Photo d'illustration: ©Yaga
article comment count is: 3

Ngo « akazi ka leta kica uwicaye » ? Ntirikabe ku magara yacu!

Ukuzezwa amagara y’abantu ni iteka ntangere. Iryo naryo umuntu ariterwa n’Imana, hamwe n’igihugu kiba camwizeye. Ico gikorwa kandi ni ibanga ribangirwa ingata kuko ucitwayemwo nabi ushobora kwica abo wokijije. Ariko, abitwara nabi ntibabuze. Vensiyana Nizigiyimana aratuyagira ivyo yiboneye.

Iyo biba ivyo nabonye ku muntu umwe, nari kugira ko ari ibisanzwe, kuko na none ngo « nta nyambo ibura agahonzi ». Ariko, nasanze ahubwo hamwe hamwe bisigaye ari nk’akamenyero. Wa wundi ngo « akazi ka leta kica uwicaye », hari ababigendera koko.

Ngize imisi mfise ingorane zo kurwara n’ukurwaza incuti. Amavuriro atandukanye nagiye nditura, narababajwe cane n’ukuntu abaganga bamwe bamwe batagiha agaciro amagara y’abo bajejwe. Uwambere yari umuvyeyi yagiye kwibarukira mu bitaro bimwe muvya hano i Bujumbura. Kubera abaganga bagumye bamuteragiranwa, vyatumye agera gushikana yarushe cane, noneho bituma n’umwana agirira ingorane mu nzira, ubu akaba amugaye.

N’uwa kabiri nawe nyene vyabereye hano mu gisagara ca Bujumbura. Uyo we abaganga bagumye bamwihweza, ariko umubabaro yariko ntaco wababwira. Yagiye kuhakurwa n’uko haserutse umuganga bize kw’ishure rimwe. Uno niwe yaciye amwakira vyihuse, abona gushikana. Ati : « Iyo ntahabona uwo tuzinanye, umwana wanje yagira akoroke canke apfire mu nda ». Mbega yemwe ikimenyane coba kigerereye mu gisata c’amagara y’abantu naho ?

Imvo n’inkurikizi z’ivyo vyose

Mpora nibaza nti kumbure vyoba biterwa n’uko leta yashizeho umugambi wo kuvura abakenyezi bibungenze n’abana batarakwiza imyaka itanu ku buntu. Ivyo nkavyibaza kubera ko mbona iyo umuntu agiye mu bitaro vya leta, kenshi batamwitaho bikwiye. Ariko, yagira ngo aragiye mu bitaro vy’abigenga, agasangayo ba baganga nyene ariko inyifato ikaba iyindi, bakakwitaho, ukayoberwa kwari babandi bariko bakuraba nk’agahabwa mu bitaro vya leta.

Ku rundi ruhande, ndibaza nimba bitoba biterwa n’uko igihugu coba kidakurikirana bikwiye uko abakozi baco bariko barigenza. Ikimaze kugaragara coco, ntibiterwa n’ubunebwe, kuko bano baganga nyene baraheza bagakora neza mu mavuriro y’abigenga.

Ngo « amagara ni amazi aseseka ntibayore ». Iyo abagwayi badakurikirwanywe uko bikwiye, indembe ziba nyinshi, impfu zikagwira. Abize ibijanye n’igwirirana ry’abantu, nibo botubwira uruhombo igihugu kigira, bivanye n’umuntu apfuye ico yari ashoboye kukimarira.

Hanyuma y’ivyo vyose, nihahinduke ingendo

Imbere y’umwaka w’2005, umukuru w’igihugu dufise uyu musi yari yagizwe umushikiranganji w’intwaro ibereye. Ico gihe yarakunda gusanga abakozi ku kivi, akanirukana ikibiriraho abo asanze batariko barigenza neza mu mirimo yabo. Hari n’abandi bashikiranganji bamaze kubikora. Ikimaze kugaragara, ni uko iyo be n’abo bakoresha bamaze imisi babikora uko, usanga n’abakozi bahinduye inyifato ku kazi. Mbega none ubu habuze iki ngo iyo ngendo nziza ibe umugenzo?

Abaganga nabo, bari bakwiye gutahura ko ibanga bashinzwe atari iryo gufata minenerwe. Imbere y’uko ribabera akazi, rikwiye kubanza kubabera umuhamagaro. Kanatsinda ngo “ubuzima ni katihabwa”.

Gutyo, haba ku rwego rw’umukoresha ari we leta, canke ku rwego rw’abakozi ari bo baganga, harakwiye rero ihinduka.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Ntihagire Uwuzokwitwaza Ngo Abaganga Ntibavura Neza Kubera Har Umugambi Wo Kuvugwa Kubuntu Haba Namba.

    Jewe Ico Mbona Nuko Ubu Mubaganga Bamwe Bamwe Atakarangamutima Kakihari .
    Ikindi Nuko Hari Abaganga Basa Nabatize Aho Nshatse Kuvuga Bamwe Bize Mumyonga Atari Mumashure Ya Leta.Nkumuntu Yize Muri Privé Kuva Primaire Akarinda Aheze Nkuwo Aziki?Iyo Ntimpene Iraho .Ivyo Biratuma Atanakarangamutima Agira Kuko Nubumenyi Bujanye Numwuga Wiwe Ntagira Namba.

    Nosaba Yuko Leta Yofuta Amashure Amwanye Atari Ya Leta Kuko Ataco Abereyeho Atari Ukugwiza Ibijuju .
    Nosaba Yuko Mugutanga Akazi Mubuganga Hotangwa Ibibazo Kuko Hari Benshi Batazi Niyo Bita Umutwe.

    Nobamenyesha Yuko Nko Muri Hope Mubibazo Hatangwa Devoirs Kandi Zigafatwa Nka Examens!!Iyumvire Nawe Umuntu Nkuyo Yize Médecine Akanya Yakoze Ama Devoir Uwo Numuganga Wahe.

  2. uvuze ibitoro ntibihagije vuga nahariho udomeko urutoke kuko birababaje cane! kandi nukubafatira ibihano harimwo nukudasonera ikiremwa muntu! je navuze roi khalde na prince legent surtout abagore badashaka gukora ico bajejwe nibabirukane hari benshi badakora kandi babishoye !

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.