Photo d'illustration ©Pixabay

Ingaruka mbi z’ukuvyara benshi mu muryango

Mu Burundi bw’aho hambere, eka n’ubu nyene kuri bamwe bamwe, umwana yaboneka nk’itunga ritagereranywa. Kuvyara benshi kari agateka ku bavyeyi, eka no ku muryango wose. Ariko rero ubu, ivyari magera vyarageruye. Umwana asigaye ameze nk’umutwaro kuri benshi kuko ategerezwa kwitwararikwa, gurtyo bigasaba uburyo bwinshi bushobora no kuremera imiryango itifise nkuko Martial Niyongabo abituyagira.

Ngaha mu Burundi, harakunze kwibonekeza abavyeyi bavyara abana benshi. Aho rero ugasanga hariho n’ababavyaye ata buryo bafise bwo kubarera neza. Ukuvyara benshi rero birakunze gukwega ingorane nyinshi mu miryango na cane cane mu gihe abo bavyeyi ari ba ntahonikora. Imbere yo kwiyemeza kuvyara umwana, abavyeyi bategerezwa kubanza kwiyumvira neza nimba koko bazoshobora  kurera uyo mwana. Bakaraba ko bazoshobora kumuronsa ivyo azokenera, nko kumufungurira neza, kumuvuza mu gihe vyoshika akarwara, ukumwambika, kumurihira amashure, n’ibindi.                                                        

Igitangaje cane

Akenshi usanga abadafise uburyo bwo kurera neza abo bana aribo bavyara benshi gusumba. Urashobora gusanga nk’abavyeyi bafise nk’abana batanu kandi ari abarimyi bakorera amafaranga ari munsi y’ibihumbi bibiri ku munsi. Aho rero si n’iminsi yose bazoronka ayo mafaranga kuko ako kazi kabo bakaronka rimwe rimwe. Muri ico gihe uwo muryango uzotegerezwa guhura n’ingaruka mbi z’uko wavyaye abana benshi. Kuko uzosanga ukeneye vyinshi gusumba mbere n’imiryango yifise ariko ikagira abana bake.

Abana nabo barakunze kurwa mu mporero

Nko ngaha iwacu aho imiryango myinshi isanzwe ikenye, kuvyara benshi bigira ingaruka mbi kuri abo bana. Ugasanga nk’akarorero abavyeyi ntibashobora kubafungurira neza ibikwiriye kandi bikwije na ya mirwi itatu y’imfungurwa badutegeka gufungura ariyo ndememubiri, ntanganguvu na nsanganyangaburo. Akenshi mbere bakabafungurira rimwe gusa ku munsi, canke mbere bikanashika bakabwirirwa bakanaburara. Ivyo bigatuma mu muryango hama inzara abo bana nabo bagakura bafise amagara mabi bakama banarwaragurika. Iyo bagize Imana naho bagakura bagakurana ingeso mbi nk’ubusuma kubera inzara. Ikindi gikunze gushika n’uko abo bana batiga kubera ko abavyeyi badashobora kubaronkera amahera y’ishure canke bakigisha bamwe, abandi bakabareka.

None hokorwa iki?

Abavyeyi bomenya ko ubu ibintu bitakimeze nka kera aho umwana yabonwa nk’ubutunzi. Ahubwo ko ubu umwana asigaye ari umutwaro uremereye cane, ubona ko n’ubuzima bwanazimvye ibintu vyose vya nkenerwa ku muntu vyaduze ibiciro ku masoko. Vyiza rero, abiyemeje gushinga ingo zabo bovyara abo babona ko bazoshobora kurera. Bakegera n’abaganga bakabaha impanuro mu bijanye no gukoresha bwa buryo bwo gutandukanya imvyaro gurtyo ntibasange baguye no mw’isanganya ngo bavyare abana batategekanya. Leta nayo nyene yokwongereza inguvu mu mahimiriza isanzwe ikora kubijanye n’ico kibazo.

Articles récents

Recent Comments ( 1 )

  1. Ivyo Muvuze Ni Ukuri Kudateye Amazi.Ariko Harageze Nimba Hatarenze Ko Duhinduka.Ahanini Jew Ubu Ivyo Ndabiha Cause Principale Ya Manque D’occupation.Umugabo Amaz Kuba Ng’aho Atakazi Akora Ngo Atahe Yacotse,umugore Naw Nyene Gutyo,Biracagoye Ko Batovyara Injojo Biriranwa Bakararana!

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*