article comment count is: 4

Ukugene abagenda n’amaguru barenganywa n’abiyunguruza n’imodoka

Amaze kubona incuro zibiri aho abagendesha imiduga bashiburira ibiziba ku bagenda n’amaguru maze bikamubabaza, Nduwayo Jean Désiré yahisemwo kwibutsa ico amategeko avuga kuri mwe n’ivyo vyaha, mbere yerekana n’uburyo agateka k’abiyunguruza n’amaguru kokingirwa n’inzego zibijejwe. 

Haraciye imisi itari mike nihweza umubano uri hagati y’abiyunguruza bakoresheke amamodoka muri rusangi hamwe n’abagenda n’amaguru, ku bijanye n’ugusangira imihora, ari yo mabarabara. Sindashobora gutahura neza impamvu bivako, ariko biragaragara ko abatari bake mu bakoresha imiduga batubahiriza agateka k’uwiyunguruza n’amaguru, canke mbere na bo nyene ntibubahane hagati yabo, na cane cane mu bihe imvura iba yaguye. 

Muri vyose, uyoberwa ko bene imiduga baba baraciye muri ya mashure yigisha ibijanye n’ukugendesha imodoka canke ko boba babigira nkana. Igiteye agahinda rero, ni ukubona uwuri n’imodoka yubahutse kujaburira ibiziba k’uwuri n’amaguru, ahandi naho akamurenganya mu bice vy’ibarabara vyahariwe abiyunguruza n’amaguru. Ivyo vyose bikaba uko kandi hitwa ngo hari inzego n’amategeko bitunganya uruja n’uruza mu mayira.

Ukutamenya amategeko be n’ukutayakurikiza ni zimwe mu mvo

Mu gitabo c’amategeko mpanavyaha, ingingo yayo y’224 itegekanya ko iyo umuntu agutayeko ikintu icari co cose gituma wumva k’utaguwe neza canke kikakwanduza, mwe n’uyo muntu ahanishwa ugufungwa imisi igera ku ndwi hamwe n’ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi cumi na mirongo itanu, canke kimwe mw’ivyo bihano. 

Ubu rero, mu gihe bisa n’ivyabaye akamenyero ko bene imiduga bakurenganya kw’ibarabara canke bakagushiburirako ibiziba ntihagire ico bibabwira, ikibazo umuntu aca yibaza ni iki : ko amategeko ahana mwe n’ico caha ahari, habuze iki ngo bene kurenganywa baze baratunganirizwa ? Vyoba biva ku kutamenya amategeko n’amateka bitugenga ? Za nzego z’umutekano zijejwe uruja n’uruza zo kw’ataco zikora kuri mwe n’ivyo vyaha ?

Harakenewe impinduka mu maguru masha

Imwe mu mvo zoba zituma bene gutunga imiduga bigenza uko bishakiye mu mabarabara mbere bakagera n’aho barenganya abo barisangiye, nibaza ko kwoba ari ukutamenya amateka n’amategeko y’umwumwe wese. Aho rero, mbona ko uruhara rw’ibimenyeshamakuru n’amaradiyo rwofasha mu kwigisha abanyagihugu kuri be n’izo ngingo.

Ku rundi ruhande, mbona ko ca gipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara cofasha mu gutunganiriza bene kurenganywa. Ivyo navyo vyoca mu gushiraho ivya nkenerwa vyose kugira umutekano wo mw’ibarabara ucungerwe na ntaryo. Nk’akarorero, mbona hoshirwaho umurongo utarihisha, bene gukorerwa ivyo vyaha boheza bagahamagara kugira biture mu maguru masha igipolisi kibijejwe, hama batunganirizwe.

Bitagenze gutyo, tuzoguma muri vya bindi ngo « akaruta akandi karakamira ».

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Quel cafouillage, ahubwo bagira Imana ko batabagonga. Yaba abimiduga canke abo amaguru, sinzi ko hari uwufise amakosa. Ahobwo ikibazo ni reglement routier idateganya passage yabo imiduga niyo abo amaguru.

    1. D’abord habe ukwigisha umwenegihugu amategeko amugenga arinayo amukingira. ensuite hashirweho uburyo bworoshe uwurenganijwe yokwifashisha kugira yiture ba rutunga mumaguru masha. ubwanyuma hoba guhana ivyaha atakuraba uyu cank uriya kugirango bose bumv k atawurengey amategeko. Ubu aho bigeze ntawovugako ari amakosa kuko abenegihugu ntibigishijwe amategeko agenga ibarabara.

  2. Ivyo biragoye kuko hariho abo ayomategeko atazoshikira
    barinda bakugonga udafise umuntu arimbere bigaherera iyo kdi bakurenganije.
    Sha ibiziba umuntu azomesa ntakunfi
    nayo amategeko iburundi bwacu
    biracatugoye kwubahiriza banyarucari.
    murakoze.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.