Mu gihe hirya no hino kw’isi, tudasize inyuma no mu Burundi, abana bakunda guhura n’ingorane zitandukanye bivuye ku magara canke ubushobozi buke vyabo, ni ngombwa ko uwariwe wese yibaza icokorwa kugira agateka kabo kagarukirwe. Chadrack Nzeyimana aratwibutsa ko umwana ari uwa bose n’ibitari bike mu vyo twari dukwiye kumukorera aho duherereye.
Kw’isi hari imirwi myinshi y’abantu agateka kabo katubahirizwa. Imwe imwe irakagwanira mu buryo ubu canke buriya aho bikunze bakagasubizwa canke ibintu bigahinduka. Ariko harimwo imirwi yindi bidakunda ko banagaharanira bivanye n’ubushobozi buke, imyaka, aho bakuriye, intwaro z’aho baherereye, n’ibindi n’ibindi. Muri abo harimwo umurwi w’ abana. Abo, kubwo kutamenya agateka kabo canke kutagira ubushobozi bwo kugaharanira n’ibindi, bararenganywa kenshi atagisemerera. Guhera mu miryango gushika kw’ishure, tutibagiye no mu kibano. Bamwe babuzwa kuja kw’ishure canke bajayo bagafatwa nabi. Abandi bakoreshwa ibikorwa bibarengeye canke vy’urukozasoni n’abo mu miryango canke ababatunze.
Ukwo ibintu bisanzwe bimeze
Izi nzirakarengane kenshi ziba ari impfuvyi canke bakaba bahuye n’izindi ngorane zo mu buzima. Biranashika bagakoreshwa mu ntambara, bakikorezwa amasasu, bagafatwa ku nguvu, n’ibindi. Ku bw’intambara canke izindi ngorane, hari abahisemwo kuja mw’ibarabara. Ibiharuro vyerekana ko abana bashika imiliyoni 160 bari mw’ibarabara kw’isi yose, imiliyoni hagati ya 30 na 50 bari muri Afrika. Aba bana kenshi biba ngombwa ko bitegurira bo nyene ejo habo mu buryo butoroshe, nko mu kurera abo bavukana kuko abavyeyi batakiriho canke babahevye. Abandi bagakurira mu marerero batazi urukundo n’ukwitabwaho, ata cizere c’ejo.
Ni vyinshi ibibondo bikorerwa canke bikoreshwa bituma babaho bihebuye kandi bidakwiye kubandanya. Umwana ni ikiremwa muntu. « Ategerezwa gukura mu buryo bw’umubiri, gutera imbere mu mutwe, mu kibano, mu vyo kwizera mu bwigenge n’agateka », nk’uko Amateka mpuzamakungu agenga agateka k’abana mu ngingo 1386 ya ONU umwaka wa 1959 abivuga. Umwana akwiye kugira uburenganzira bwo kubaho neza, kwiga neza, gufashwa gutegura ejo hiwe, kwitabwaho mu gufungurirwa, kwambikwa, kwigishwa indero nziza, gukingirwa icoza gihungabanya agateka kiwe, kugira amagara meza, kubaho no gukurikira indoto ziwe afashijwe n’abamukurira.
Aba bana bashobora kuba basaza bacu, bashiki bacu, bavyara bacu, abishwa, incuti canke abagenzi. Kutabitaho ni ukutitaho ejo h’igihugu n’isi vyacu. Aho uri, ntusabwe kubaha vyose ariko, ico ushoboye gikore ku bw’ineza y’umwana n’umwe. Abana niryo tunga ry’ejo twe turiko turarengana, nibo bukene bw’ejo nitutabitaho. Umwana ni ingabire Imana yaduhaye tuyibungabunge, ni akatabonwa na bose…. !
Iyo nyandiko yawe uyidushikirije nkaho woba uhagaze mu kirere ukaba ubona ibiba ku bana bari mu bihugu vyose ucishije mu ngingo za ONU, ariko wakoze uko ushoboye, ni vyiza.
Muvy’ukuri, mu gihugu c’Uburundi, abana ntibafise ingorane kuko bakoreshwa mu ntambara. Ikibazo kirazwi, n’ukubashira mw’ishule bose. N’ugukora uko dushoboye ngo na barya bo mu muhanda tukabashakira aho baja gukarisha ubwenge. Hagati mu gihugu, hariho abana b’abahungu n’abakobwa vyananiye kwiga rwose, na primaire yabananiye. Kuki Leta itodushiriho ba « encadreurs des mineurs » mu gihugu cose. Bakwiye kugira ibigo vyakira urwaruka rutiga, kandi abananiwe n’ibibazo nabo, hagakomezwa izo programme zo kubigisha imyuga, batibagiye no kubafasha gutez’imbere impano kama bavukanye. Akarorero: Hariho abana bazi gucapa neza, abakunda kuririmba, abakunda kudandaza, abafise ingabire yo kuyobora abandi, n’izindi. No mu mashengero barakwiye kwitaho cane ikibazo c’urwaruka. Dufise ikibazo kibi mu Burundi, iyo bavuze urwaruka, bose baca babona mu mitwe yabo rwa rwererane ubona mu gitondo rwa za uniformes Baja kw’ishule. Ariko hariho abana bagorewe hagati mu gihugu, mbere bataja no mw’ibarabara gusabiriza.
Niba ingorane zifise abavyeyi niba ar’imfuvyi, nimba, ar’ubugwayi, vyose bikaja ku rutonde. Igihugu cacu kizokizwa no gufata naza abana bacu. Ivyo wavuze vy’ingingo za ONU, biri mu mpapuro zo mu bureau, umwana wo mu rutoke akeneye umuvyeyi n’umubanyi mwiza bafise umutima wa kimuntu. Kandi ba musitanteri b’amakomine babishizemwo inguvu, ico kibazo cotorerwa umuti, imbere y’uko turondera kubashira mu mashure bose. Reka dushimire Leta ku kigoro igira ko gufasha abana bose ngo bige, ariko « IMVURA IRAGWA NTIKWIR’ISHAMBA ». N’ubu abana basigara mu bisaka ntibabuze, kandi ntibazigera babura, kubera imvo izi na ziriya. Ariko burya n’inzara ivanze na za malaria, ntiwibaze ngo n’ikibazo coroshe! Iyo bigeretseko ibibazo vyo gutandukana kw’ababiranye, ubusambanyi, uguharika, ivyo vyose bigira ingaruka ku mwana w’umurundi.
Wakoze kur’iyo ngingo.