article comment count is: 0

Kwiga ingeso z’uwo muzokwubakana si igikorwa coroshe

Iyo umusore n’inkumi bashimanye, maze bakaba bari mu mugambi wo kuzohava bubaka urwabo, ngo “nta kamaro ko kumara igihe kinini bariko barigana ingeso”. Ni ko Nijimbere Thierry abibona. Arabisigura.

Ba sokuru bati : “Umuhushatunga ahusha umugore”, ahandi naho bati : “Zirara ziraka bugaca zikazima”.

Iyo myibutsa ibiri irerekana ingene, iyo umusore canke inkumi yihenze k’uwo bari bwubakane, na cane cane mu ngeso zituma bahuza ku kuntu bari butunganye ivy’urugo rwabo, biraheza bikagira ingaruka ku buzima bwabo bwose.

Ikibazo rero kihari ni ico kumenya ingene umusore canke inkumi igeze mu bigero iri bwigenze mu bijanye n’ukugendereza ingeso z’uwo bategekanya kuzorushinga.

Uko buca ni ko bucana ayandi

Ngo “nta mwonga ubura isato, iba idahizwe”. Gutyo nyene, nta muntu n’umwe kw’iyi si ya Rugira adafise agasembwa canke akageso wosanga kadashimisha uwo bakundana. Jewe nemeza ko ukumara umwanya muremure ng’uriko wiga ingeso z’uwo washimye ataho bishikana. Uhereza kumuheba ngo ni kubw’ iyi ngeso, ukaresha uwundi ugasanga afise iyindi ngeso kumbure mbi gusumba iyo uwa mbere, kuko bompi n’abantu. Abarundi si bo bayamaze ngo “wirukana umugore ngo aracira ukazana uwugucirako”?!

Ikindi ni uko hagera igihe umuntu agahindura  ingeso ziwe ku mvo zinyuranye. Ndamaze kwumva akatari gake aho umugore canke umugabo ashobora kwadukana ingeso y’akaborerwe  canke ubuhumbu. None imbere y’uko bubaka, hari uwomenya ko ivyo bizobashikira mu rugo rwabo ?

Ku rundi ruhande, hari igihe umusore aresha umwigeme w’ingeso zizotuma urugo rutarama ariko ntabimenye, zikazogaragara mu nyuma bamaze kwabirana. Ni bimwe twita guhisha ingeso canke kwiyorobeka.

Nanje “nkunda abayaga bashira hamwe”

Mbe nka wa muririmvyi ngo “ndakunda abayaga bahuza”. Iyo umusore n’inkumi bashimanye, maze bakiyumvamwo ko bakwiye gushinga urugo, simbona akamaro ko kumara imyaka n’imyaka ngo muriko murigana ingeso. Kuko zirahinduka buri gihe bivanye n’ukugene umuntu abayeho.

Vyongeye, ukugendana ibihe birebire bituma hashobora kubamwo ukurambirwa. Ugasanga umusore canke inkumi yarambiwe n’ukurindira, bigahava bivamwo uguhebana ata kintu gifadika bapfuye.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.