article comment count is: 0

Ikibanza c’umushingantahe coba ari icahe mu muryango?

Hari abibwira ko akamaro k’umugabo mu rugo kagarukira mu kurondera ibirutunga. Ihibambe we! Hari n’ibindi. Dushime Divin arabitwiganira, ashimikira ku buzima bwa Akimana, umwana yakuze nk’uwutagira se kandi uno ari muzima.

Akimana (yahinduriwe izina) ni umwana w’umuhungu aturuka mu ntara ya Ngozi. Imbere yuko avuka, umuryango wiwe warahunze urwimo rwo mu 1993 nk’abandi benshi, maze uhungira ku mugwa mukuru w’igihugu.

Se asa n’uwutitayeho umuryango wiwe bikwiye kuko no mu guhunga babifashijwemwo na inarume wiwe. Umuryango ubaho mu buzima butoroshe, maze inyuma y’imyaka ine bari mu buhungiro, Akimana aravuka, avukira mu muryango ubayabaye mu butunzi, avuka nk’umuhererezi mu bana batandatu. Aho hose, Se na nyina babana biciye mu mategeko. Ariko vy’ukuri ntibamarana umwanya nk’umuryango, kuko se yagenda ariko ntibamenye iyo ari, ndetse n’umwaka ugahera. Maze urwimo ruturuye, babona gusubira iyo baje bava. Aho hose, se siho yari.

Amaze gukwiza imyaka itatu, Akimana yibuka ko yabonye se aje azanye umukate ari kumwe n’uwundi muntu mu modoka, ariko ntiyashobora kumumenya neza kuko atigeze aguma hamwe ngo arerane umwana wiwe na nyina. Ku myaka ine naho, Se yaragarutse mu rugo naho nyene ata kinini yashitse yungura umuryango, haba mu kuriha inzu canke ngo yibuke kurihirwa abana ivya nkenerwa nk’uko bibereye. Ico gihe cose, nyina yagumye afashwa na musaza we gusa.

Ibibazo ntivyabura kuko nubwo Se yabura uburyo bwo gusuma ivyo gufungura, ay’ukunywa inzoga yo ntiyayabura, maze agataha aborewe, agakubita abana kubera akaborerwe.

Ku myaka umunani, biturutse kuko se yari yagurishije itongo batanabivuganye n’umutambukanyi wiwe, n’amahera ntiyamenya iyo yagiye, nyina wa Akimana yahisemwo kureka kwugururira umugabo wiwe mu gihe yatashe mw’ijoro yaborewe atanico gufungura yari yatanze. Noneho se asubira kumara igihe kinini adataha.

Inyuma yaho Se agiriye

“Izo ngorane zose zanteye gukura mbona ko ndi uwo kugora abandi. Maze ntangura kunywa itabi ku myaka umunani ngo ndazibagire”, ni ko Akimana atuyagira.

Amaze kwisununura mu myaka, Akimana yarahevye kunywa itabi, bidasigura ko ingorane zari ziheze. Ahubwo yaciye afata ingingo itoroshe: ukwiyahura. Amaze gushira umugozi mw’izosi, ivyiyumviro vy’urukundo afitiye nyina na bakuru biwe biramuvyuka, maze ahagarika uwo mugambi mubi.

Se na nyina barahukanye bidaciye mu mategeko. Abana bakuranye igisebe ku mutima, ariko ngo “bibaha icigwa co kubaho ubuzima bwose”, nk’uko Akimana ibitwiganira. Nimba se yarahomvye umufasha, nyina akahahombera umunega, abana bo bahaburiye ubuzima bubabereye, kandi ubwo bubabare bw’umutima bakazobubana ubuzima bwabo bwose.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.