article comment count is: 0

« Inama y’imvukira » canke amacakubiri afatiye ku ntara ?

Amategeko n’amateka agenga igihugu c’Uburundi ararekurira abavyifuza, abasangiye inyungu canke ivyiyumviro kugira amakoraniro. Ariko kuba hari abashobora gukorana nk’imvukira z’akarere kanaka ngo bige ibibazo vyo muri ako karere, maze bagakumira abandi Barundi bari n’ico baterera mu buzima bwa ho, Ndereyimana Félix abona ko ari ubundi bwoko bw’amacakubiri.

Igihugu c’Uburundi turagisangiye twese abakivuka, baba abari aha mu gihugu canke abari hanze yaco, baba abakorera iwabo  canke mu ntara batavukamwo. Ni kenshi twama twumva ngo “ahanaka hakoranye inama y’imvukira”. Nanje ndibaza nti: vy’ukuri abavuka mw’ako karere ni bo bakwiriye guterera mw’iterambere rya ko gusa? Ayo manama yategerezwa gutumirwamwo abakozi bose hatarabwe iyo bava, ubwoko canke umugambwe; kuko bose baba bariko bateza imbere ako karere.

Ibikunze gushikira ba kavantara

Nsanzwe nkorera mw’ikomine ntavukamwo. Birashika rero ko bahamagaza inama y’imvukira gusa, abatahavuka ntidutumirwe. Ibi bidutera ukuzazanirwa kuko tudaheza ngo tumenye ivyavugiwemwo. Ubwo si ukwinubana gutuma bikorwa uko?

Ivyo vyo gutumako inama y’imvukira birakorwa n’abatware batari bake. Mu ntara ya Gitega, mw’ikomine nsanzwe ndanguriramwo imirimo, haraciye igihe turonka umwimbu udashemeye mu gisata c’indero. Igitangaje rero, ni uko tuja twumva bahamagaje inama y’imvukira kugira ngo barabire hamwe ingene hoboneka umwimbu mwiza muri ico gisata. Na nje ndahakora ntahavuka nkibaza nti: « ni gute mu kurondera umuti w’ingorane ziri mu gisata kimwe bahamagaye igice kimwe c’abakozi, abandi bakabigiza inyuma » ? Noneho, ubu turamaze guhabwa n’izina ritanaryoshe: abacangero.

Aho ni mu gihe tweho twishimikije umutima wo gukunda igihugu cacu, dufata ko agace kose twoteza imbere ari co kimwe. Ntitwama turirimba ngo “turi bene mugabo umwe” none?

Ntidushobora gutera imbere mu kajagari

Iyo ikomine kanaka yasubiye inyuma canke igatera imbere mu mwimbu, uruhara ruba ari urw’abo bose bayiranguriramwo imirimo, baba imvukira canke ba kavantara.

Ku bwanje rero, ugukoranya imvukira gusa z’akarere kugira bige ibibazo bigahanze, maze bagakumira abahakorera muga batahavuka, ivyo biraheza bikazana akajagari mu kazi; kanatsinda abasangiye imirimo ntituba twumva kumwe ingingo nshasha z’ukugene ibintu biba bigiye gukorwa.

Kira noneho! Iterambere ribereye ku rwego rw’akarere gatoya, riraheza rigasasagara mu gihugu cose. Gutyo rero, mu burere bwose, abavukagihugu bose twari dukwiye gufatwa kumwe, na cane cane iyo hageze kwiga imigambi y’iterambere.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.