article comment count is: 2

« Nta nkokokazi ibika isake zihari » : imyibutsa itatu yerekana ikumirwa ry’abakenyezi i Burundi

Kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro, amakungu azohimbaza umusi wahariwe umukenyezi w’umunyafrika. Ariko kandi, igenekerezo ry’uwa 8 ntwarante, harahimbazwa umusi wahariwe umukenyezi muri rusangi. Kubwa Rukundo Landry, bisigura ko muri Afrika, umukenyezi adahawe agaciro kamukwiriye,  akagirako aducira ku mayange ku vyerekeye umuco w’ikirundi.

Mbega ni kubera iki kw’isi hashizweho imisi ibiri itandukanye, yose yahariwe umukenyezi, kandi Afrika bakayiharira umusi wayo? Ico ni ikibazo umwe wese yokwibaza, mu gihe buca duhimbaza umusi wahariwe umukenyezi w’umunyafrika.

Nakomeje kuvyiyumvirako, nsanga koko umukenyezi wo muri bino bihugu vya Afrika arakumirwa cane. Mfatiye nko ku gihugu c’Uburundi, ari na ho benshi tugeza amaso, umuco kama wacu ushira inyuma igitsina gore, mbere ukamengo umugore si ikiremwa muntu co kimwe n’umugabo.

Hano nagomvye gushimikira ku myibutsa itatu y’ikirundi yerekana ikumirwa ry’umukenyezi.

« Nta nkokokazi ibika isake zihari »

Koko umukenyezi nta yofata jambo abagabo bahari ? Uwo mwibutsa urakunze kuvugwa n’abagabo bashaka kwerekana ko ari bo bafise ijambo ry’ukuri, ijambo rya gishingantahe gusa. Erega hari n’imanza usanga umukenyezi vyabaye ngombwa ko arondera umugabo atuma ijambo, bitumwe n’ukuba yaranyuzwe n’iryo kumirwa.

« Amazi abaye make aheberwa impfizi »

Nguyo uyundi mwibutsa usangamwo ikumirwa rikomeye rigirirwa umukenyezi. Dusanzwe tuzi ko impfizi mu mico y’ikirundi igereranywa n’umugabo. Aho rero ukumva mw’uwo mwibutsa ko, iyo hagize ibigorana, umugabo ni we akwiye gukingirwa gusumba umugore.

« Umugore umwe ni nyoko »

Uyu mwibutsa waranzazaniye cane bituma negera umukurambere ndamubaza ico usigura nico wotwigisha. Mu bwitonzi ntangere yanyishuye ati : «kibondo, aho hambere umugabo atunze, afise amatongo menshi n’amasho y’inka, yategerezwa kugira abagore benshi bakamufasha gutunganya neza ayo matungo yiwe hama akanarondoka abana benshi.»

Uwo mwibutsa uha impigi abagabo barenga ibigo. Tukaba tutayobewe ingaruka ivyo biheza bikagira ku mukenyezi no ku muryango wose muri rusangi.

Nta mukenyezi nta mugabo

Ku bwanje, umukenyezi yari akwiye guhabwa agaciro kangana n’ako umuco w’ikirundi uha abagabo. Kanatsinda, biramaze kuboneka ko hari n’abakenyezi bakora ibikorwa vy’ubuhizi, mbere bakanarusha n’abagabo benshi.

Nk’akarorero, Niyonsaba Francine nk’umunonotsi w’umurundikazi, aguma atera iteka igihugu mu mahiganwa atandukanye;  umupfasoni Nsekera Lydia ari mu rwego nyobozi rw’ishirahamwe mpuzamakungu rikurikirana ivy’umupira w’amaguru kw’isi.

Utwo ni tumwe mu turorero twinshi tw’abakenyezi bashitse ku ntambwe nini, bakanarusha n’abagabo. Gutyo rero, nkabona vyari bikwiye ko umukenyezi adakumirwa mu kibano, mbere nkabona ko akwiye kuba afise ikibanza kimwe n’umugabo.                                                                                   

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Hari vy’ukuri imigani imwe imwe isubiza inyuma umukenyezi.Ariko kandi umugani ugana akariho mu buzima (iyo ibintu vyose vya kera tugiye tubihindura mu buryo bworoshe tutaravye ingene twobigenza dusanga tudafise ico dufatirako (umuco),tugasigara tutagira akaranga (hari ibihugu ivyo vyamaze gushika).
    Ikindi maze kubona n’uko bivanye n’aho umuntu yakuriye hari abavyeyi bamaze gutegerako abana bangana,bakabarera kumwe atagutoranya (ARIKO AHA UMUKOBWA gatozwa imico imutegurira kuba umugore wumwizigirwa kandi w’akaranga n’akabanga….UMUHUNGU nawe nyene indero imutuma azoba umugabo w’intwari,abushitse kandi w’nyankamugayo). Bamaze kuba bangana imbere y’abavyeyi, n’ivyo batunze barabisangira, gutyo ugasanga no mu bindi barategerako bafise amateka amwe (ARIKO UMWE ABA UMUGABO UWUNDI AKABA UMUGORE.ivyo uvyitiranije bizana amahano turiko tubona kw’isi).
    Ikindi ndabonako havuye indero,n’amategeko yogerageza guhinyanyurwa kugira ntihagire uwuronka iki Kubera ari (UMUGABO canke UMUGORE), muga akakironka Kubera abifitiye ubushobozi. Uruhara rw’abakenyezi mu gutuma imibereho yabo ihinduka ni ntangere(NTIBAVYITEGE RERO KU BAGABO kandi nabone bashoboye kugira ico bakoze bakabirondera)

  2. Nkubu uwofata ahari amaboko akahashir’ amaguru, ahari amaguru akahashiraamaboko ku mu biri wanje, wumva gute? Ni nka mukanje yosam’ inda akaca ambwira ndayimutwaze; nobishobora? Vyose bifise uko vyubatse.Akaranga, bibiliya,…! Ndemerako haba ageteka k’ umukenyezi mugabo ntihagir’ abavyitwaza ngo barenze badukorer’amabi natwe, nyimba bitarashika.Yoo! Burya sinari namenye ko ngendera hari uruzitiro hirya no hino y’ inzira ncamwo!

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.