Photo d'illustration: ©Iwacu
article comment count is: 61

Amajambo cumi utotahura utabaye muri Kaminuza y’Uburundi

Kaminuza y’Uburundi ni kaminuza imwe ifise vyinshi yisangije mu gihugu cose. Baba abanyeshure canke abakozi bayo, bose barafise inyifato ibatandukanya n’abandi bantu. Ku bijanye n’imvugo rero, Spageon Ngabo yaradutororokanirije amajambo n’imvugo cumi bikunze gukoreshwa mu bigo vy’iyo kaminuza kandi bidatahurwa na benshi bo hanze yayo.

  1. « Gusimba inkoko »

Wogira ngo n’ugutaruka inkoko aho yicaye, canke ukibaza ngo n’ukuzinduka umuseke, mu nyomvyi, hamwe nyene inkoko zitanguye kubika. Eka da! Mu bigo vya Rumuri, “gusimba inkoko” bisigura gutora cane ivyigwa mw’ishure, mbere ukunguruzwa ishure udasubiyemwo ikibazo na kimwe.

2. « Akabati »

Akabati benshi bakazi mu nzu, mu cumba c’ubuteramiro, ka kandi usangamwo ibirahuri n’amasahani. Rumuri yoyo ntiruvyorosha, vyose irahindura. Mu mashure yisumbuye afise uburaro bavuga ngo « akabati n’imfungurwa ziraye », mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi hoho « akabati » bisigura “ivyigwa vyinshi kandi vyegeranye”. Uza wumva rero ngo « kuja mu kabati », aho akaba ari muri ca gihe bari mu bibazo biheza umwaka, aho usanga vyinshi vyegeranye, maze umunyeshure ati « Ndi mu kabati » kuko ataronka umwanya ukwiye wo kuvyitegurira bikwiye.

3. « Isugi »

Aho benshi tuzi « isugi » nk’umwigeme atararangura na rimwe amabanga y’abubatse, canke mbere inka ivyaye irya mbere, Rumuri ivyita ukundi. « Isugi » n’ukuvuga zirya mfungurwa baruye ubwa mbere. Kandi rero izo mfungurwa ngo usanga ziryoshe gusumba izo mu nyuma. Ivyo rero bigaterwa n’uko mu buraro bateka mu bikono binini, maze amavuta n’ibirungo ntibishike mu ntebe y’izo nkono. Gutyo, abafunguye ubwanyuma bakarya imfungurwa zimeze nk’izijongoroye.

4. « Igitari »

Ndazi ko benshi baca bibaza ngo iki barakizi kuko imiziki myinshi irimwo igitari n’ingoma. Sigaho! S’uko bimeze muri Rumuri. « Igitari » ngo ni umukobwa mwiza cane, afise iforoma nka kurya kw’igitari c’umuziki nyene.

5. « Kwurira igiti »

Ku bakristu, mwene iryo jambo muca muryibuka aho umutozakori Zakayo yurira igiti ngw’arabe ko yoshobora kubona Yezu Kristu. Burya rero, mu bigo vya Rumuri, « kwurira igiti » bisigura « kunanirwa n’ibibazo mw’ishure, mbere ukabisubiramwo vyose !».

6. « Gutota »

Iyo umuntu anyagiwe n’imvura nyinshi, ni ngombwa aratota. Mu kirundi naho ngo « Uvumwa na benshi ugatota ». Muri Kaminuza y’Uburundi rero, « gutota » ntaho bihuriye n’ukunyagirwa. Ni « uguhura n’ingorane nyinshi cane », nk’ubukene bwa bundi bwokora amakara bugata, n’ibindi.

7. « Ijambo rike »

Iyo mvugo, mu kirundi ciza, ntivugika kuko bavuga bati « amajambo make ». Tugiye muri rudende rero, nta ntumbuzi yerekana igitigiri tuba tugikeneye. Kira noneho ntaho bihuriye n’indimburo, kuko n’amayagwa yisangijwe na Rumuri. « Ijambo rike » bisigura « umuntu atagira ubuntu canke ubushingantahe, umuntu ataco yibanga, wawundi ata womuhanuza ijambo ». Uza wumva rero ngo « kanaka ni rike » canke ngo « ni jambo rike ».

8. « Gutera imaga »

Iri naryo rivuye mu ndimi zo hanze maze rigaheza rigasigura « yose » canke « vyose ». Aha rero ni hamwe umunyeshure aba yatoye ikibazo maze akaronka amanota yose kuri yose. « Imaga » rero ntirizwi mu kirundi nyezina, ariko rero abanyeshure bo muri Rumuri bararikoresha cane mu buzima bwa minsi yose.

9. « Kugawusinga »

Uzoza wumva ngo “raba kanaka ingene agawusinga”. Uzoce umenya ko bashatse kukwereka ingene atambuka, amaboko yayashanje kurya kw’abategetsi, atikorako. Baraheza rero bakita umuntu yifise ngo ni “umugawusi”.

