Photo d'illustration: Pixabay
article comment count is: 4

Ukuyonga, canke ukuzirika imbanyi, vyoba bibaho ?

Naho nyene bamwe bamwe mu nararibonye bemeza ko “kuzirika imbanyi canke kuyiyonza” bibaho, biragoye kubitahura ku muntu yaciye ku ntebe y’ishure, akiga ivy’ubuhinga n’ubumenyi vyigisha. Nikiza Egide yarayaze na bamwe bamwe mu Barundi bato bato.

Ukwo imyaka igenda irabisikanya, niko n’ivyiyumviro vy’abantu bigenda birahindagurika. Uwobwira uno munsi abakiri bato ko aho hambere ’’inda zayonga’’ twirengajije icoba carabitera, maze haciye igihe zigateba zikavuka, ni bake bovyumva.

Bamwe mu bakurambere twayaze baremeza ko muri kahise atari aka kure cane, vyavugwa ko umugore yashobora gusama imbanyi, ariko amezi icenda akarenga umuvyeyi akirindiriye kwibaruka. Eka ndetse baranemeza ko umugore yashobora kuzoca avyara inyuma y’imyaka nk’ibiri, itatu ngw’eka ndetse niyirenga inyuma y’ugusama. Maze rero, bamwe n’abandi bagatanga insiguro zitandukanye kuri ukwo kuntu imbanyi zoba zishobora kuyonga.

Amayeri yo kunyegeza ukurenga ibigo

Abize amashuri ntibemera ko inda zoba zahora ziyonga canke ko nubu vyoba biba. Kuri bo, “ukwemeza ko imbanyi ziyonga ngo ntaho vyoba bitaniye nugushigikira ibintazi”. Bobo bemeza ko “yari amayeri abagore, mu gihe vyashitse bakarenga ibigo, navyo bigaheza bikavamwo ugusama imbanyi, bakoresha kugira bashobore kwumvisha abo bubakanye ko umwana ari uwabo”.

Muti gute? Nk’akarorero, abarenga batatu twayaze ariko batashimye ko amazina yabo avugwa, ngo abasirikare bo ku ntwaro ya republika ya kabiri, mu gihe Uburundi bwari burongowe na Yohani Batista Bagaza, barashobora kumara igihe kirekire, nk’imyaka itatu badatashe kuraba imiryango. Buno rero, ngo vyarashika umugore kanaka akarenga ibigo, agasama imbanyi, akibaruka. Be n’abo bagore baca babwira abagabo babo ko bari barabasigaranye inda maze irayonga ngo none ko yatevye iravuka.

Abize amashure rero bati: “ng’aho ahahagaze amayeri yose”.

Uburozi n’amareba

Umupfasoni Nahimana Mariserina, umupfakazi w’imyaka 54 wo ku mutumba Nyabiho, komine  Gitaramuka yo mu ntara ya Karuzi, aremeza ko imbanyi zayonga, ngo kandi n’ubu birashoboka. Abisigura yisunze «amareba n’uburozi». Ku bwiwe, “bivuye ku rwanko canke ubukozi bw’ikibi, abantu barashobora kuzirika imbanyi kugira umwana ntavuke canke azovuke aho babishakiye”.

Ashinga intahe ko vyamubayeko ku mwana wiwe agira gatatu, uno akaba yavutse ku mezi cumi na kumwe.

Kubwa Nduwimana Zaburoni we, umugabo w’imyaka 35 wo muri komine Buhinyuza, intara ya Muyinga, “kuyonza inda birakorwa. Umugore iyo yarenze ibigo umugabo adahari, arashobora kuja ku mupfumu kugira amuzirikire iyo mbanyi. Uwo ni we aca aheza akazoyireka umugabo amaze kugaruka, kugira wa mugore azobone kwibaruka hageze”. Ngo bigenze uko, nta n’uwuca n’ikanda ko iyo nda atari iy’uwo mugabo wiwe.

Hakenewe kugwizwa inyigisho

Ntivyoroshe nk’uwaciye ku ntebe y’ishure kwemeza ko uburozi co kimwe n’amareba vyoba bishobora kuzirika canke kuyonza imbanyi. Ariko rero, uwokwihenda nuwohakana gose ko amareba atabaho, kandi ko adafise ivyo ashobora kwonona.

Kira noneho, no muri nya mashure nyene, hari ivyo usanga basigura ko ari “insigabwenge”.

Ku bwanje, harakwiriye inyigisho ku banyagihugu bo hagati mu gihugu, na cane cane abakenyezi n’abigeme, ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza. Kumbure vyobarinda kwirukira mw’ayo mageza, kuko na none nta wuzi ko ata bahasiga ubuzima, canke bakahehereza uburyo bokwikenuje.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Bibaho , ubajije abadukurira barabivuga.Baranavugako inda ikugumamwo ntiyonga buhenu,birashika rimwe na rimwe umuntu akaribwa mu nda bivuye kuri iyo nda nyene yamuyongeyemwo.Kirivyo,ngo mbere haraho igaruka igatuma umunt apfa.

  2. Nanje Sinemera Ko Inda Iyonzwa Ahubwo Uwo Mugore Aba Afise Ico Bita Mugifaransa « Grossesse Imaginaire » Uwo Nawe Avuga Ko Yavyariye Amezi 11 Yagize Ico Bita Depassement De Terme

  3. Kuyonza Imbanyi Bibaho S’agaseseshwarumori Kuko Hariho Nuwumara Imyakirenga Ibiri Afise Iyo Mbanyi Kandi Iboneka Navyo Twoca Boca Bavyita Gute?

  4. Kuyonza Imbanyi Bibaho S’agaseseshwarumori Kuko Hariho Nuwumara Imyakirenga Ibiri Afise Iyo Mbanyi Kandi Iboneka Navyo Boca Bavyita Gute?