article comment count is: 1

« Kurara i bwishwa » : umuziro Abarundi bakwiye gusezerera

Kuva kuri ba sokuru, “kirazira ko umugabo arara mu nzu y’umukwe canke y’umwishwa wiwe”. Nikiza Egide aratubwira uwo muco iyo wazananye n’impamvu Abarundi bowuheba.

Ba Sokuru barayamaze bati : « Ibihe biha ibindi ». Ivyiyumviro vy’Abarundi vyerekeye imico bigenda birahinduka. Dufatire ku karorero k’umuziro ubuza abagabo kwaka indaro mu nzu z’abana babo b’abakobwa canke iz’abishwa.  

Uko bisanzwe bizwi mu kirundi, ni ikizira ko umugabo asaba indaro mu nzu kwa mukobwawe canke kwa mwishwawe.   Ariko rero si bose bacubahiriza uwo muziro muri kino gihe. Abatari bake, na cane cane abize amashuri canke ababa mu bisagara, bemeza ko ivyari i magera vyageruye. Ngo “ntacotuma abakiri bato uno musi baguma bisunga imico n’imigenzo imwe imwe mu gihe babona ko itakijanye n’ibihe”.

Inkomoko yo kuziririza indaro i bwishwa

Biragoye kwerekana no gusigura neza igihe uwo muziro watanguriye. Ariko abakurambre negereye bahuriza ku  ciyumviro c’uko  uwo muziro ari uwa kera cane. Ku cerekeye inkomoko yawo, ngo woba wavuye k’ « umutama w’igito »  yatse indaro mu rugo rw’umwana wiwe w’umukobwa, hanyuma «ahava akora ibizira, arangura amabanga y’abubatse n’uwo mukobwa wiwe.»

Ivyo bijanye na wa mugenzo wo “gutera intobo” canke “gushinga icumu”, aho senaka yashobora kwinjira mu nzu y’umuhungu wiwe, maze akaryamana n’umukazana. Ariko ubu ivyo nta bikihari. Aho vyoba bisigaye naho, bifatwa nk’ubuhumbu mu bundi. None ni kuki hari abakiziririza indaro y’i bwishwa canke ku mukwe?   

Bamwe barawuhevye, abandi baracawugendera

Nzeyimana Karara n’umukenyezi afise imyaka 32 y’amavuka, aba mu Bwiza muri komine Mukaza y’igisagara ca Bujumbura. Akomoka muri komine Rutegama intara ya Muramvya. Aremeza ko ari vyiza cane kwubaha imico. Ati « ariko mu gihe biboneka ko ishingiye ku bintu bidafashe mu gihe ca none, nta kamaro ko kugendera mu mwijima.»

Uwo mupfasoni yemeza ko se amuvyara, umutama w’imyaka 78, iyo amanutse i Bujumbura kwivuza canke mu manza, arara iwe. Aribaza icotuma ukwubaka vyomubera intambamyi yo guha indaro se.  

Yamara Nayubusa Varisito we, umutama w’imyaka 69 ava muri komine Mukike y’intara ya Bujumbura avyumva ukundi. Abona ko ukurara mu nzu imwe n’umukwe wiwe ari ukumenja. Ngo «abageni kirazira  ko barara mu nzu imwe  n’abavyeyi babo. Ni umuziro.» Uyo muhumure yemeza ko atigera arara na rimwe mu nzu z’abakwe biwe canke z’abageni.  Ati « iyo bwanyiriyeko, bitagishoboka ko ntaha mu rugo iwanje, nca naka indaro ahandi, hako ngoka.»  

Burya rero ngo «igihugu cubakwa n’umuziro», iyo ni impanuro dukesha Butoyi Diyodone, umwigisha wo mu gisata c’indimi n’amayagwa nyafrika, muri kaminuza y’Uburundi.

Uyo ntahakana ko bishoboka ko umuco wogenda urahinduka uko ibihe bigenda biha ibindi. Ariko rero ngo hariho ibidakinishwa. Kuri we ngo ugufata imiziro minenerwe bizana ingorane, kanatsinda ngo « umuziro ntuzira ubusa.»

Jeho ku bwanje, vyarigeze kubaho ko sogokuru avyara mawe atubahuka kurara i muhira iwacu. Ariko ubu mbona twarabirengeye, kandi ni amahoro. Uwo muziro rero uri mu migenzo mbona ko yataye igihe, dukwiye gusezerera.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. yemw oy nukri ntawoguma akurikiza umugenzo nkuwo kk ntakuntu nka oncle yob yaje kundamuts ng ndinde kuj kumusabira indaro ahandi kk umeng ntac bitwaye!!!

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.