article comment count is: 3

Nta mwana n’ikinono, abakobwa botorana nk’abahungu

Iciyumviro c’uko umwigeme yotorana ku rugero rungana n’urwa basazawe ntikibonwa kumwe. Bamwe biyumvira ko bose bakwiye kunganya, abandi bati « nta kuntu na kumwe abahungu n’abakobwa bonganya ». Dushime Divin aradushikiriza uko bamwe n’abandi babibona. 

Ko umwigeme atagira umugabane ungana n’uwa basazawe  ku bisigi vy’abavyeyi, niko vyamye bikorwa muri kahise k’ikirundi. Aho wasanga umukobwa iyo amaze kuja kurongorwa, baca bamuha ikivi gitoya bita « igiseke ». Aho rero ngo kwari kugira nivyashika bikagorana mu rugo, bakamwirukana canke agasanga iyo agiye nta matongo bafise, ntaze abure aho arima.

Ubu rero, bigaragara ko ibintu biriko birahinduka, kuko hari bamwe basigaye badakurikiza iyo ngiro yo muri kahise, mbere bagahitamwo kugabura na bashiki babo, ku bice bingana. 

Ariko bose nyene ntibavyumva kumwe

Ngo « Nta kuntu umukobwa tuvukana yoronka kw’itongo ryo muhira, kandi afise iyo akowe. Amaze kurongorwa, ashikira mu rwuzuye ; na none umugabo niwe aronderera umuryango». Ivyo n’ivyiyumviro vy’umwe mu basore tugendana. Uyo rero, ngo ntarota yemerera bashikiwe ko bogira umugabane ungana ku bisigi vy’abavyeyi.

Ntandikiye Déo(yahinduwe izina), umushingantahe w’imyaka 60 ava mu ntara ya Ngozi, wewe abibona ukundi. Ati: « Tuvukana turi abahungu babiri n’abakobwa babiri nyene. Abavyeyi bacu ntibakiriho. Ku bwanje, nta mpamvu n’imwe mbona yotuma bashiki bacu tutanganya. Twaragabuye, kandi twahisemwo kwaza hasi uko turi bane». 

Icantangaje kandi kikingoye gutahura kugeza n’ubu, ni uko abakobwa ubwabo usanga batabitahura kumwe nabo nyene. Bamwe wumva ngo « amase ya kera ntagihoma urutaro », abandi bakavuga ko ata gikwiye guhinduka ku migenzo yo muri kahise.

Ibihe biha ibindi, nta mwana n’ikinono

Mbe nk’abandi abo, « amase ya kera ntagihoma urutaro ». Aho muri kahise kumbure isi ndimwa ntiyari bwage, nayo ubu ibintu vyarahindutse : ubutunzi ntibugihagaze ku matongo umuryango ufise gusa, hari abakobwa bamaze kugaragaza ubushobozi n’ubukerebutsi busumba ubw’abahungu, kandi noneho, ahatari hake biramaze gutahurwa ko ata muhungu ata mukobwa, abana ni bamwe. 

Ku bwanje, umuhungu n’umukobwa bakwiye kunganya imigabane kw’itunga ry’abavyeyi babo, kanatsinda mu gihe ca none, nta mvo n’imwe yosigura ubwo busumbasumbane hagati y’abavukana, atari ugushaka gucinyiza abakenyezi.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Ugutorana Kungana Hagati Y’abahungu N’abakobwa Kwozana Amatati Ico twokwita Conflits Sociaux Kuko Ntawoba Akija Gukwa Umukobwa Iwabo Badafise Ubutunzi Bukwiye Azotorana

    1. n abahungu barakobwa kuko urashobora gusanga umuhungu atamahera afise umukobwa akayamuha ivyo biramaze gushika kenshi gusa nivyabintu. vy imico y ikirundi babihisha ngo yoba amenje ngo ntamuhungu akobwa cnk ngo ntiyosubira kuba umugabo

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.