Photo illustration: Pixabay

Amajambo akunda gukoreshwa iyo umuhungu yatevye kurongora

“Ikirumbire” canke “akamaramaza” ni amajambo y’ikirundi akoreshwa iyo umuhungu vyamugoye kurongora, ariko insiguro zayo ziriko zigenda zibagirwa uko imyaka itaha. Egide Nikiza aratuyagira insiguro yahawe n’abize ivy’imico y’ikirundi.

Ubuheruka narabayagiye ibijanye n’ingene umwigeme yatevye kurongorwa yafatwa mu muryango. Muribuka k’uyo mukobwa baheza bakamuta mu kazu bita agahundwe. Ubu naho, narondeye kumenya nimba umuhungu we vyari amarame. Eka da! No ku muhungu nyene, uko yagenda arakura, bamwita amazina atandukanye; atevye gushinga umuryango wiwe, baca bamwita ikirumbire, noneho bakamurungika kuba mu kazu bita akamaramaza.

Ishingiro ry’ayo mazina.

Naregereye Padiri Adrien Ntabona, azwi cane nk’inararibonye itahura cane ivy’imico n’imigenzo vy’ikirundi. Namubajije uko vyagenda iyo umuhungu asaziye mu nzu kwa se.

Yanyishuye ati : “Umuryango uvutsemwo abana benshi warubahwa, na cane cane iyo ari abahungu. Kuko na none, ihangiro ry’ugushinga umuryango kwari ukurondoka. Umwana w’umuhungu rero, uko yakura yagenda yitwa amazina atandukanye, kuva mu bwana, ugaca ku buyabaga kugeza no ku busore. Umusore yaba ari umuhungu atanguye kumera ubwanwa, mbere bakabona ko ageze kwubaka urwiwe. Iyo apfuye ageze kur’urwo rwego, niho bavuga bati “apfuye arurumba, ahambanywe ikara”; kuko yaba ahambanywe imigambi. Mu gihe atevye kurongora kandi yageze naho baca bamwita “ikirumbire”.

Ko umuhungu arumbirana rero, vyarababaza cane umuryango, maze bagira bati “yahoneje umuryango”. Baca bamurungika kwa inasenge, ngo kumbure yobura akavyaruzanya na bavyara be, uwusamye inda agaca amutwara kumubera umugore. Ariko iyo vyanse gose, yaca asubizwa i muhira kwa se na nyina, bakamwubakira akazu gatoya hafi y’irembo, ako bita akamaramaza”. Ngo kwari ukugira abahita bose babone ico “gito” c’umuhungu yahoneje umuryango.

Mbega uwo muco woba ugishoboka?  

Wa wundi ati “Ivyari magera vyarageruye”, nta wobideha uwo muco ntiwoba ugishoboka mu bihe vya none. Kuva aho amajambere aziye, hasigaye hari vyinshi bibuza umuhungu gushinga urugo, canke bikamutevya. Aho twovuga nk’amashure, ukubura ivya ngombwa bijanye n’ubutunzi, eka mbere tutibagiye na babandi baja mu bikorwa vyo “kwihebera Imana”.

Ariko naho biri uko, kugeza n’ubu umuhungu atebaganye gushinga umuryango ntabonwa neza mu kibano. Uza wumva bamwe n’abandi batanguye gukuza inkuru ngo “kumbure wosanga adakomeye”, abandi bati “wosanga abakobwa baramubenze bikamubabaza cane”.

Kubwanje, umuhungu yorongora kuko yumva muri we ageze, atari uko abaryango biwe babishatse. Na kare ngo “imyenge y’inzu imenywa na nyeneyo”.

Articles récents

Recent Comments ( 15 )

  1. iyo niyongorane nfita kweli.kurongora ndabishaka muga ntaburyo.muhira turi2 gusa,ntamuvyeyi numwe.mpejeje kaminuza ENS kuronkakazi ndabona bidakunda.abaryango nabo baguma bampata kuronkora nkabona ntibikunda kuko ntaburyo.mwunva gute?

    1. ahubona mwana wa mama ntugire ngo iyo ngorane urayisangije! na jewe ni nkuko nyene ariko aho bitandukaniye nuko jewe atawurampatira kurongora uretseko jewe nyene ndavyipfuza nkabura uburyo! ubu nukwizera gusa kubeshejeho umuntu!

  2. kirazira ko umuntu arongora kubera igutsure.il faut kubigira umuntu yitonze ata stress sinon on risque de gâter le reste de sa vie. iyo migenzo ya kera nayo myinshi ntikijanye n’igihe. nk’akakarore ubu dufise probleme ya surpeuplement ariko kera vyarumvikana kuko abantu twari bake amatongo ntiyari bwage

  3. mubisanzwe ukwo nukuri kurashe bivanye n,ibihe vya none vyahindutse.ariko naho amashule atuma beshi bateba kurongora canke kurongogwa cane cane mwiyimisi intambamyi nyamukuru nagashomeri gatuma umusore nahabakuze bimugora cane kwiyumvira kurongora.bivanye nuko inkwano zomugora canke kubura ico yotungish,umuryango.murakoze.

  4. Ndabahaye Mwiri Ncuti Zanje Yaga! Ico Kiyago Mwagiranye Nuyo Mushingantahe W’incabwenge Ni Nkenerwa Kandi Kinyunguye Vyinshi!Nanje Ndi Umusore Maze Guheza Amashure Ariko Kubwo Kubura Akazi N’ubukene Mfise, Sindarongora!Ngira Ngo Naje Banyita Ikirumbire!Murakoze.

  5. Kwubak Urugo Cank Kurongora Ni Kimwe Kubitegura Ni Ikindi.Igikuru Nuko Ubgira Witeguye Neza Kandi Atari Kugitsure Cabavyeyi Kuko « amase Yakera Ntagihoma Urutaro. »

  6. N’ivyukur kurongora bikwiy kuba personnel mais pas par influence d’aucun kuk’umusor’arongoye par influence familliale bigashika mu buzima bigahinduka cank mu rugo bikagorana, aca yidoger’umuryango wiw kw’ar wo wabimuteye!

  7. « Amase Yakera Ntagihoma Urutaro ».Kokera Abavyeyi Bagukwerera None Ubukene Bwateye!Woca Urongora Ngo Nuko Ubwanwa Bwameze?Mbe Ubwo Bwanwa Muzoburya?

  8. Mbe Ub Utabanj Gukauka Wokwihutira Kurongora Ukabaho Gt? Abo Bashk Bacu Nibabe Barihangany Kuk Vyos N’induru Gusa!

  9. Kurongora Ni Itambwe Yanyuma Y’ubuzima.Hamwe Umuntu Yojana Ibishobisho Adatohoje Neza Arabubura Bwose.Rero Tubanz Tubaze Umutima Turabe K Tufs Ivya Nkenerwa;kuko N Nko Kuja Kurugamba;ubanza Kuraba K Ufs Abasoda Botsinda.

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*