article comment count is: 1

Afise imyaka itandatu gusa, ariko ine ayimaze apfunzwe

Mugisha (yahinduwe izina) ni umwe mu bana benshi bavundiye mu mabohero atandukanye, azira ibihano vyahawe abavyeyi biwe. Niyonkuru Prosper aratwiganira amakuba y’ico kibondo.

Mugisha (yahinduwe izina), ni umwana w’umukobwa yamuka mu ntara ya Karusi, komine ya Buhiga. Ku myaka ibiri yonyene avutse, yagiye kwisanga ari mw’ibohero rikuru rya Gitega, inyuma y’ipfungwa rya nyina wiwe. Umunezero wo gukurira mu muryango uba uramucitse. Muri iryo bohero nta magorwa atarahabonera. Yagiye ataramenya kuvuga hamwe no gutambuka neza.  Amaze gushikayo, aho gutera imbere yateye asubira inyuma. Kugera ku myaka ine nta cari bwahinduke. Acinjira ibohero, ingwara zituruka ku gufungura nabi zari zamubonye nk’ejo.  Gatoya aba atanguye kuvyimba amatama, umushatsi urabenja, n’ibindi. Ubona ko “Imana y’umworo igendera mu gipfunsi”, haserutse abagiraneza baza barabagemurira igikoma, Mugisha abona gutora ka mitende.

Uretse ingorane z’amagara make, uyu munsi Mugisha afise igikomere kidasanzwe ku mutima. Nyina amaze gupfungwa, vyatumye abo mu muryango wa se bamukurako amaboko. Aho kuronka urukundo n’igishika biva ku bavyeyi bose, ahubwo se yahavuye amuhebana na nyina.  Kuva acinjira mw’ibohero afise imyaka ibiri, kugeza uyu munsi afise imyaka itandatu, ntarigera abona se wiwe aza kumuraba. Nk’uko we nyene avyivugira, ngo uwo se yumva bamuvuga, ariko ntawe arigera abona. Iyo abajije nyina naho, uno aramukankamira, agahakwa kumukubita, ubona ko nawe nyene agendana igikomere ku mutima.  Agaterantimba !

Si Mugisha gusa

Iyo aba umwe, twogize tuti ni wa mwonga utabura isato. Ariko, abana babaye mu buzima nk’ubwo si bake. Nk’uko tubiyagirwa na Sabiyumva Savin arongoye ishirahamwe ryitaho ben’ivyo bibondo “Concern for Children in Prison”, “mu mwaka w’2016, mu mabohero yose y’Uburundi hariyo abana 58. Muri bo hakaba harimwo abahungu 25 hamwe n’abakobwa 33.  Muri abo kandi, 18 bavukiye ngaho mu mabohero, 40 nabo bazanwa n’abavyeyi babo.”

Abo bana rero ngo “baranagira ingorane zo kwandikishwa muri komine”, nk’uko Sabiyumva Savin avyemeza. Ngo “muri abo 58, 35 gusa nibo bashoboye kwandikishwa. Maze bikava ko hari abo usanga badafise ba se bazwi n’amategeko”.

“Uwutagira inasenge arisenga”

Bigenda gute none ngo mu gihugu gifise inzego z’ubutungane zikwiye, habe abana nka Mugisha bavukira canke bagakurira mu karenganyo kageze hiyo ? Ni vya bindi ngo « umwana w’imbeba azira urwanko rwa nyina ? » Canke vyoba biva ko abo bana badafise uwubavugira ? Mbe hoho birakenewe ko harinda kuboneka uwundi muntu abahagararira, mu gihe inzego z’ubutungane n’amategeko bihari ? Ibibazo umuntu yokwibaza ni vyinshi. Uko biri kwose, ikibanza c’umwana kiri mu muryango no mw’ishure.

Amategeko avuga iki ?

Uburundi bwarasize umukono ku masezerano yo kuwa 20 Munyonyo, umwaka w’1989, yerekeye ugukingira agateka k’abana. Agace ka kabiri k’ingingo ya kabiri karatomora neza ko “ ibihugu vyose bishize umukono kw’ayo masezerano bifata ingingo zose zikwiriye kugira ngo umwana akingirwe ugukumirwa kwose kwoturuka ku bihano vy’ubutungane bihabwa bavyeyi biwe canke abo bose bamujejwe”.

None habuze iki kugira abo bana batunganirizwe?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Mwiriwe bantu beza mudutohoreza amakuru hirya no hino.jewe ico nibaza,sinibaza ko hoba habuze uburyo bwo kubatunganiriza ahubwo ni vyabindi usanga umwana w’uwundi tutamuha agaciro ariko twari dukwiye gutahura ko umwana s,uwa se na nyina gusa ahubwo umwana n,uw,igihugu. Nosaba ko amashirahamwe ajejwe gukingira abana ko ico kibazo yogifata mu minwe bagakora ibishoboka vyose abo bana bagakurwa mu mabohero kandi bagashirwa mu mashule nk’abandi

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.