara uwo tudasangye ubwoko numugambwe kuk ndaziko bukebuk twotind tukab umwe ndetse numugambwe ukab umwe,ariko ntimwibagireko abakobwa babatutsikazi baterekwa uyumugambwe ubu basigaye bipfuza kwubakana n’imbonerakure ariko kuritwe INTELLECTUELS.je maze imisi ndabitohozako,
Iyi article yanditse neza cane. Abakundana kandi bagomba kwubaka ngo rugume, bategerezwa kubigira imbere y’Imana. Bategerezwa n’ugusaba igihe cose Imana ngw’ibaje imbere, ibereke inzira nziza izobashikana mu bwami bw’ijuru igihe batazoba bakiri kuri iyi si. Iyo nzira usanga rero kenshi inyuranye n’ivya politike. Unayibisavye Imana iraguha umwigeme mujanye kandi muzogumana ubuzima bwose.
Igihambaye abakundana (cane cane ari abakristu), bategerezwa kumenya n’ukwitwararika kugira ico Imana igomba ko bashikako. Naco n’ukurondera ubutagatifu kuribo n’abana bazoronka.
Umutagatifu amenyekana kubiki? Uzosanga kenshi akundana, akihanganira abansi kandi ntavy’amacakubiri ajamwo. Umutagatifu afasha aboro, akaramutsa abarwaye n’abari mumunyororo, agasabira abacumuzi n’abari mw’i purgatori. Umutagatifu arasenga cane, akirinda igicumuro, agakunda amahoro kandi akama yifuriza ineza abandi. Umutagatifu aremera ibimushikira vyose biba vyiza canke biba bibi, akama aninahaza Imana uko ibintu bigenda kwose.
Umuntu amaze gukwirikira iyi nzira ntaba acitaho cane ivy’amaronko yo kuri iyi si n’ivyapolitike.
Bakundanyi murongoranye mukundanye kandi muharanira kuronka ubutagatifu, Imana ibaje imbere yongere ibahezagire!!!
twari dukwiye kumenyako twese tutogira ivyiyumvîro bimwe kuko tugize ivyiyumviro bimwe simbona ukunt twoteza imbere igihugu.îvyiyumviro bitegerezwa kuja hamwe bitandukanye hama bigakorerwako.
Mu Bisanzwe Kahise Ni Kabi Ark Abantu Bensh Ntikarahera Hari Umwigeme Wo Mur Site »Ryanyoni » Yavuze At: »kuja Ku Muhutu Sindavyase Ark Ico Mpakanye Nukuja Kuwitwa Imbonerakure. »aho Hari Mur 2011 Nn Wumva Ar Bishasha??Jew Icombona Kubakana Nuwo Ukunda Ni Vyiza Cane Utabanje Kuraba Ubwoko N’imigambwe Kk Igituma Uburundi Butekanye Ubu Nuko Habayeho Kuvangavanga Amoko Bituma Habura Uwokorera Inabi Uwundi Naho Baba Badasangiye Imigambwe Jew Nkavuga Nti Ibintu Vyamacakubiri Nibirangire Kuk Umukobwa Niyo Yakwanka Ngo Nuko Ur Umututsi Cnk Umuhutu Cnk Inserukarukamvye Bizotuma Mu Burundi Handuka Kwinubana Gukabije Ivyo Navyo Ntayindi Nzira Bizotuzanira Atari Za Ndyane Zidahera.
Nivyo Il Faut Yuko Umuntu Yubakana Nuwo Bavyumva Kumwe Kuko Par Exemple Nta Mbonerakure Yokubakana Nuwo Mu Wundi Mugambwe Amuzi Neza Ko Batari Kumwe.Na Jewe Ntitwokwubakana Twobwirizwa Kuba Dusangiye Umugambwe Ndimwo.