article comment count is: 1

Nankana ngo umugore ashobora gutuma umugabo wiwe arenga ibigo?

Déogratias amaze guhakwa kurenga ibigo incuro zibiri zose. Kandi vyose ngo vyaturutse kuri Alice, umutambukanyi wiwe. Landry Rukundo aratubwira ingene yoba ari  mugore amamuko y’ukurenga ibigo ku munega wiwe.

Twama twumva ngo “urugo ni babiri”, canke ngo “umugabo ni we mutwe w’urugo, nayo umugore akaba umutima warwo”. Izo kenshi ziba ari inyigisho zihabwa ababa bagiye kurushinga.

Bacambikana impeta, womengo bizoca bigenda neza. Ariko ntidusiba kubona aho serugo na inarugo banse guteka ngo bishe, maze bakama muri zuguruzuguru. Umugabo akaba barata baratora, bimwe twita kurenga ibigo.

Burya rero ngo inarugo ashobora kuba inkomoko nyamukuru y’ukurenga ibigo kw’umunega wiwe. Muti bituruka kuki ?

Ukwadukana ingeso nshasha mu rugo

Burya rero ngo “mu rukundo habamwo ukumenyerana. Umugabo akamenyera ingeso z’umugore wiwe, n’umugore ni ko k’uko. Iyo rero nk’umugore yadukanye ingeso nshasha mu rugo, ngo bituma umunega wiwe ataba acumva ko yisanze mu rwiwe, maze akaja kuronderera akaruhuko hanze”, uko ni ko tubisigurirwa na Ndayishimiye Beny, umuhanuzi w’ingo n’imiryango.

Nduwayo Déogratias ni umushignantahe amaze imyaka itandatu yubakanye na Muhimpundu Alice. Yisigura avuga ko hageze igihe umugore wiwe akamuyobera, kuko yari yazanye iyindi mico mishasha mu rugo. Ati: “umugore wanje  yarahindutse.  Haheze nk’umwaka  atanguye gucuruza impuzu, aba yaronse abagenzi bashasha. Baramukundishije ikirabo, ubu asigaye ataha mw’ijoro rikuze. Ikitavuzwe co ni ukwitaho abana. Iyo ndamubujije iyo ngeso  mbi y’akaborerwe, aranyerurira ko ata mahera yanje ajana mu birabo, ko ataje kwubaka ngo yibohe, yibuze umunezero. Umuryango waramuhanuye kenshi ariko vyaranse ko ahinduka, ntakigira uwo yumvira.”  

Noneho rero ngo “ukwihangana bifise aho bigarukira”, akemeza ko amaze guhakwa kurenga ibigo incuro zibiri zose ariko akigarura ku munota wa nyuma.

Niko ngo umugabo arakora ivyo atokoze

Ndayishimiye Beny ati: “umugore burya arashobora gutuma umugabo arenga ibigo bivanye n’uko amufata nabi, kandi akabikora bitavuye ku ngeso mbi. Muri ico gihe, umugore niwe ategerezwa kwihanura, akisubirako kuko kenshi iyo umugore atikubise agashi bihera habaye ukwahukana. Ni abagabo bake bashobora kubisabirako, bakavyihanganira igihe kinini. Umugabo iyo yiyumva ko yatakaje icubahiro, bisa nk’uko aba yatakaje ubugabo. Ni co kimwe n’umugore iyo yumvise ko ata gikundiro agifise, yumva umengo ntakiri umugore.”

Noneho rero ibitabu vyeranda birabitomora: bagabo nimukunde abagore banyu, abagore nabo bubahe abagabo. Ugushigikira umugabo mu buzima arimwo, ndetse n’ukumwubahira ubugabo bwiwe, ni zo nkingi nyamukuru zo kumurinda kurenga ibigo. Umugore rero iyo atitayeho izo nkingi zibiri, araheza agahinduka inkomoko y’ibibazo mu rugo.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.