Mugihe haheze iminshi Leta y’uburundi imenyesheje ko igiye guhagarika itangwa ry’akazi mu bisata bimwe bimwe vyayo, Aminadab Havyarimana we abona ko bitoca intege urwaruka mu gihe hari amahoro n’umutekano mu gihugu.
© Photo: Source
Haheze iminsi mike Leta y’u-Burundi ifashe ingingo yo kuba irahagaritse itangwa ry’akazi mu bisata bimwe bimwe vyayo muntumbero yo gutubika umukanda bivuye ku bihe igihugu kiriko kiracamwo.
Abatari bake, na cane cane mu rwaruka, bari mu kajumararo na cane cane ko benshi mubaheza amashure bari bahanze amaso Leta kuko ariyo yahora itanga akazi karamvye kuri benshi.
Benshi mubahejeje amashure, haba muri kaminuza canke mu mashure yisumbuye, baribaza iyo bagiye kuja na cane cane ko n’abari basanzwe batagira akazi bari basanzwe ku rugero runini mugihugu. Bamwe bati ubuho n’ivyahora bihuha bigiye guhuhuka ko na bake bahora bagira ayo mahirwe batakikaronse.
None urwaruka rwari rukwiye kwihebura rugaherezako ? Mbega hari ico rwosaba Leta kitari akazi kugira rushobore kwibeshaho ?
Hari ibintu bibiri nibaza ko bishobotse ko biboneka mugihugu abatari bake bashobora kwigwanako mbere bamwe bagashobora kwiteza imbere kurusha n’abakora mubuzi bwa Leta. Ica mbere mbona n’amahoro n’umutekano mugihugu. Ica kabiri n’itunganywa ryiza ry’imikorere y’abikorera utwabo.
Amahoro n’umutekano nk’umushinge n’inkingi vy’iterambere rirama
Duhereye kumahoro n’umutekano dusanga arivyo mushinge bikaba n’inkingi y’iterambere rirama. Iyo mugihugu hatekanye, abantu bose bakorana umutima munda maze bikabaha ingoga mu migambi yabo kuko kugira umuntu akore yongere atere imbere n’uko akora ategura ejo heza. Umuntu ategura ejo heza iyo abona ko ashobora kuhashika, aho ni mugihe c’amahoro n’umutekano.
Itunganywa ry’imikorere ku bikorera utwabo mu gihugu nk’akarusho
Ica kabiri gikomeye n’uko mu gihugu haba hatunganijwe neza ingene abikorera utwabo bakingigwa n’utwabo kugira ngo umwe wese atungwe n’ico akora kandi uwariwe wese arye ivyo yabiriye akuya. Ivyo rero vyoraba abantu bose uhereye kubahingura utugenegene, abitergurira imigambi y’iterambere y’ubwoko bwose, abadanzaza b’ingeri zose. Ivyo vyose vyokogwa muntumbero yo guteza imbere ingendo yo guhiganwa mu gukora neza maze uwushimishije abamwitura bikamuzanira akarusho hanyuma ako gahimbazamusyi kakamutera intege mu kubandanya akora neza. Bibaye ngombwa akazaniramwo n’uburyo bushasha bwo kubandanya ashimisha abo afasha.
Urwaruka rurashoboye kwibeshaho rudakoze akazi ka Leta
Muri make, ivyo bintu bibiri bivuzwe hejuru ni nyamukuru ahanini abakiri bato bari bakwiye kwipfuza mu gihugu. Biramaze kwibonekeza ko atariko akazi ka Leta kari gakwiye guhurumbirwa cane. Benshi, na cane cane mubize, barashoboye vyinshi mugihe baronse inyigisho nkabura bwenge zibereka ivyo bashoboye. Ni naho duhera tukabona ko kugira umuntu atunganye umugambi wo kwiteza imbere atari umutahe uza imbere. Umuntu amaze kubona neza ico yokora n’ivyo ashoboye yama aca abona n’inzira umutahe nkenerwa wozananamwo. Imbere ya vyose n’ukumenya ico ushoboye kandi unakunda maze ukagitegurako umugambi wogufasha kwiteza imbere ugateza imbere n’abandi. Hari benshi bateye imbere atari uko bari barushije ubuhinga n’ubumenyi abandi ariko aruko batinyutse bakagira imigambi y’iterambere. Nta mvo n’imwe yo kwihebura mugihe igihugu kirangwamwo amahoro n’umutekano maze abikorera utwabo bagatunganirizwa nk’uko amategeko abagenga abitegekanya.