Mbabira Ange Gloria : umwana afise kazoza muri politike ?

Abatari bake mwarabonye inkuru ica ku mbuga ngurukanabumenyi, ivuga ku mwana w’imyaka icenda yaterereye amatora yo mu mwaka w’2020, mu Burundi. Mwasigaranye ikibazo muti : uwo mwana ni nde ? Nkurunziza Appolinaire aratanga inyishu.

Bamwe ntibabitahuye, abandi bakubiswe n’inkuba, eka mbere hari n’ababiteye ivyatsi ngo « uko ni ukwitonesha kw’abavyeyi ku butegetsi buhari ». Ariko kandi hari n’ababishimye, maze batako bagira bati : « n’abandi bogira gutyo ».

Ukubona umwana w’imyaka icenda ashogomangana amafaranga angana ibihumbi ijana y’amarundi, maze akayahereza ibanki kanaka ngo « aka ni agashikanwa kanje kubw’amatora », ivyo ni akataraboneka. Ariko vyarabaye ejo bundi mu ntara ya Ngozi, ku wa 22 Gitugutu, 2017.

Muti rero uwo mwana ni nde koko ?

Yitwa Mbabira Ange Gloria, avuka mu gisagara ca Ngozi, ndetse akaba ari naho aba. Afise imyaka icenda y’amavuko, akaba yiga mu ntango z’amashure shingiro.

Se wiwe ni Kazimburo Roger, umudandaza akomeye wo mu ntara ya Ngozi, mbere yahoze atwara urunani rw’abadandaza bo mw’isoko nkuru ya Ngozi bahurikiye mu mugambwe cndd-fdd. Akaba kandi ari uwahoze ari umugwanyi, maze benshi bakaba bamutazira Koloneli Mbabira. Ni uko rero iryo ritazirano akaba yaciye arihereza uwumukomokako nk’izina.

Nayo nyina wiwe, Kamatamo Odette, ni umudandaza nawe nyene, akaba afashanya n’umucance wiwe mw’ico gikorwa.

«  Umwana adasanzwe »

Kazimburo rero agira ati : « Mbabira si umwana asanzwe. Arakunda kubaza utubazo twinshi, vyerekana ko afise inyota yo kumenya ibintu vyinshi. We nyene ubwiwe yaranyegereye aranyibwirira ko yipfuza guterera amatora. Vyaturutse kubera yabonye umukuru w’igihugu yatanguje ico gikorwa, maze umwana abibonera ku mboneshakure y’igihugu. Ndaheza ndabimukundira. Ni ko kubishira mu ngiro. »

Ku kibazo co kumenya iyo Mbabira Ange Gloria yakuye uwo mutima wo kwiyumvira ku bijanye na politike, se yishura ati : «burya vyose biva mu mwaka w’2013. Ico gihe, umukuru w’igihugu yaragendeye intara yacu, maze uwo mwana baramugomwa mu bandi kugira aje kwakira uwo mutegetsi. Kuva ico gihe vyamugumye mu mutwe, ku buryo adasiba kuraba imboneshakure; kumbure bimwibutsa iryo teka yatewe ico gihe. Ariko kandi iyo duteramye i muhira, tuyaga ivya politike n’abandi, usanga yabanze amatwi yumviriza. »

Hanyuma amateka n’amategeko agenga abana na yo?

Ukivyumva, wogira uti “biragaragara ko ico kibondo cakwegewe mu vyo kitaragera gutahura”.

Ariko rero, hari isezerano ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryemeza mu ngingo ya ryo ya 12 ko “ari ngombwa kwumviriza no guha agaciro ivyiyumviro vy’abana ku kibazo ico ari co cose ca politike, mu gihe bashatse kugira ico bashikirije.” Bitayeko, igisata Unicef gikorera cane mu gukingira agateka k’abana, carasohoye icegeranyo muri Mukakaro umwaka w’2001, aho gitomora ko abana bafise uburenganzira bwo kugira ico bashikirije ku bibazo vya politike, naho nyene ubwo burenganzira butabarekurira kuja mu mabanga abaha gufata ingingo. Ngo baraheza rero bagafashwa n’abantu bakuze kugira ivyiyumviro vyabo bihabwe ikibanza.

Nayo ku bwanje, kugira umwana ashobore kuja mu bikorwa vya politike, yategerezwa kuba amaze  gutahura ikibi n’iciza. Ku myaka icenda, nibaza ko ari kare cane.

Articles récents

Recent Comments ( 4 )

  1. Kubwanje nibaza ko uwatohoje iyo nkuru yari no kubaza uwo mwana ntabaze umuvyeyi gusa umwana arinda afata ingingo nkiyo nyivyari kumunanira gutanga iciyumviro ciwe…. nukumwegera mukaryohora iyo nkuru

  2. Ahubwo Yaba Mwotubarije Iyo Yakuye Amahera Aterera Amatora.Kuba Se Wiwe Yari Arongoye Ishirahamw Ry’abadandaza Ririmwo Aba Cndd- Fdd Vyumvikana Kuko Uwo Mwana Ntahandi Yari Gukura Uwo Mutima

  3. Birashoboka ko abavyeyi ataco babimubwiyeko, mugabo dufatiye ku vyerekeye inyifato y’umwana mu gukura kwiwe, akora ivyo akura abona, ivyo abavyeyi baha agaciro nivyo umwana aha agaciro, imvugo z’abavyeyi nizo mvugo umwana yakira agakoresha. Ntibikwiye kudutangaza ahubwo biduhe icigwa co kumenya neza ko indero y’umwana iva kukugene abavyeyi babayeho atari ivyo bamuha. Ivyo nabisiguye cane mu gitabo nanditse mu kurangiza amashuri ya kaminuza  » MEMOIRE INTITULE: LES EFFETS DU DIALOGUE PARENT-ENFANT SUR LE DEVELOPPEMENT AFFECTIF DES ENFANTS  » kuri kaminuza HOPE OF AFRICA UNIVERSITY mu mwaka wa 2012.

  4. Murakoze! Nshimiye abanditsi bayaga kuri uwo muco mutanze. Ku bwanje ndabonako nihweje, politique , rimwe na rimwe urasanga ari urukino rudasanzwe kandi rukinwa kuburyo bwinshi: haba mu mafranga, ubuganji ico nokwita ubukomezi be ni muruyeri. Uwo mwana wa mbabira nivyiza kubaya yarahawe na se amahera kuko bizofasha se gushika mu mabanga yipfuza kandi nsinohava nshinga intahe ngo niciyumviro c’umwana mbabira ahubwo ni Papa mbabira kandi asa n’uwashitse kuco yipfuza kanatsinda ni richard: MILLIARDAIRE.

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*