“Haga imitima ”: akajambo gasosa k’abadereva ariko kabihira ingenzi

Ugupakira ingenzi zirenze igitigiri mu ngendeshwa birahanwa n’amategeko. Ariko hari « abadereva » babirengako, kandi bakarengana ibirindiro vy’inyamiramabi. Nizigiyimana Vinciane aratubwira ivyo akunze kwibonera kw’ibarabara rya Bujumbura-Rumonge.

Muraherutse guca mw’ibarabara rya gatatu ry’igihugu benshi bita « RN3 » ? Iryo riva mu gisagara ca Bujumbura rija mu ntara ya Rumonge. Nama nariciyemwo, mba ndoye ku mirimo yanje ya misi yose.

Ejo bundi rero nagize ntya mbona umwe muri ya miduga mitomito ipakira abantu n’ibintu, benshi bita « Probox », upakiye abantu icumi. Ivyo nabiheruka hakiza ya miduga bita kagongo. Ni ho abadereva bimonogoza mu kurenza igitigiri c’abantu bapakiye, maze ugasanga na hariya inyuma hagenewe imizigo bashizeyo abantu.

Burya rero haciye akanya gato, turembeje urugengo, mbona umudereva yariko aratwunguruza arahagaze ngo « nimwegerane haga imitima », aba yongeyemwo uwundi mugabo. Uno nahavuye menya ko ari umupolisi.

Igiturire ari na co gifukamunwa

Kuri iryo barabara rya Bujumbura-Rumonge, ukurenza mu gupakira abantu bisigaye vyimonogoje. Abahaca kenshi ngira muramaze kuvyibonera. Kandi rero na ca gipolisi kijejwe uruja n’uruza kirareka be n’iyo miduga ikabandanya ukuri kwamye, nk’uko womengo nta cabaye.  

Jeho rero numvise ndengewe, nca ndondera kumenya ingene ivyo bishoboka. Ni ko kwegera umwe mu badereva dusanzwe tuzinanye. Agira ati: “Burya vyose bikorwa mu gatondo ka kare. Duhengera harya tukija mw’ibarabara, kuri rurya rugendo rwa mbere, tukibangikanya udufaranga dukeya, tugaheza tugapfumbatisha barya bapolisi bagenzura uruja n’uruza kuri uwo musi. Emwe! Aho biba birangiye, umusi wose uca ukora ata nkomanzi”.

Wa mupolisi yarenga ku gitigiri c’abo twari kumwe mu ngendeshwa, nawe nagize ngo ndamubaze igituma yubahutse ivyo kandi ari mu bajejwe kwubahiriza amategeko, anyishura atariye umunwa mu kumbaza ati: “aha ni igiki cerekana ko ndi umupolisi ? ” Kukaba nka ko, nta mwambaro umuranga yari yambaye, ariko nagira ngo akarangamutima ni ko bisunga gusumba ibindi vyose mu kazi.

Igipolisi kizozira igiturire gute?

Twama twabibonye. Aho hose hari igipolisi usangaho vya vyapa vyanditseko ko “ kizira igiturire”. Ariko ndamaze kwibonera ko imvugo ataho isa isana n’ingiro.

Ahubwo rero, indongozi nkuru z’urwego rw’igipolisi ni zo zikwiye kugira ico zikoze. Nimba koko zidashigikiye ubwo bubegito, zokoresha ubuhinga bwose bushoboka, zigashengeza abo bapolisi bifatanya n’abo badereva mu guca inyuma y’amategeko.

Nayo ingenzi zemera ko bazirengerezako, nozihanura ko uruhara rwo guhagararira agateka ka zo ruziraba imbere ya vyose, naho bica intege kwitura inyamiramabi kanaka, ugasanga ni nka kwa “kuribwa n’inzoka ukitwara kw’isato”.

Articles récents

Recent Comments ( 1 )

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*