Abatari bake ntibari bwavyiyumvireko canke n’abavyiyumviriyeko ntibashimye kubiganira n’abandi. Aho ibiciro vy’ibifungurwa bigeze muri kino gihe, ibinyantete bimwe bimwe, nk’ibiyobe, ibigori eka n’ibiharage bisigaye birenza ifaranga ku rutete ! Léon Bigoro ni we atuyagira ivyo yihweje maze asanga urutete rw’ikiyobe rurenza amafaranga abiri y’amarundi.
Ubukene bw’amafaranga y’agaciro nta co butazokwereka Abarundi. Ibintu vyose vyaraduze ibiciro, akaja mu nda ko nk’ukundi uko. Ku biribwa vy’ibinyantete, hasigaye aho abadandaza bashinga ibiguzi baharuye urutete ku rundi. Ku vyema bisa n’uko bitakiri agaseseshwarumuri.
Ku birabo (ubunywero) bitari bike, mu gisagara ca Bujumbura, abana badandaza amagi n’ivyema (abandi bavuga ikaranga, abandi ibiyobe) bacanacanako. Co kimwe n’abandi badandaza babayabaye, ivyo kwubaha ababaruta ntibakivyerekwa, kuko barahagarara hejuru y’umuntu ariko arifatira agacupa iyo yakaguye ko, ukamengo n’ico abafitiye. Mu kwironderera ifaranga, akwereka ko ikaranga ziwe uzikojeje ico kiyeri canke ako ka Amstel, ari wararaye. Ubona ko hari ho n’uturere abarya za mushikake atari ikirenga, bene ibiyobe bobo baca bazivugiriza mu gipfunsi. Uwo babonye afashe mushikake nti bamwegera.
« Karanga, Karanga, … we sha! ko nguhamagara nti wumve! » Akenshi usanga umunywi w’inzoga ha gupfakaza icupa ngo aguze igiti c’inyama, ahita mwo kugura utwo tuyobe. Ni agatekero kamwe, tubiri, canke dutatu, tw’ijana, amajana abiri canke atatu, igishaka ikaranga kigasubira mu nda. Mugabo ku biciro nta wutidoga, kandi ku mvo rimwe na rimwe zumvikana.
Abamaze kubigendereza basanze agatekero k’ivyema vy’ijana karimwo udutete turi hagati ya 30 na 35. Ni gake gashikana 40. Harure namwe, urutete rumwe runege rurarenza ifaranga. Uharuye neza usanga rugurwa amafaranga atatu, na yo nyene arenga. Ubukene bw’amafaranga y’agaciro, cane cane amadolare n’amanyabulaya, bwaje buhuhura n’ivyahora bihuha mu bijanye n’ibiciro vy’ibifungurwa.
Abantu rero bagumana akangonongono, umwe wese aho aherereye. Mugabo abatari bake bakagumana ibibazo : n’ibiyobe na vyo ! Iyo rija ngo ni uko ifaranga ry’Uburundi ryataye agaciro ! Ivyo bituma abaguzi baheza bakibaza ingene bigiye kugenda ku biharage, ibigori, umuceri, isukari n’ibindi. Mbega none abadandaza ivyo biribwa vy’ibinyantete, bagiye kuzohora babicuruza baharuye urutete ku rundi nk’ukwo kw’ivyema ?
Ariko rero, uwovyihweza neza yosanga ivyo biciro vy’ikaranga za none bifitaniye isano n’ivy’ivyo bindi biribwa. Ko kino gihe ibiharage bigeze ku mafaranga 1400 ku kilo, ibigori ku 1300, canke arenga, ubwo umuntu aharuye urutete ku rundi yosanga ikilo kigizwe n’intete zingahe ? Na ho nyene hari aho tuzosanga urutete rurenza ifaranga. No ku binyamagoma bisa n’ivyo bindi : iyo ubajije ikilo c’ibiraya bakagucira amafaranga amajana icenda, ni ukuvuga ko ikiraya kimwe kigurwa angahe ? Ubucuti hagati y’umuguzi n’umugurisha, n’aho bubwirizwa kwamaho akaramata, butera butosekara kubera ukuduga kw’umurengera kw’ibiciro.