Utwara neza ugaheza neza, watwara nabi bikakugarukako

Naho nyene intwaro za cami zavuyeho, birashika ko usanga uko intwaro ziswe iza demokarasi zigenda zibisikanya, harimwo izigomba kugarukana inyifato rwami. Rukundo Landry ati « abategetsi bacu bokwirinda gutwara nabi ku bwa kazoza keza kabo ».  

Harabaye ntihakabe, ngo « nyene imbugita ni uwuyifise ikirindi » ! Uko intwaro zigenda zirabisikanya, vyamye bigaragara ko uwufise ubutegetsi wese, hagera igihe akibagira gutwarira Abarundi nk’uko ari bamwe. Bagitangura wokwiruhutsa, ukagira uti «  Ashiiii !  », uti aho vyakabereye, Uburundi buraruhutse. Ariko, buca kabiri bugacana ayandi, haraca imyaka, ukabona hari abategetsi bamwe bamwe batanguye kwigenza nabi, bagafata nabi abo bari bajejwe gukingira. Ariko mw’ivyo vyose, kahise kerekana ko « ingoma zose zama zigenda zikuranwa » ; ari naco gituma mpanura ko abari ku butegetsi bokwirinda cane kugira ingendo zobakwegera iyo batwaruye.

Kahise karimwo inyigisho nyinshi

Uburorero ntibubuze : aho hakurya mu gihugu kibanyi ca Congo, umukuru w’igihugu Mobutu Sese Seko yatwaye kuva mu mwaka w’1965 kugera mu 1997,  yotubera iciro ry’umugani : uyo ku ntwaro yiwe, harageze aho yigenza nk’umwami, akagabira uwo ashatse, akica canke agakiza ico ashatse, ndetse n’amatungo y’igihugu ntiyayagera umutwe, kuko yiha ico ashatse na ntaryo.

Ntivyatevye, igihe carageze, abanyagihugu biwe barikangura, barateba barabona ko uwo bitezeko urukiza ari we nyene kubasinzikaza. Ni ko kumuvira hasi, maze biza guhera uwari segaba agizwe impunzi, hama ahereza gupfira no guhambwa mu buhungiro nyene. Nanje nti si je nohahera !

Na hano iwacu nyene, ababaye nka Mobutu ni benshi. Akarorero ka hafi, ni aka wa mupolisi Nurweze Michel batazira Rwembe. Nta wuyobewe ko aho yagiye arazezwa amabanga mu bice bitandukanye vy’igihugu, ariko abanyagihugu bagahora mu myidogo ya misi yose. Ubu rero akaba avundiye mu gasho, mbere akaba yaranirukanywe mu rwego rw’igipolisi c’igihugu. Uwo ni umwe, n’abandi ntibabuze.

« Ubwatsi buruma bukabisa ubundi »

Mu gihe abarundi bamaze gusezerera intwaro za cami, aho umwami ari we yaganza agasabwa vyose, maze bakiyemeza kuja mu ntwaro za republika, aho demokarasi n’ukwidegemvya ari vyo biranga abanyagihugu, nta wokwipfuza gusubira inyuma.

Ariko rero, hari bamwe mu barongozi usanga bagomba gusubira kwigenza nk’izo ntwaro zataye igihe, mbere ugasanga abanyagihugu babayoboka bariko bashaka kwongereza ikibi mu kindi, kuko na none ngo « uwuhagarikiwe n’ingwe aravoma ». Aho twofatira akarorero kuri ya mikangara yo mu migambwe itandukanye usanga iriko irahohotera abo badasangiye ivyiyumviro vya politike, hama mu nyuma ugasanga ntiyahanywe, kubera kumbure yakingiwe ikibaba n’uwushizwe hejuru.

Ku bwanje, ntivyoba bibereye ko uwigeze gushingwa amabanga mu gihugu aheza nabi. Ahubwo vyari vyiza ko aheza nk’inararibonye, umuhanuzwajambo ku ndongozi zomusubirira. Ni co gituma rero mpanura nsaba ko bene kuturongora ku nzego zose, bokubitiza amaso muri kahise, mbere bagakuraho ivyigwa vy’ingene bagomba kwigenza mu cizere abanyagihugu babashizeko.

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*