Photo d'illustration: ©Yaga
article comment count is: 5

Uguhayagiza igihugu kitakworohereza ubuzima bimaze iki?

Mu gihe Abarundi batari bake bugarijwe n’ubukene n’inzara, Thierry Nijimbere aranegura abantu baguma baja mw’ibarabara  basemerera ngo vyose birahimbaye. Ku bwiwe ngo ntaco bimaze kwibeshera, ahubwo ngo “uwuja gukira indwara arayirata”.

Muri ino misi, ntawuyobewe k’Uburundi  buri mu bihugu vyambere bikenye kw’isi. Mbere no mucegeranyo casohowe n’ibanki nkuru y’isi mu mwaka w’ 2015, Uburundi bwabaye ubwa nyuma mu mwimbu. Igitangaje rero, nuko Abarundi benshi, mbere harimwo n’abo bita  ngo n’ “abatishoboye”  bama barahayagiza igihugu c’Uburundi ngo ‘’n’igihugu c’amata n’ubuki’’, canke ngo ‘’ n’umutima wa Afrika’’. Abandi bakabicisha mu ruririmbo rwo guhayagiza igihugu, mu mvyino no mu kwivuga amazina. Ariko bukeye akaba aribo bakoma induru ngo ubuzima burazimvye. None ni kubera iki bahayagiza iguhugu kitaborohereza ubuzima? Kuvuga neza igihugu kirangwamwo ubukene butagira izina bimaze iki? Naragerageje kugira umwihwezo maze nsanga igihugu c’Uburundi kikiri kure  y’amajambere ashemeye. Ivyo bikerekana ko muri kino gihe icoza imbere ar’ugukora ivyogiteza imbere gusumba kucishimira.

Turakenye kandi atagikozwe tuzoguma dukenye

Uburundi bufise ingorane mu bisata nka vyose bigize igihugu na cane cane muvyerekeye indero n’ubutunzi. Dufise itunga kama nk’isi ndimwa, ubutare, ikiyaga Tanganyika n’ibindi. Ariko, tuvyihweje umengo ntaco biterera ngo abanyagihugu bave mu bukene.  Abarundi benshi bize baricaye kandi ivyo navyo biraheza bigaca intege abakiri ku ntebe y’ishure bagata ivyizigiro.

Vyongeye, uno musi Abarundi bafungura bikwiye bari ku rushi, ivyo bigatuma amagara yabo atosekara. Muri ico gihe rero bikenewe yuko Abarundi batokwijajara ariko ko bokura amaboko mu mpuzu amazi atararenga inkombe.

Imigambi idafashe

Abarongoye Uburundi bategerezwa gutunganya imigambi yo kubuteza imbere, bukava mu bukene. Ivyo bikaba biri no mubigize ihangiro Uburundi bwihaye :Vision 2025; Kandi ni vyiza. Ariko rero, ivyo bizokunda mu gihe hategekanijwe ingingo zijanye n’iryo hangiro.

Ikibazo umuntu yokwibaza ni: hariko hakorwa iki kugira ngo Abarundi bazoshike ku ndoto zabo? Reta iheruka gutanguza umugambi w’ishure nshingiro kugirango abazogarukira mu mwaka w’icenda bazoce bikorera ivyabo, maze bibesheho. Ivyo navyo sinibaza ko bizokunda, mu gihe atamitahe itegekanijwe kur’abo batazorangiza ishure ryisumbuye.

Icokorwa

Mu vy’ukuri, nihweje ibihugu vyaronkeye ukwikukira rimwe n’Uburundi intambwe bigezeko mw’iterambere, ntanakimwe cogereranywa n’Uburundi. Akarorero: Urwanda.  Ivyo guhayagiza igihugu ata bikorwa biboneka, bituma bamwe bashira agati mu ryinyo bakibagira ko tukiri inyuma mw’iterambere. Kanatsinda ngo “Uwuja gukira indwara arayirata”. Ni twemere tuyage k’Uburundi ari igihugu kikiri inyuma, gikeneye ibikorwa n’ishaka bidasanzwe. Ubwo butare,  isi ndimwa, eka n’ibindi duhayagiza tukabikoresha ivyoteza imbere igihugu.

