article comment count is: 0

Ikarata ndangakazi ku bakozi bo mu nzu: umugambi ntanyungu

Biturutse ku mashirahamwe avuga ko aharanira agateka kabakozi bo mu mazu, mu gisagara ca Bujumbura, abo bakozi barafatiwe ingingo zibategeka kwiyandikisha, hanyuma bakagura ikarata ibaranga. Iradukunda Laude Ersine arerekana ingene iyo ngingo ataco yunguye abo yega.

Haraciye ikiringo cababa umwaka hafashwe ingingo ko abakozi bose bakora ubuzi butobuto bategerezwa kwandikwa, bakabaho bafise ikarata ndangakazi ibadondora. Iyo ngingo yatanguriye mu gisagara ca Bujumbura, hanyuma ija gukwira mu gihugu cose, ubona ko umwera wama uva i bukuru, ugakwira hose.
Turetse ko iyo ngingo itatahuwe na gato nabo yega, biboneka ko yabaye nta kimazi, na cane cane ku bakozi bo mu nzu, canke ba bandi badandaza utuntu dutoduto mu mabarabara, nkuko abo yerekeye babisigura.

Imvo nimvano ziyo ngingo

Mu ntango ya vyose, twatanguye kumva imiduga itembera hagati mû makaratiye, igenda irahimiriza abakozi bo mu nzu kwiyandikisha ngo bahabwe ikarata ndangakazi. Maze baravuga n’ikiringo ntarengwa co kwiyandikisha.

Mwoba mumaze kuyaga nabakozi bo mu mazu iwanyu ngo bababwire akunguko boba barakuye muri uwo mukwabu wo guhabwa amakarata ndangakazi? Jeho, abo aho mbaye bagira bati: Iyo karata iradufasha gukora akazi kacu twidegemvya ntitucirukwako nigipolisi”. Igipolisi? Bisigura ko barihishwa amahera angana ukuraho kugira baronswe umwidengemvyo mu kazi? Kare na kare, ubwo ni uburenganzira bahabwa n’ibwirizwa shingiro, ndetse n’ayandi mategeko yubahiriza agateka ka muntu.

Bakidoga rero bati: nayo ahandi ho, dusanzwe turonka agashahara gato, none twongereko ayiyo karata hamwe nintererano ya buri kwezi? Ni amananiza. Ntibarira busema, kuko barihishwa ibihumbi munani vyamafaranga yamarundi buri mwaka mu kugura iyo karata, hama bakama batanga amafaranga amajana atanu buri kwezi yintererano.

Akunguko kari he none?

Naho biri uko rero, mwohava mugira muti reka nawe nu! Nta wotanga amahera nkayo ataco ari buhungukire mu nyuma. Ariko, uretse ko bene kuyatanga bakora ubuzi butagengwa namategeko azwi kugeza ubu, ntibonagira ingorane hama ngo biture ayo mashirahamwe mu nyuma.

Ni ryari none bene gufata iyo ngingo bazohindukira bakiyumvira ku neza ya bene kubaha intererano? Ubona ko bano bapfuye kwubahiriza irivuye i bukuru batazi ico rigamije.

Ku bwanje, umugambi nkuwo wari ukwiye kuza ugamije akunguko kuri bene intererano mu kubaho neza kwabo. Aho novuga nko mu kuvuzwa mu gihe bagwaye, ukuziganya nukuguranana, canke ndetse ugushigikirwa mu butungane mu gihe barenganijwe mu kazi. Izo none si zo ngorane abo bakozi babayemwo? Nayo ukuvuga ngo ni ku mvo zumutekano numwidegemvyo wabo, ni nde yosigura ihuriro riri hagati yamahera agura ikarata ndangakazi, intererano hamwe numutekano wumukozi wo mu nzu? Kuko na none nya bakozi nyene baba bananditse muri twa dutabu twababaye mu rugo kanaka.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.