article comment count is: 1

Ni nde yavuze ko uwahejeje kaminuza atofata isuka ngo arime ?

Ngo hari abanyeshure benshi baheza za kaminuza, maze bakibwira ko kubw’ivyo badashobora gufata isuka ngo barime. Bibaza ko uwo mwuga ari uw’abatize. Ndikumwenayo Rénovat arabakebura ati “teshwa mute”!

Ba banyeshure bahejeje za kaminuza uza wumva ngo “woheza kaminuza ugatahira kuja gufata isuka?”. Kandi rero abatari bake bakiyumvira uko, ku buryo bahitamwo kuguma bicaye mu gisagara, canke bagakora imyuga ata nyungu ifadika ibazanira, noneho ngo nta woja kurima yaraminuje.

Mwe n’ivyo vyiyumviro vyarataye igihe, aho wasanga hari abibaza ko umwuga wo kurima wagenewe abatize, kuko na none hari benshi bize, bagahereza gufata nya suka, kandi amajambere agataha iwabo ukuri kwamye.

Uwabishoboye: Muhire Teddy Eloge

Mu kiganiro yahaye ikinayamakuru Iwacu mu mwaka w’2016, uyo mushingantahe wo mu ntara ya Ngozi akwije imyaka 36 yarangije ivyigwa vy’ubudandaji mu gisata cigisha ibijanye n’ubutunzi, muri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika. Aremeza ko guhereza kurima bitamutetereje.

Ati: “nahejeje kaminuza nca ndonka akaraka k’imisi mike mw’ihinguriro Brarudi, ari naho nakuye agatahe. Nca mpitamwo kuja kurima. Nahereye ku nyanya ( abandi bita itomati), hama nshiramwo intore, amashu, ibitunguru, n’ibindi. Vyose vyarimbutse cane, noneho mbona gutangura gukora rwa rudandazwa nari narize, muga nkadandaza ivyo niyimburiye”.

Iruhande yo kurima, afadikanya n’ukworora inkoko, ari nazo zimuha ifumbire akoresha. Urwego uwo mushingantahe agezeko ni runini, kuko ivyo bikorwa vy’amaboko yiwe vyungutse cane. Ubu ari mu rwego rwa ba bandi baranguza, mbere ugasanga aho ikilo c’inyanya abandi bakigurisha amafaranga igihumbi n’amajana abiri y’amarundi, wewe akigurisha amafaranga igihumbi, kuko aba yimbuye amatoni menshi yifuza gushora.

“Uwudakora ntakarye”

Uwarivuze n’aryumeko. Nimba koko umwuga wo kurima twowuhebera abatize, ubumenyi abize boba bafise bwoba bumaze iki? Ku bwanje, nimba igikorwa kanaka uwutize agishobora, burya uwize we yobishobora akanarenzako.

None rero mwebwe muhejeje za kaminuza, kura amaboko mu mpuzu musohore isuka, nayo ivyiyumviro vyataye igihe nk’uko womengo bose bazoherera gukora mu biro mubireke.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.