Photo d'illustration: ©Yaga
article comment count is: 1

Ukwitunganiriza imigambi : « So akwanka akuraga urwamunaniye ? »

Mu bisata bimwe bimwe vya za kaminuza no mu mashure nshingiro, hariyo icigwa co “gutunganya imigambi”. Sezikeye Désiré aranegura uburyo ico cigwa gitangwamwo, maze akerekana ivyohinyanyurwa ku neza ya kazoza k’Uburundi. 

Maze imisi ndiko ndagira umwihwezo ku kugene inyigisho z’icigwa co “kwitunganiriza imigambi” zitangwa mu mashure yo ngaha iwacu. Uburyo abarezi bacu batwigishamwo ico cigwa mbona butandukanye cane n’ukugene ahandi bisanzwe bikorwa, haba muri za kaminuza canke mu mashure y’intango. 

Inyuma y’uko cari gisanzwe gitangwa muri za kaminuza, mu bisata vyazo vyigisha ibijanye n’ubutunzi, ico cigwa carashizwe mu ntonde z’ivyigwa zo mu mashure nshingiro.  Ivyo nkabona ko ari umugambi mwiza kubwa kazoza k’igihugu, ariko kandi, uburyo izo nyigisho zitangwamwo ntibushemeye kugira bufashe na ntaryo bene kwigishwa ngo bagere ku rugero boshiruka amazinda, mbere bagatanguza imigamvi yabo. 

 “Murumviriza ivyo mvuga ntimurabe ivyo nkora!”

Sindabona na hamwe nosanga umwigisha umwe mu bajejwe kwigisha izo nyigisho hano iwacu, ari mu bamaze kugira aho ageze mu migambi yoba yaritunganirije we nyene, mbere ngo aheze abere akarorero abo yigisha. Nimba be n’abo bahari, sinibaza k’ari benshi.

Wa wundi ngo “nta wutanga ico adafise”, sinumva rero ingene umwigisha yizigira ko abigishwa biwe bazoshobora kuvamwo abantu bashoboye kwiyubakira imigambi irama, mu gihe nawe nyene ata karorero afise yobereka ubwiwe. Mbega abo barerwa ntibohava bihebura, bakagira bati “so akwanka akuraga urwamunaniye”? Gutyo, ugasanga turiko tuvomera mu kiva.

Nimba koko leta yarabonye ko ivyo “kwitunganiriza imigambi” ari ngirakamaro mu mashure, ni ngombwa ko ishiraho n’ivyitegererezo, mbere abanyeshure bakahatorera akarorero, noneho bagaheza inyigisho bagira bati “natwe turifuza kuba nka mwigisha kanaka”.

Uko vyoheza bigatunganywa

Sinovuga ngo buri mwigisha mu batanga ico cigwa abe afise umugambi yitunganirije, kwoba ari ugusaba amananiza. Ariko, hariho inzira irashe mbona vyocamwo.

Nofatira akarorero ko mu gihugu c’Ubufaransa, iyo basanze abigisha ata migambi bitunganirije bafise bokwigishirizako, abigisha baraheza bakitunganya uku gukurikira: uko icigwa kirangiye, barategekanya umwanya batumiramwo bamwe mu babishoboye, bakaza gushingira intahe abanyeshure.

Gutyo, baramenya intango zabo, uko vyagenze ngo batere imbere, maze n’ingorane bagenda barahura nazo.

Ku bwanje rero, ndumva nosaba abajejwe gutunganya ivy’inyigisho z’ico cigwa guhimiriza abarezi gutegekanya akanya k’umutumire mw’izo nyigisho. Kanatsinda ngo “imvugo ntigoye nk’ingiro”. 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Bisa nuko ari vyiza kuba botwigisha gutunganya imigambi mugabo ikibazo kihari nuko nabo nyene atanabantu nabangahe boba bamaze guha akazi ngo babahembe ku giti cabo.nn ivyo bigisha abandi nuko bobo batobishira en application kugira baduhe akarorero keza?jewe ahubwo mbona yuko bisa nogushaka guca amafaranga y’ababatuma kugira bikunde bishikire ku migambi yabo yo kugwiza ubujuju mugihugu hanyuma tubure nabiyumvirira igihugu à longterme kuko ab’ubu bo turaba ivyo turaye turiye.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.