Photo d'illustration - Profile Facebook

Adelphine Nimfasha, Umurundikazi w’umuhinga mu kugendesha ikinga

Mu mico n’imigenzo vy’ikirundi, hari ibikorwa usanga bifatwa cane nk’ivyagenewe igitsina kimwe kurusha ikindi. Hano, Nijimbere Thierry aratuyagira inkuru ya Nimfasha Adelphine, umwigeme akiri muto ariko amaze kuba rurangiranwa mu kugendesha ikinga, kandi hari abokwibaza ko ivyo vyagenewe abagabo.

Amazina yiwe ni Nimfasha Adelphine, umwigeme w’umurundikazi avuka muri komine Gihanga, intara ya Bubanza. Aracari muto uravye igihagararo, ariko ku bukerebutsi bwiwe, Adelphine Nimfasha aramaze kwubaka izina biciye mu buhinga afise bwo kugendesha ikinga.

Ku myaka 15 gusa y’amavuko, uyo mwigeme aramaze kuba rurangiranwa mu gihugu ciwe, mbere no hanze ya co, aho atana mu mitwe n’abandi banonosti muvyo kugendesha ikinga agatahana ikibanza gishimishije.

Ngo “ubuja gusha buratagata”

Nk’uko bimenyeshwa n’iradiyo Ijwi rya Amerika, muri kino gihe Adephine ariko yitegurira kuja mu gihugu ca Afrika y’epfo mw’ihiganwa mpuzamakungu ryo gusiganwa kw’ikinga.

Nimfasha Adelphine ati: “ natanguye kwiga kunyonga ikinga ngifise imyaka itanu”.  Ubuto bwiwe bwaranzwe n’umwete mwinshi arondera kuzoba umunonotsi muvyo gusiganwa kw’ikinga. Nk’uko umwe mu bo mu muryango wiwe abivuga, “uko yagenda akura niko yagiye aramenyera kugendesha ikinga, araheza abigira urukino rwo kwiryohera. Haragera aho iyo umuvyeyi amutumye nk’ahantu, yaca ahitamwo gufata ikinga imisi yose”.

Mu mwaka w’2015, ikomine ya Gihanga yarateguye ihiganwa mu ntumbero yo “ kubumbatira amahoro”. Nimfasha Adelphine yaronse ikibanza ca kabiri,  ivyahavuye bimuha akaryo ko kugaragaza ubuhinga afise mu maso y’abatari bake, noneho bimuviramwo akaryo ko kujabuka imbibe z’Uburundi. Igihugu ca mbere yagendeye cabaye ica Misiri. Aho Nimfasha Adelphine yatanye mu mitwe n’abandi bigeme bavuye mu bihugu bitandukanye bari baje mu myimenyerezo, aca atahukana ikibanza ca mbere.

Uyu musi ubutumire bumuhamagarira kuja mu mahiganwa yo kugendesha ikinga ategurwa n’ibihugu bitandukanye kw’isi buracanacanako. Nawe ntahengeshanya gutera iteka Uburundi mu kwama atahukana ubushimwe aho hose atumiwe kuja guhiganwa.

Akarorero mu bakobwa

Igishingantahe c’iyo ndanga kirakwiye kubera akarorero abandi bakenyezi boba bacikengera ngo ntaco bashoboye. Kanatsinda, mu bice bimwe bimwe vy’igihugu, womengo ni ikizira ko umwigeme agendesha ikinga. Ariko, Nimfasha Adelphine ntarigendesha bisanzwe, ahubwo aba n’uwa mbere mu mahiganwa yo kurigendesha.

Ku rundi ruhande, si agaseseshwarumuri ko Abarundi batari bake bakibona umengo ni ishenyo yambaye ingata, iyo babonye umwigeme ariko arakora imyuga imwe imwe bita ko “yagenewe igitsina gabo”, abo rero nibajijuke, na kare ngo “amase ya kera ntagihoma urutaro”.

Kurikirana hano munsi amasanamu y’ikiganiro Nimfasha Adelphine yagiranye n’iradiyo VOA hano:

https://www.radiyoyacuvoa.com/a/4063123.html

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*