Photo d'illustration: ©Chic Madam

«Ihiganwa ry’abigeme banini beza kandi baciye ubwenge »: hari hageze

Abigeme batanu barenza ibiro ijana vy’uburemere baheruka gutorwa ngo baserukire Uburundi mw’ihiganwa ryo gutora “umwigeme munini mwiza kandi aciye ubwenge”. Rino rigiye kuza riratunganywa mu karere k’ibiyaga binini, buri mwaka uhereye muri uyu w’2017. Hariyongabo Martial n’akanyamuneza kenshi ati kaze kuri iryo higanwa!

Mbe nyene vyazananye he ko Abarundikazi banini tutababona muri rya higanwa ryo gutora « Umurundikazi mwiza kandi aciye ubwenge? »

Ndazi ko hari bamwe bahora bibaza ico kibazo mu ntamatama, co kimwe na jewe nyene, ariko kumbure igihe ni iki co gushobora guserura ayo matsiko. Kuko be n’abo bigeme baraye babikoze birakoreka. Kuva ubu rero hagiye kuza harabaho « ihiganwa ryo gutora umwigeme munini mwiza kandi aciye ubwenge kurusha abandi », mu karere k’ibiyaga binini.

Erega na bo barafise ibiratwa

Umuvyeyi utanka uza wumva ngo « Yududuweeeeh ! Ehe ingene ikibondo kiraho kidoshe Mukama ! » Ni nde Umurundi atarumva ayo majambo? Maze ivyo bikagaragaza ko ubunini canke ukudoha ari kimwe mu bigaragaza ubwiza mu maso y’Abarundi.

Ariko rero, amatwi ansumira, ngo iyo hakurya nko mu bihugu vy’Ubulayi na Amerika ho babona ibindi. Bobo bafata ko ubwiza, na canecane ku bapfasoni n’abigeme, ari ukutaba udoshe imbere ya vyose. Nkumbure na barya batunganya rya higanwa hano iwacu babikuye aho nyene. Ikibabaje ni uko batahejeje ngo barabe ibijanye n’ubwiza ndundi canke ndetse nyafrika.

Umuntu mbere anavyihweje, womengo kubw’ayo mahiganwa, iyo umwigeme abaye ari munini aba aciye kubiri n’ukugira ubwiza. Nta kibanza aheza ngo ahabwe muri yo kuko amabwirizwa yayo usanga atamwemerera kuyitabira.

Reka mbe nka wa wundi rero ngo “amaso y’uwundi ntagushimira umugeni”, umuntu wese afise uko abona ubwiza. Kumbure uyu ashobora kuba ashima abigeme batobato ariko ntiyokwiyibagiza ko hari n’uyundi asanzwe abona ubwiza budasanzwe muri abo bigeme baninibanini. Kubera iki none tutababona bahiganwa mu bandi?

Icari ku mutima kigiye kwururuka 

Abantu rero biyumviriye gutegura iryo higanwa ry’umwigeme munini mwiza kandi aciye ubwenge, jeho ndabashigikiye kandi ndabatera n’intege. Bariyumviriye neza. Ubu rero ubwiza bw’Abarundikazi bugiye guseruka ahabona ata gisizwe inyuma.

Mbere iyo biba ibishoboka, bene gutunganya iryo higanwa, bogiye hamwe na barya bahora batunganya rirya rindi, maze rikaba ihiganwa rimwe. Ni na ho ryoba ryikwije. Nayo ahandi ho nivyaguma ugutandukanye, rimwe ryose rizoguma ari igice, kuko na none hari ubwiza buzoba butashizwe ahabona muri ryo.

Ku rundi ruhande, vyoba bihimbaye cane mu gihe ibikorwa bisa nk’ivyo vyoza biranatunganywa no mu yindi mice y’abantu bakunze gushirwa inyuma y’abandi. Ngaha novuga nk’abagendana ubumuga, ba nyamwema n’abandi. Erega na bo barafise ibiratwa.

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*