10. « Gukongatara »

Akenshi abantu barahura n’imbeho nyinshi maze bagakanya cane gose. Canke murabona umuntu afashwe n’intandara. Uyu aradadarara, mbere ugasanga ntushobora kumugorora kiretse izo ntandara zimuvuyeko. Ariko rero muri kaminuza yacu, gukongatara bisigura « ugufata ingingo ukayumirako, ukihoza abo bose basaba ko woyivako ». Ni kurya muhora mubona abanyeshure baja muri yegereyegere ntibaveyo, gushika ivyo basaba bibonetse. Niko « gukongatara » rero !

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (61)

  1. Ivyo bintu uwo mwanditsi ashije ngaho naba néant Bose bihera ijisho niryinyo sivyiza vyerekan ko akarangamutima kiwe yagasize ahandi mbere yisubireko. Sivyiza

  2. Hari aho wihenze. Bavuga »kuvuza igitari » bisigura guheza kaminuza bikakunanira kwandika igitabo. Bafatira Kiri Canjo yahejeje ntiyandika igitabo aca yigira mumuzika. Uzokwumva bavuga ngo « naka yavugije igitari »

  3. Akabati Kandi Muri Kaminuza Y-igihugu Bisigura Gusugereza Umuntu Muri Benshi Akaja Hagati Na Hagati Kuburyo Y-uko Ataronka Isaganirizo.

      1. A chaque groupe de personne ou a’ route societe’s oou comminute’ correspond un jargon,
        Aho rero izi Ni jargon zabapoil,
        Sigaho!!!!

  4. Ivyo vyose ntakamaro mbona bimariye igihugu, bata umwanya murivyo nyene , ugasanga bataye umutwe numwanya ngo bariko barashingisha abashasha(intégration), amezi nayandi. Ugasanga umuntu bamuteyemwo gusegererereza ngo imodoka zose zire gana nizabo ako kamaramaza nakabonye mu Burundi none umuntu yize asegerereza ama lift atazi nizo modoka yuriye ko ashobora kugiriramwo ingorane kuko atazi nabazirimwo abaribo. Hama NGO igihugu kizotezwa imbere nabenabo. Ivyo ndabivuze kubera maze gutembera mumakaminuza atandukanye yakarere . Kugonda intoke, kugenda wihaya ngo uri umu poil sinzi nubundi buntu bwishi ivyo ntanakimwe bimarira igihugu . Igihugu kigukeneyeko ivyo uzi ntigikeneye aho wize! Nimwibaze impamvu Yuri inyuma ya pays anglopgones, uzokumva umuntu yitwa Licencié Chimie umweretse produit ateranya kugira aronke ikintu gishasha ntamenye nivyarivyo mugabo ariko arabivuga théoriquement ukavugako yarengeje mu kwiga. Ni ibintu ivyo kunywa gusa .Tube nkabandi ntitwige turondera akazi ariko twige kugira dutange akazi!

    1. Uvuze ukuri! uwoba amaze kumva Ijamwo umwami w’ababiligi Leopld II yashikirije abapatiri n’abapastori bera bari muri Conge Belge ababwiriza ico bategerezwa gukora. Yobona ko bamwubahirije. Abo ubu nabo bari bakwiye kuvavanura n’iforoma.

  5. None ga ubu ayo majambo mukeneye avugwe n’abarundi bose?Muraraba neza ndibaza ko ivyo bitari bikenewe ko bose boyamenyeshwa kko ntibakeneye kuyakoresha!

  6. Ariko jewe birantwengeje ! Il fallait l’écrire ! Namwe mutashimye, ni ibisanzwe, ntawunezereza bose ! Mwe mutashimye fata mwandike ibizodushimisha twese ! Ha ! La pensée unique iriko iradukwira nitutaraba neza.

    1. N’importe quelle société ifise rwayo mategeko,rwayo migenzo twebwe tudakeneye nukumenya kko ntaco vyotumarira kukaba nkako nitwabikenera tuzobarondera muga sindavyibaza kurivyo rero uwabivuze ni umu enjambo exposant n

  7. none imvugo bayihindura batumberey’iki? bashaka kwongera amajambo mashasha mu kirundi cnk bagomba kwerekana k ikirundi kitikwiy? mutange umuco.

  8. Iyo Umukobwa Atari Isugi Aca Ashaka N’abandi Babe Nkawe. Hari Abize Muri Za Uni Bakabura Ico Bakurayo, Baca Bagomba Kugaya Uni Y’uburundi. SOHOKA GATO MWIRABIRE AMA MEMOIRES YA BAMWE BAMWE, NI NABO BARIKO BAGAYA UNI BURUNDI.

  9. Nikwo bita gufobeka !!! Le langage entre personnes kugira abandi ntibatahure ! Mu ndimi zose birabaho kandi birakoreshwa. Vous savez ce que c’est une meuf ? C’est quand on parle d’ une femme mu gifaransa !

