Ibidukikije : tuzobogore twasheshe canke tuzitire tutaronerwa ?

Inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura zirabangamiye cane ababa mu micungararo yazo. Ndikumwenayo Niyonkuru Oscar imvo n’imvano y’isidakurika ry’inkombe z’izo nzuzi, akerekana n’icokorwa mu ntumbero yo gukinga impanuka.

Akarorero ka hafi ni uruzi Ntahangwa. Amazu arwegereye menshi aguma abomoka mbere n’ayandi akaba yimirije kubomoka hamwe atacokorwa vuba. Ibice bibangamiwe cane akaba ari Gihosha, Mutanga,  Kigobe na Nyakabiga. Hambavu y’amazu asiduka hari n’amabarabara nka Mukarakara rica mu Kigobe na Sanzu rica ku Mutanga yugawe mu ntumbero yo gukinga impanuka.

Ndavye ivyo vyose ,ndibaza nimba ata buhinga na bumwe buhari bwo gukinga izo mpanuka zose, nkiyumvira ico ababijejwe boba bariko barakora kugira abanyagihugu boye guhomba bitabavuyeko. Uko biri kwose, inzego zirafise uruhara n’igikorwa gikomeye zitegerezwa gukora.

Ineza ya bamwe ikwiye kwubahiriza iy’abandi

Nta wokwirengagiza ko hari ababeshejweho n’ibikorwa bakorera muri izo nzuzi. Aha twovuga nk’abimba umusenyi n’amabuye. Ariko, ikigaragara ni uko ivyo bikorwa bikorerwa mw’izo nzuzi ari vyo ntandaro y’akabi kose.

Kubwa Sabushimike Jean Marie, umwigisha muri kaminuza akaba n’umuhinga mu gukingira ibidukikije, « abimba amabuye n’umusenyi babikora nabi ku buryo inkombe ziguma zisiduka. Ivyo rero bigatuma ndetse n’ibiti biba vyatewe mu ntumbero yo gukinga bisidukana n’izo nkombe». Kandi rero, si Ntahangwa gusa, ivyo bikorwa birabandanya no mu zindi nzuzi ukuri kwamye, kandi bikaboneka nk’aho womengo nta wurajwe ishinga n’ingaruka bishobora gukwega.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru « Burundi Eco », umuyobozi w’itunganywa ry’ibisagara Amissi Ntangibingura amenyesha ko hari ho umugambi wo kwubakira uruzi Ntahangwa baruhe inkombe zikomeye.

Nanje ngaheza nkibaza nti mbe none nta cari gukorwa imbere y’uko « abaropora » uwo musenyi n’amabuye mw’urwo ruzi baja ku kivi cabo ? Kuko ubu turiko twibuka kubogora twasheshe, kandi imigambi nk’iyo ikazodutwara uburyo bwinshi, gusumba iyo twitaho gukinga imbere y’igihe.

Harakenewe ingingo zibereye

Abo bacukura umusenyi n’amabuye muri izo nzuzi, baba bafise ibibaranga, kandi bakagira n’impusha zibarekurira ivyo bikorwa vyabo. Ivyo birerekana ko inzego za leta zizi neza ivyo bikorwa. Maze rero, niho ngaruka nkagira nti bene kubaha izo mpusha, ni bo bakwiye gufata ingingo zikingira abokorwako n’ingaruka z’ivyo bikorwa.

Ku bwanje, leta yari ikwiye gutangura gushiraho inyubakwa zokinga impanuka, aho twovuga nk’ukwubaka inkombe zikomeye, imbere y’uko abacukura batangura ibikorwa vyabo, hama mu nyuma igatanga impusha ku bacukura. Ivyo vyoheza bigafasha mu guharura amakori be n’abo bacukura botanga, maze uruhombo ntirutahe mu kigega rusangi, kandi kubw’ineza ya bose.

Ku nzuzi nazo ibikorwa vyo gucukura vyamaze gutanguramwo, nibaza ko leta yari ikwiye gafata ingingo zo kubanza kubihagarika vy’imfatakibanza, kugira na none habanze haboneke izo nyubakwa zikinga impanuka.

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*