article comment count is: 1

Umuziki n’akamaro kawo mu Burundi

Mu gihe umuziki, waba kavukire canke mvamakungu, usanzwe ukundwa kandi ugafasha benshi, Prosper Niyonkuru araducira kumayange ivy’umuziki w’i Burundi hamwe n’icokorwa kugira ubandanye kugira akanovera wamanye.

Kw’isi yose, umuziki wamye ari kimwe mu buryo bukoreshwa mu kugaragaza umunezero canke umubabaro. Iyo abantu banezerewe baravyina, bagacuraranga eka mbere no gutamba bagatamba. Iyo bababaye nahonyene baracura intimba. Mu Burundi, umuziki watanguye kera cane. Muti gute? Haba mu bitito abakera bavuga, turasangamwo uturirimbo. Kenshi na kensi no manza wasanga hariho indirimbo zijanye n’urubanza urwarirwo rwose. Turabibonera kandi no mu ntambo zitandukanye ziri ngaha mu gihugu nk’umuhanga, umudiho, umuyebe, agasimbo n’izindi. Ibicurarangisho kavukire na vyo nyene vyari bihari. Aho twovuga nk’ingoma, inanga, ikembe, n’ibindi. Ivyo vyose birerekana ko umuziki wari ufise ikibanza kidasanzwe mu buzima bw’abarundi.

Ico umuziki umaze

Umuziki rero nico kintu ca mbere kiryohera ugutwi eka mbere n’ubwonko bugashikirwa. Uraruhura mu mutwe, ukagabanya ivyiyumviro bibi, ugatuma mbere unavyibagira. Abahinga mu nyifato baranemeza ko ushobora no kuvura ingwara zimwe zimwe zo mumutwe. Mu kibano naho, umuziki urateramisha abantu, urahuza abasanzwe batarabana ryiza, urahanura tutibagiye ko unatwigisha.

Igenekerezo rya 11 Rusama, uko umwaka utashe, isi yose iribuka umuririmvyi Bob Marley azwi nk’umwami w’umuziki bita Rege. Abarundi batari bake baritaba uwo munsi kuko bazi ko yatanga ubutumwa buhambaye mu ndirimbo ziwe. Yaririmba amahoro n’urukundo, akagwanya akarenganyo n’iyo gaturuka hose. Ikivyerekana n’uko amaze imyaka irenga 30 apfuye ariko indirimbo ziwe zikaba zigifise akanovera kandi zigikundwa na benshi.

Mumyaka y’1980 kuduga, abaririmvyi b’abarundi baragerageje kumwisunga naho bataririmba mu mudiho wiwe. Barakoze birashimwa, barakora indirimbo zirimwo ubutumwa buhambaye kandi ziryoshe cane. Aho twovuga nka Ewe Burundi ya Canco Hamisi, Mwiriwe neza ya Africa Nova n’izindi. Barahuye n’ingorane zitandukanye kuko iterambere ritari bwakomere. Ico gihe ntamazu yo guhinyanyura umuziki yarahari, bakabura ibikoresho bikwiye n’ibindi. Nubwo biri uko, izo ndirimbo ziracakundwa n’aba kera, eka n’urwaruka nyene.

Uko vyifashe mu muziki wa none mu Burundi

Umuziki w’Uburundi warateye intambwe iboneka kuko n’iterambere ryariyongereye. Ubu abaririmvyi ntibagihura n’ingorane yo kubura aho basohorera kuko amahinguriro y’umuziki yaragwiriye kandi akaba akoresha n’ubuhinga bwa none. Hariho mbere n’abo ubeshejeho nk’akazi ka minsi yose. Ariko naho biruko intambamyi zo ntizibuze. Ka kanovera k’indirimbo nyinshi zisohoka ubu ntikagishemeye. Indirimbo irashobora gusohoka kandi ikanakundwa cane ariko inyuma y’umwaka ntibe icibukwa. Abaririmvyi bamwe bamwe ntibafata umwanya ukwiye wo kwitegura. Hari n’abo usanga bitwa ko bakomeye ariko batazi no gucurarangisha igitari. Ariko kare ivyo nti vyakunda.

Icokorwa mu kugarukana akanovera mu muziki w’Uburundi

Ku bwanje kugira ngo ako kanovera kagaruke, birakwiye ko abaririmvyi bacu bafata umwanya ukwiye wo gutegura indirimbo zabo. Bagasuzuma neza ko bafise ubutumwa bashaka gutanga, ntibibe ivyo kuryohera ugutwi gusa. Akenshi usanga Ndagukunda kirezi canje ariyo ifata ikibanza kinini gusumba Ndagukunda Burundi mu ndirimbo z’ubu, nk’uko womengo ntakindi co kuririmbwa. N’urukundo rw’igihugu cacu narwo rurahambaye kandi turakeneye kurwumva mu ndirimbo. Uwuhayagije igihugu abayerekanye ko agikunda kandi agatuma n’abandi bagikunda. Mbega umwana yakuze yumviriza Sagamba Burundi hamwe n’uwakurize azi Satura amabafure bazokunda igihugu kumwe? Ririmba amahoro, ubumwe, muremeshe abihebuye, muhimirize ibikorwa gutyo muzoba muterereye umuganda mu kwubaka igihugu.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Umuziki Ni Kirumara m,umibereho y,abantu kuko naho uba ushavuye ushobora guca utekana mugihe uririmvye canke w,umvirije ururirimbo.rero nuko uwo muziki woba ari uwutanga inyigisho nyayo.