Reta nayo irafise uruhara runini mukuvana Uburundi mur’ubu bukene. Ikwiye kwiyumvira kazoza k’abanyeshure. Igwize ubuzi, nk’uko igwiza inyubakwa z’amashure mu ntara zitandukanye z’igihugu. Yubake amahinguriro abanyagihugu bize mbere n’abatize baronke akazi. Nayahandi ntituzokwirate ngo dufise abize benshi, canke amashure menshi, mugihe tuzoba tucitwa abanyuma mw’iterambere.  

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. « Uguhayagiza igihugu kitakworohereza ubuzima bimaze iki? » ! Thierry, ikibazo cawe kirahambaye. Nizigiye ko abategetsi bazosoma ivyo wanditse. Mbere nikindi kibazo gica gikwirikira : Abadutwara batatwohereza ubuzima turakwiye gusubira kubatora ?

  2. Murakoze cane Mugisha! Ico kibazo kindi « Abadutwara batatworohereza ubuzima turakwiye gusubira kubatora? » naco nyene gikwiye gukorerwako. Abarundi turakwiye gukanura tukareka guhendwa nk’abana. Uburundi buzoba uko twe dushaka ko buba, kuko nitwe dufise ijambo ryanyuma.

    1. Ntuzokwam utega amaboko naho igihugu cokena gushka..nico cakwibarutse, rero kura amaboko mu mpuzu ukore, ntukagay igihugu cawe kuko dushoboye vyose dufatanye mu mugongo.

  3. « Uguhayagiza igihugu kitakworohereza ubuzima bimaze iki? »

    Umuntu agerageje gusoma ico kibazo, biroroshe cane kubona umugwi w’abarundi uwakibajije yoshirwamwo. Turamaze kumenyana nk’Abarundi. Imvugo nkizo zarakomeje kugwirirana kuva imigumuko iherutse mu mwaka w’2015 itanguye. Hari ibibazo umuntu yokwibaza : kuri we, kworoherezwa ubuzima bifise insiguro iyahe ? Mbese guhayagiza igihugu atanico ukimariye, vyovyo vyoba bimaze iki ? Abantu benshi bashishikara kwemera ko ukumererwa neza kwabo ari igikorwa ca Reta canke igihugu cabo. Ariko ntibigera bashaka kwemera ko ibihugu vyambere bikenye kw’isi ar’ ibibamwo abantu b’ibinebwe cane cane bahurumbira « amayoga » n’ibindi bisamaza kurusha kuja ku kivi. Basokuru barayamaze bati : « umurundi asiba ku kivi ntasiba kuvuga ». Igihugu kirakorerwa. Iyo beneco batijukiye imirimo y’iterambere, ntakabuza ubukene burabagarika. Biratangaje ukuntu abantu bamwe bamwe bashaka ko Reta ibatunganiriza ubuntuzi batayihaye. Ntagihugu na kimwe cateye imbere abakibamwo badatanze ikiguzi. Kurota ni vyiza, kuja ku kivi n’ikindi kintu gikomeye. Ntibitangaje kubona kenshi na kenshi ko abakoma induru cane ari ababa mu bisagara. Benshi bahenzwe n’uwavuze ko « uwuja gukira akira isuka ». Ihibambewe !!!! Nivyo, abarundi benshi bamye basa n’abatishoboye, ariko muri rusangi, baretse kubaho nk’abanyamerika, ubundi barabayeho neza. Tugomba kugera ahantu twiga kubumbwa n’ivyo dufise.
    Abantu benshi bavuga ko Uburundi buri mu bihugu vyambere bikenye kw’isi, ntibazi ko kugira igihu kivugwe ko gikenye n’uko ababivuga hari ukuntu baba biyumvira ko umuntu ategerezwa kuba ameze kw’isi. Ubundi ho, ubwoko bwose canke igihugu cose vyari ngombwa ko kigira ukungene gitunganya ukubaho kwaco. Muri ino myaka cane cane kuva mubihe vya colonisation, hari ibihugu kubera inyungu birondera mu bindi bihugu, bikora uko bishoboye kugira ngo abanyagihu canke ama Reta yisunge intumbero yo kuhaho vyishiriyeho. Umwitwarariko wo gushaka kubaho nk’uko ahandi bimeze niwo watumye ibihugu bimwe bimwe bisubira inyuma bigatakaza n’ubutunzi vyari bifise. Igihugu c’ubushinwa, ubu yapani canke bangladesh, vyaragaragaje neza ko guha agaciro itunga mva bwenge ricuditse n’imico ariyo nzira irashe y’iterambere.

