Ubugeni bwa Annonciate na Bernard : « Urukundo ntiruraba igihagararo »

Abari ku mbuga ngurukanabumenyi mwarabonye amasanamu y’ubugeni hagati y’abantu babiri batandukanye cane mu burebure, ivyatangaje benshi. Kuwa 12 Myandagaro, hasigaye amasaha make  ngo habe indagano zo mw’ishengero, Annonciate yaragize ico abwira Yaga, tubifashijwemwo na Nkurunziza Appolinaire.

Buno bugeni bwaratumye abatari bake bagira ico bavuze ku rubanza rwa bo, mbere benshi ugasanga hirya no hino ntibariko baratahura ingene uwo musore yashoboye gushima no kuresha umwigeme batandukanye ukuri aho mu burebure. Bamwe bakaba baranibazako uwo mwigeme akiri umwana muto. Ariko, « urukundo rukora ivya rwo », nk’uko nyene gukobwa abituyagira.

Yaga : Munezero Annociate, urubanza rwanyu ruriko ruravugwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi, wotuyagira ingene mwashikiranye n’umukunzi wawe?

Annociate : Yitwa Munezero Bernard, turitiranwa kandi ico ni ikintu kiduhimbara cane. Umusi wa mbere duhura nari mvuye kw’ishure rya Don Bosco gukora ikibazo ca Leta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza, agize arumva ko twitiranwa aca ahera aho mu kumvugisha. Twarayaze hanyuma turatandukana, je mbere nabona bihereye aho nk’ibisanzwe. Ariko haheze imisi  nagize gutya numva arampamagaye, sinzi n’iyo yakuye inomero za ngendanwa yanje, hama turayaga. Mu nyuma rero nahavuye nimukira hafi y’aho aba, ubugenzi buca burakomera, turagwiza imigenderanire.

Yaga : Hama mumaze gukundana ?

Annociate : Tumaze imyaka hafi ine turi kumwe nk’abakunzi, kandi mu rukundo rwacu turi abantu bugurutse cane. Nkuko bisanzwe rero mu mico y’ikirundi, umuhungu niwe azana iciyumviro co gushinga umuryango, nayo umukobwa we yakira uwuje. Amaze kubimbwira narabanje ndizemazemesha kugira ndabe ko abishizemwo ishaka. Ivyo kuko kenshi abahungu barakuresha atantumbero yo kwubaka bafise. Maze kubona ko yashimitse kandi anyubahiriza muvyo nkunda canke nanka, narahejeje ndavyemera.

Yaga: Umukundira iki, yagushimye iki?

Annociate (amwenyura cane) : Icambere nuko namusavye ko yotenyenya nkabanza nkaheza ishure rya kaminuza. Sinari kwemera ko twubaka ntaraheza kuko kenshi biragoye kubandanya kwiga wubatse, cane cane ku bakobwa. Haraho uburyo bubura canke umugabo akakwihinduka, yarabinyemereye, bituma ndamukunda cane. Ikindi, Munezero Bernard wanje ni umuhungu akunda gusenga, narabimushimiye ntako mfata ingingo yo kumwemera.

Yaga: Abaguhanuye wavyakiriye gute?

Annociate: Nta bantu nahanuje ku vy’ukuri. Usanga bigoye kuko benshi baguhanura ibintu bitari vyiza na gato. Kimwe gusa, umuntu ahanuza umutima wiwe n’Imana yiwe yo mw’ijuru. Burya urukundo ni urwa babiri. Ndetse n’imiryango iza mu nyuma, kuko si bo bazoba bagiye kutwubakira. Ariko kumpande zose jewe mbona baravyishimiye, naho nyene ata nyambo ibura agahonzi. Kuko umusi twagira ivyo kwimenyekanisha mu miryango baradushigikiye ku bwishi. Ku vyerekeye ikibano, abantu bavuga vyishi cane, kandi benshi babivuga nabi ngo ubugufi, uburebure n’ibindi. Bavuga amajambo nk’aho umenga ntaho tuzoshika, ngo tubivemwo. Ariko twebwe ntivyaduciye intege na gato. Sindigera nipima ngo ndabe neza na neza uko ndeha, ariko nibaza ko mpima nk’imetero imwe n’ibice mirongo ine, Bernard nawe akandusha nk’ibice mirongo itatu.

Yaga: Gira ico ubwiye abariko bagira ico bashikiriza ku bukwe bwawe na Bernard?

Annociate: Abinjira mu rukundo rwa babiri, kubera bataba bazi icabahuje, nobahanura kugabanya amajambo, kuko iyo bigenze neza abo bantu bagatera imbere, umuntu aba yaravuze nabi aramaramara cane. Ahubwo rero bari bakwiye gusabira abo babiri kugira ngo ishaka ry’Imana riranguke.

Ko urubanza rwacu rukwiragizwa ku mbuga irya n’ino, mu bisanzwe jewe ntaco bintwara, kanatsinda ndabishaka ntabishaka ntikibuza ko bimenyekana kubera ubuhinga bwa none bwagwiriye, ntumenya uwavyamamaje.

Articles récents

Recent Comments ( 9 )

  1. nanj ndashigikiy bernard na annociate bimw vyinvamutima
    urukundo ni babiri gusa,hajemwo uwagatatu aba yibomye.

    Imana ibaj imbere murugo rwabo bikundanire uwanka yangare.

    1. amaso yibikere ntabuza abavoma,mwebwe nimwibandanirize mukwiyubakira ugwanyu,Imana Ibajimbere;basiba kurima ntibasiba kuvuga kandi bakarenga ayabo bakavuga ayabandi,Bernarnd na Annociate Rurema Abane namwe.

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*