« Ukuvuza abavukana ubumuga » : twese biraturaba

Turakunze kubona abantu birigwa barayererana abana bafise ubumuga kuri za ntebe zifise amapine, ahandi ugasanga babarambitse ku mpande z’ibarabara, mu ntumbero yo gusega. Nizigiyimana Vinciane ati « ivyo bituruka ku kutitaho abo bana kuva bakivuka », akerekana uruhara rw’umwumwe wese mu ntumbero  yo gukingira ivyo bibondo.

Nshimirimana (yahinduwe izina) ni umwana yavukanye ubumuga bw’amaguru n’amaboko, ubu akaba akwije imyaka indwi y’amavuko, muri komine Buyengero y’intara ya Rumonge. Kumbure bitewe n’ukutamenya, abavyeyi biwe ntibashoboye kumujana kwa muganga akivuka kugira akurikiranwe, maze ababifitiye ubumenyi bamufashe gukurana ubushobozi bwomufasha gukoresha ibihimba vyiwe vy’umubiri neza. Ubu rero aho bigeze, asigaye ari ntahomfatwa, kandi nta n’amahirwe akihari y’uko boshobora kugira ico bahindura kuri ubwo bumuga yahavuye akurana.

Ico bikoze, ubu asa n’uwahindutse umutwaro ukomeye ku muryango, kuko ubu biba ngombwa ko bamwicarika mu giseke kugira bashobore kurima, nayo ahandi ho bisaba ko baguma bamuhetse, canke bakaraba aho baryamika.

Ako karorero kanyibutsa ba bana bose usanga bariko batemberezwa mu bisangara, ngo kumbure ubumuga bwabo bwogira abo butera ikigongwe, maze bene kubatembereza bagafatira aho kugira basegerereze.

Hari ibigo bifasha be n’abo bana

Ikigo citiriwe umweranda Kizito, Akamuri, vyo mu gisagara ca Bujumbura, ikigo “CENAR” co mu ntara ya Gitega n’ibindi, aho hose barakurikirana be n’abo bana, kandi ugasanga umwana arashoboye gupfupfaharizwa ubwo bumuga aba yaravukanye, ndetse akagira n’ico yimariye mu buzima.

Iyo mbonye abana bakurana ubwo bumuga rero, ndibaza ibibazo bitari bike: ni kuki hari abavyeyi batajana abo bana kwa muganga, maze bakarindira ko bahinduka imitwaro bamaze gukura? Mbe hoho ni kubera iki intwaro zo hasi zidahimiriza be n’abo bavyeyi ngo bajane abo bana mu bigo vyabigenewe? Kanatsinda, iruhande yo kuba umutwaro ku miryango yabo, ni n’uruhombo ku gihugu, kuko ntaco baheza ngo bagikorere.

Twese biraturaba

Yaba abajejwe intwaro kuva hasi kugeza hejuru, yaba ikibano canke imiryango ya be n’abo bana, bose barakwiye kwumva ko hari ico bahamagarirwa gukora kugira ubuzima bw’abo bana ntibuhinduke ingorane.

Ku ruhande rw’intwaro, harakenewe uguhimiriza abibaruka abana bafise ubumuga, kandi hakanashirwaho amategeko akingira abagendana ubumuga, kugira na ntaryo bafashwe bikwiriye, noneho bafatwe nk’abandi banyagihugu bose.

Nayo ku vyerekeye ikibano n’imiryango ya bene kuvukana ubumuga, birakenewe ko bafata mu mugongo mu buryo bwose ivyo bibondo, kuko  navyo biharurwa muri Burundi bw’ejo.

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*