    1. Mr ou Mme Burundi, tu te trompe fort. Partout au monde, toute collectivité a un langage propre à elle. Va à Paris, le français dont ils usent n’a rien à voir avec le français enseigné en classe. De même, à New York, l’anglais utilisé semble une langue étrange.

      Donc, votre conception des choses fausse.

  10. Kwishimira ivy Ubu poils ntaco bimaze gikuru nukwerekana ivyushoboye Hama ugateza imbere igihugu cakureze.Benshi bibatera ubwibone ngo ni abapoils bakazorinda basaza ataco bimariye ngo ni aba poilissime kuburyo nimvura iguye batugama ngo nukwiyubaha.ako n’akamenyo PE !

  11. Mwarimaramaje ! U.B S’uko Nari Ndayizi ! Mbega Yemwe Aba Poils Bakino Gihe ? Bandanya Mumene Ibanga Kuko Hari Vyinshi Wibagiye ! Ex Douche, Kunoba, Gushinga N’ibindi ! Na Fondamental Siyo Yitwara Ukwo, Wari Ukwiye D.

  12. Kabisa uwo muntu ndakeka ko atari umu poilissime!akaba ariwe naho nomusaba ko yosaba imbabazi aba poilissime bose baciye muri U B,kandi abiciye muri blog nkuko yabigize mukuna ibanga!

  13. Ariko Ntivyari Bikwiye Gusigurira Amajambo Nkayo Ngaha Kurubuga Kuko Ni Amajambo Akoreshwa Mubigo.Nukuri Ntahobitaniye Nukumena Ibanga.

  14. ivya rumuri niho bibandanya bidabuka!karashize ingani amabanga y’abapoils yandagagare mw’ibarabara!uwo muntu yabishizeko nimba ari umunyarumuri iyo haba nka kera yarakwiye douche académique!

  15. none ivyo yashatse kuvyigisha abapoils ko babizi? nimba yigishije aba neants n’agende abegere aje arayaga nabo reka ndamubwire n’ikindi atavuze « abateze »babimenye neza kuva na kera mumigenzo y’ikirundi kirazira kuvuga uko murara nuko mwiriwa muhira iwanyu none atanguye kuvuga codes z’abapois aho twomuvuma umuvyeyi asa n’uwundi . ntaze asubire!!

  16. Ngo amabanga y’aba poils! kura ubwo burofa ngaho , twebwe turazi ayandi makaminuza abanyeshure bazi ico bakora Atari ukugonda intoke gusa ICO mukoze murazi kuduteza urubwa!

  17. umutavu w’ururimi uraca ntuzirikwa. aho uwo muntu yashize ngaho imvugo nk’izo yashatse kuvuga iki?codufasha iki muri rusangi? ni mube mumenya ibanga ico risigura kuko utagira aho abika bamwita « NDANYANGO ». aho ni hamwe no mukazi usanga imvugo bakoresha kugira biborohere mugutanga inkuru hagati yabo, we yaramaze kuzikwiza agahinga kandi bibujujwe.

  18. Muraza mushiraho aho umuntu afyonda « ndabishimye », canke « ndabigaye ».
    Ntumuze muraha akanya abo ijambo rike gusa bari indanyango. Mwoba nukoze. kuko ayo majambo akwiye kumenya n’abayakoresha gusa kuko nibo abazi ico amaze
    si ukuvugako ari ayo kumenywa n’igihugu cose.

  19. Ibimenabanga ntibiri hake!Aho nk’uwo usanga yitwa ngo yaratejwe?biboneka ko yari expert NDAYISABA.
    Aba poils b’umutima mumudutohoreze,hama amajambo make mumaso ya rubanda;mwoba mukoze

  20. Abantu mudatahira sociolinguistics mworeka gushoka mutukana.Iyo comunaute ifise langage yayo sibibi kandi birafasha mw’iterambere ry’ururimi.Amajambo menshi aboneka gutyo.Non nkubu hari uwutazi ico ‘bacemwo’ kivuga!Urumva ntimwoguma mutukana ntabimaze.Haba abize UB cank ahandi iciza nuko bize.Hamw mwobandany gutyo umuntu ahubw yokwibaza aho mutandukaniye n’abatize! »La langue evolue à partir des contributions des communautes qui composent la societé où on parle cette langue. »

  21. reka kumena amabanga yacu sha erega sibose bagiriwe ubwo buntu bwokuja muba poil kandi unite des poilisme ntayo yajanye natwebwe muri as……

  22. ni vyiza kumennya utujambo dukoreshwa muri société ka naka ariko ntibikwiye ko tumenywa na bose.kotegerejwe kuba akabanga ka beneko.abiga ivyerekeye uko indimi zivurwa barabizi.hageze aho ushira ahabona imigenzo n’imvugo vyo mu rugo ntaho ua utaniye numusoda yigisha umurwanya ingene barasa.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.