Photo d'illustration: ©Yaga
article comment count is: 3

Abo twatoye mu 2015 boba bagejeje he ivyo batwemereye?

Eric Bizoza nk’umunyagihugu agumiza ijisho ku co inzego ziriko ziramarira abazitoye, aranegura ingene « imvugo itariko irajana n’ingiro », yihweje ivyo abanyepolitike bemeye mu matora y’umwaka w’2015.

Ngo « utora neza ugatwarwa neza » ; iyo niyo mvugo abanyepolike bo mu migambwe yitoje mu mwaka w’2015, na cane cane uwuri ku butegetsi uyu musi, bakoresha mu kuresha abanyagihugu ngo bakunde babahe amajwi. Naho nyene ayo matora hari Abarundi n’abanyamahanga batari bake batayemeye, jewe narakurikiranye ivyo abanyepolitike batwemereye, kandi n’ubu nguma nkurikirana ko babishira mu ngiro. 

Abanyepolitike bemeye ubuki bategeka ?

Kuba umugambwe CNDD-FDD ari wo wiganje cane mu butegetsi, bisigura ko imigambi yawo ari yo yatowe ngo Abarundi twese tuyisunge mu guteza imbere igihugu. 

Bakiza ku rubuga kwiyamamaza, bagize bati : « murabona ko abana banyu biga ku buntu, abana batarenza imyaka itanu bakavurwa ku buntu, abagore banyu bakibaruka ku buntu ; ni nde wundi azobishobora? ». Baranatwemereye ko bagiye gushiraho inganda zo kugwiza ubuzi, mbere n’imigambi yo gufasha abarundi kuva mu bukene. 

Uyu musi, ngerageje kuraba iterambere nk’uko baritwemereye, mbona ko tutari no mu nzira ya ryo. Raba ! Ni nde yohakana ko ubukene uyu musi bwiziziye umunyagihugu w’Umurundi ? Ku bijanye n’ukwigisha abana bacu, uza wumva ngo « zana amahera y’ibitabu, ayo kugura ingwa, n’ibindi » ; mbega uwudashoboye kugaburira abo bana incuro imwe ku musi azokura he izo ntererano zose ? Ikitayazwe coco ni nya migambi hamwe n’inganda vyo kugwiza ubuzi, ngo bikunde urwaruka ruronke aho rwisumamwo, abanyagihugu bikenure. 

Ikosa ni irya nde ?

Abanyepolitike, barundi nta wobabuza kuduhenda, mugabo twobabuza kubisubira. None ntibayamaze ngo « igiti ntikigukora mu jisho kabiri » ? Umunyagihugu niwe akwiye kuhabera maso, agakomeza gukurikirana nimba ivyo bemeye ari vyo bariko barakora, hama ku rindi sango akazobasubiriza mu ndumane ; na mwanya bamwebamwe baza batanguye kuririmba « amatora yo mu 2020 ».

Hagat’aho, ivyo kutwiriza mu mabarabara ngo tugiye kwiyamiriza amakungu n’ivyegeranyo vy’amashirahamwe mpuzamakungu, ntibiri mu vyo bemeye. Imigenderanire n’amakungu hamwe n’ibibazo vya politike mpuzamakungu, ntivyari bikwiye kutubuza imirimo, kuko bene gutorwa aribo bo kubitunganya.

Ivy’uko « akarimi gasosa gacisha inka ku kiraro » ntibikwiye gutuma abanyagihugu bifata nk’abafise uruhumyi ku maso, ngo bareke kugira ico bavuga ku nzira igihugu cabo kiriko kirafata mw’iterambere. Uwarivuze ni aryumeko, « utora neza ugatwarwa neza, watora nabi ugatwarwa nabi » koko. 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Mbega kuki uvyara abo udashoboye kurera? Uvyara umwana kugira umugaburire,umuvuze,umurihire amashule mbega kugir’umuhe ibikenewe vyose kugeza ashitse mu bigero ivyo utabishoboye reka kubavyara,none ugira ngo Leta igukorere vyose?Ukugwirirana kw’abantu kugabanutse n’ibikenegwa biba bikeya nabashak’akazi ntibagwirirana. Abarundi ni twikebuke umuzungu usang’afise umwana umwe akabije babiri naho twebwe ufise bake ni batanu muzi agahugu kacu uko kangana none mubona bizogenda?

  2. kuvy’abatwara nta vyinsh nobivugako ariko uravye ingingo leta yafashe yo gufunga abafashw basambany canke yo gufunga abigeme batway inda zindaro numva ko reta yagomy ko abaramutse bazitway bazozikoroza knd akensh zirabahtana

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.