Photo d'illustration: ©Yaga

Ngo “umusore atagira inzu isakaje amabati ntagashinge umuryango!”

Buramatari w’intara ya Bubanza aheruka gufata ingingo ivuga ko “umusore wese yifuza kwubaka urwiwe ategerezwa kubanza kwerekana ko afise inzu isakaje amabati!”. Nijimbere Thierry ati iyo ngingo ni iyo kunegurwa!

Iyo ni ingingo buramatari w’intara ya Bubanza aheruka gufata ku banyabubanza bafise umugambi wo kwubaka izabo. 

Uretse ko iryo tegeko rya buramatari ryaje nk’inkuru y’incamugongo ku misore imwe imwe y’i Bubanza, nta n’aho yanditse mu mategeko agenga ingo n’imiryango mu Burundi.

Niko, nta woshigikira ko abasore badashoboye gutunga imiryango baja muvyo kwubaka izabo, kuko na none ivyo bituma igitigiri ca ba ntahonikora ciyongera, maze umutwaro ku gihugu ukongereza uburemere. Ariko kandi, iyo ngingo kuba yarafatiwe imisore yose y’i Bubanza birerekana ko atamwihwezo wabanje gukorwa kuko ishobora gutuma haba igwirirana ry’ingo zidaciye mu mategeko n’izindi ngorane.

Umwihwezo wanje

Muri rusangi, ugushinga umuryango ni umugambi uhambaye usaba kwitegura na cane cane mu vy’ubutunzi. Nk’uko mu mico y’ikirundi bitegekanijwe, umuhungu kenshi niwe yitunganya mu buryo nka bwose buzotunga umuryango nko kuwugaburira, kuwuronsa ivyambarwa, tutibagiye gutunganya aho umuryango uzoba, ari kwo kwubaka inzu canke agafata zimwe bariha buri kwezi. Iyo rero umusore atevye kurongora, kenshi biba vyavanye n’ikiringo yamaze ariko aritunganya muri ubwo buryo. 

N’ubwo biri uko, hariho ba “vyankandondera’’. Birashika umusore akarondera igihe kinini ntaronke amikoro ashemeye, nko mu gihe ata kazi kamuhemba neza afise canke umuryango womuterera. Arashobora rero kubona umengo imyaka iramujanye, maze akikora ku buryo bubayabaye afise, ngo bikunde yirinde gucikiza. 

No ku mwigeme naho nyene ni uko. Iyo abonye ibihe bigiye, ahitamwo kwigemura, canke akarongorwa ku muhungu atifise, ngo bikunde yikingire ya makuba abigeme bagira iyo batevye kurongorwa.

Igikwiye gukorwa

Ni vyiza ko abaturongoye bokwiyumvira imigambi y’iterambere ry’aho tubaye, harimwo no kurwanya inzu za nyakatsi. Ariko, ivyo birafise uko bitegerezwa gukorwa, kuko na none imigambi ititeguriwe neza canke ingingo zitizwe neza bishobora kwica ivyokize.

Ehe! Mu mategeko agenga ingo n’imiryango mu Burundi, mu ngingo yayo ya 87, biranditse neza ko “ugushinga umuryango biva ku gushaka kw’umusore n’inkumi, ariko bigacishwa mu mategeko y’igihugu”. Ingingo ya 88 nayo iruhira iti: “Umusore atarakwiza imyaka 21 n’umwigeme adakwije imyaka 18, ntibashobora gushinga ingo. Ariko, Buramatari arashobora gutanga ubwo burenganzira yishimikije imvo zihambaye”.

Ivyo vyose biza kwerekana ko ingingo ya Buramatari w’i Bubanza iciye kubiri n’amategeko dusanzwe tuzi. Kira noneho! Iyo ngingo nyene ntiyerekana uburyo bwo gukinga ko iyo misore icikiza, canke ikavyara mu gahinga, ubona ko “ivyara ritagoye nk’irera”. 

Ku bwanje rero, iyo ngingo ikwiriye kwibagirwa, kumbure hakigwa ubundi buryo imisore yo muri iyo ntara yokwigishwa ingaruka ziterwa n’ugushinga urugo udafise amikoro ahagije.

Ku rundi ruhande, ko abasore bagera aho bihebura ngo ntibazubaka izabo kubera ikibazo c’uburyo budakwiye, bigaragaza ko amikoro y’abanyagihugu muri rusangi adashemeye. Ubwo burongozi bwokwerekana rero ingene umunyagihugu yokwiteza imbere, kugira muri kazoza ibintu bishobore guhinduka. Nayo ahandi ho, ngo “nta wuhomera iyiyonka”.

 

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*