article comment count is: 1

Uteye inda umukobwa vyoba vyemeza ko atazoguheba ?

Ukwo imyaka ihera nikwo ibintu bihinduka, abantu bagahindura ingendo mu buzima bwabo bwa minsi yose mu vyo bakora no muvyo bagendera nyene. Mu gihe twari tumenyereye ko umusore n’inkumi bakundanye bategura urubanza batekanye hama bakubaka urwabo, ubu hari iyindi nzira bamwe bacamwo kugira ivyari bigoye vyorohe ! Benshi rero baribaza niba vy’ukuri uteye inda umukobwa wakunze yoba ari yo nzira nziza yo kwizigira ko atazoguheba. Landry Rukundo aratuyagira ivyo bamwe n’abandi bavyibazako.

Umwigeme atwariye inda iwabo kuva kera na rindi yaba atesheje agaciro umuryango wiwe na cane cane abavyeyi bo bajejwe indero yiwe. Aho hambere hoho, uwo mwigeme yaratabwa mu gisumanyenzi kugira bose babone ko ari ikosa rikomeye rishobora no guhitana ubuzima bwiwe. Eka n’umuryango wiwe warashobora kunyagwa urukombamazi. Mu gihe ca none, umukobwa atwariye inda iwabo, na honyene mu muryango wiwe afatwa nk’uwataye indero kiretse ko umugirwa wo kumuta mu gisumanyenzi utakigirwa. Ariko rero, hari n’abahungu bahitamwo gutera inda abakobwa bakundanye hataragera ko babana mu ntumbero yo kwikingira kugira ntazotwagwe n’abandi.

« Ndamuteye inda, ntawuzomuntwara ! »

Ku bwa  Mugenzi Alfred Aubin batazira Kigingi, asanzwe ari umumenyeshamakuru agakora n’umwuga wo gutwenza abantu, ngo  iyo umuhungu amaze guhebwa n’abakobwa kenshi, mu ntumbero yo kwicungera, birakunze gushika agahitamwo gutera inda uwo basubiye gukundana kuko yibwira muri we ko amuteye inda atazomuheba kandi atawuzomumuntwara.  

Kigingi abandanya avuga ko bikunda kandi gushikira abahungu yise ba « dawe simbikwiye ». Abo nabo ngo iyo bakundanye n’abakobwa beza baronderwa cane n’abandi bahungu ngo baba bibaza ko ata mahirwe yo kubandanyana bafise. Wewe agira ati : « Mwene abo ba dawe simbikwiye, bibwira ko umukobwa umuteye inda adasubira kuronderwa cane n’abandi bahungu bigatuma rero biyumva mu mutekano ntangere ».

Florent Mugisha (izina ryahinduwe) wewe aremeza ko yabikoze mu gihe yabona ko  umuryango w’umukobwa utari ushaka ko arongora umukobwa wabo. Nawe agira ati :    « Mabukwe ntaco atagize kugira aburabuze urukundo rwacu. Yaransavye incuro nyishi ko nohebana n’umukobwa wiwe kandi vyaraboneka ko umukobwa wiwe yatanguye kumwumvira. Hama naciye mpitamwo gukoresha uwo mukenyuro mbere baca baranadufasha turagira ubukwe mu buryo bwihuse cane !»

Icibonekeza n’uko iyo nyifato iriko iragwirirana cane muri ino minsi kuko n’abavyeyi babonye umwana wabo atwaye inda kenshi bihutira kumushingira kugira ntavyarire i muhira. Maze rero ivyo bigatuma iyo ngeso igwirirana.

Mbega ni vyo vyari bikwiye gukorwa?

Ku bwanje, ntivyari bikwiye kuba umukenyuro abahungu bokoresha kugira bizere ko uwo bakundanye atobaca muryahumye. Ahubwo urukundo ni rwo rwonyene rwari rukwiye gushirwa imbere, atakuraba ibi canke biriya. Ikindi naco, abavyeyi nti bari bakwiye kutihutisha umukobwa yatwaye inda ngo ace yubaka kuko inyuma yo gutwara inda hari ubundi buzima bubandanya kandi bugizwe n’ibihe vyinshi kandi bitandukanye.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. kuri ico novugako ababikora bafise iyo ntego ni bake cane.ndavye nkaho mperereye nabahungu bake bemera inda bidaciye muri nankana.abavyemeye nabo bamwe ugasanga bavuzengo twemera umwana nyina sindamwera,uwundi mugwi ugasanga bavuga ngo ko vyashitse nkamutera inda reka nce ndamugira umugore,abandi ugasanga ntaninzu yarafise akavuga ati baze mundindire nubake inzu cank mpeze amashure arik ahejej kwiga yamashure benshi baca babonako babakobwa batera inda batagikwiranye.ico nobona bokwihangana kuk uwugukunda naho hoba mumyaka 30 cank 35 yokurindira.mwihangane ntimutwagwe n’ibishobisho.uwo binaniye kwihangana bakoreshe udukingirizo