    Kuvuga ngo : « Kuvuga neza igihugu kirangwamwo ubukene butagira izina bimaze iki? », nibaza ko iyo ar’imwe muri nzamvugo. Uwita « ubukene butagira izina » ukuntu abarundi babayeho, ni baza ko ari ugukinisha amajambo n’ibigirankana. Igihugu nk’Uburundi cimbura, kikaronka n’ivyo gishora mu bihugu bibanyi, coba gute mu bukene butagira izina. Ikizwi coco, n’uko hari abantu baba mu bisagara bashikirwa n’ibihe vyokubura amafranga bivanye n’ukuntu ubutunzi buriko buratunganywa. Kenshi birava no kumigenderanira hagati y’ibihugu. Ariko ivyo ntibibuza ko abarimyi n’aborozi bashishikara kw’imbura. Kira noneho, henshi mu ntara umwimbu si muke. Abari ku kivi rero si bake. Abaciyumvira ko ingeso yo gusega canke guhabwa ivyo batakoreye izobakiza, hari hageze ko bahindura ivyiyumviro.
    Abakenye bamyeyo kuva na kera, kandi batikanguye ntibazokwigera bava mu bukene barimwo. Turwanye ubunebwe rero. Uburundi buri murugendo rudasanzwe rw’iterambere rirama. Vyinshi vyarakozwe. Kandi ko mu gisata c’indero, vyinshi biriko birahindurwa kugira ngo abarundi bige kwikorera utwabo. Kwiga kugirango uze wicare utege amaboko Reta, turiko turabisezerera. Uburundi bufise kahise kabwo n’ingorane zakwo. Urwanda canke ibindi bihugu, navyo nyene birafise ukuntu bibayeho bivanye na kahise kavyo. Kutabona ko Uburundi buri mu muvuduko ukomeye w’iterambere ni kimwe kigaragaza ko benshi muri twebwe bagikeneye guhinduka mu bwenge.

  4. Muncamake, Ezechiel atunga urutoke abanyagihugu k’aribo batuma igihugu kidatera imbere mukurera amaboboko. Ariko akibagira k’uwifitiye umugambi womuteza imbere, n’abandi baronkereho akazi; Reta imwaka ikori riruta umutahe. None uyo muntu azorangura uwomugambi ryari? Bamwe mubadandaza babuze ivyabo mw’isanganya ry’umuriro ryabaye mw’isoko nkuru ya Bujumbura mu mwaka w’2013 bakongera bagasahurwa ntibaronke ikibanza c’indishi y’akababaro mu bibanza vyatanzwe kuri COTEBU, abo s’abarundi boteje imbere igihugu bagahura n’abarongozi babi? Abagerageje kwisuganya ntibapfe n’inzara, bakaja kudandazi ivyamwa imbere yahahoz iryo soko nkuru, ugira umbwire k’utazi ivyo bakorerwa n’abari bajejwe kubakingira? Uvuze uti « Turwanye ubunebwe », Abo mpejeje kuvuga, n’ubundi burorero ntodondagura ngo mpeze, ntibari bagerageje kuburwanya? Abarundi baripfuza gutera imbere batezimbere n’igihugu cabo ariko ababarongoye bakababera intambamyi.

    Ukugira comparaison n’ibindi bihugu vyaronkey rimwe ukwikukira n’Uburundi navyo nivyiza cane, kuko abarundi nyene nibo bayamaze bati: « Ubwenge burarahurwa »

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.