Mu Burundi, turamenyereye ko umugabo afatwa nk’igikingi c’irembo, atari i muhira ukamenga haragaragara. Ni we rero abantu benshi bibaza ko ivy’umuryango vyose biraba. Ariko rero, umuntu yihweje ukwo ibihe bigenda birahinduka, usanga umugabo n’umugore bari bakwiye gufashanya kuronderera no gutunga umuryango wabo nk’ukwo Rénovat Ndikumwenayo abituyagira.
Abarundi batari bake, mu mico yabo, bazi ko ukwubakana n’umukobwa yifise bituma ataba agiha icubahiro uwo bubakanye mu gihe umuhungu afise uburyo bubayebaye. Aho mbona bahihendera cane kuko itunga ry’umukobwa rishobora kwunganira mu gutunga umuryango. Dukunze kubona iyo umuhungu ashaka kwubaka urwiwe ariwe yikubita hirya no hino mu kurondera inkwano hamwe n’ibizobatunga. Eka mbere, niyo bamaze kwubakana, umuhungu akaba ari we aguma arondera vyose. Ivyo na vyo bikaba biva ku migenzo y’Abarundi aho bavuga ko serugo ari we ategerezwa gutunga umuryango. Uwo mugenzo, ku bwanje, mbona ko utagikwiye guhabwa ikibanza muri kino gihe kuko urugo ari babiri. Ababana bategerezwa gufashanya mu gutunga umuryango.
Ukwo ubuzima bwari bukwiye kumera mu muryango
Notanga nk’akarorero ku mukobwa umwe aba mu gisagara ca Gitega yaheje amashure ya kaminuza mu gisata c’ubutunzi ubu akora mw’ibanki imwe yo muri ico gisagara akaba ahembwa amafaranga arenga ibihumbi amajana ane (400 000Fbu). Uwo rero yubakanye n’umuhungu w’umwigisha ahembwa ibihumbi mirongo umunani gusa (8 000Fbu). Ngerageje kubaza umugenzi wabo pfampfe ukwo urugo rwabo rwifashe, yambwiye ko ari urugo rw’akarorero. Avuga ko iyo umugabo akenye amafaranga yo kuja guteramira hamwe n’abandi bagagabo, umugore aca amuha nk’ibihumbi icumi kugira umugabo aterame mu bandi. Arongera akavuga ko banateye imbere kandi bakundanye cane kuko bafise n’imodokari ibunguruza iyo bagiye ku kazi canke bashaka kujana abana kw’ishure ikongera ikabahitana mu gihe co gutaha.
Ivyo rero vyerekana neza ko mu gihe umukobwa ashoboye kuba afise amatungo menshi canke amafaranga ari intambwe ikomeye ku muryango. Bituma bashobora gutera imbere cane iyo babikoze mu mwumvikano.
Ico vyokwigisha abubakanye n’abavyitegurira
Ku bwanje, Abarundi bokwigiza inyuma imigenzo itakijanye n’ibihe tugezemwo.Ubu hageze aho umuntu akora ijoro n’umutaga arondera icomutunga kikongera kigatunga umuryango. Mu gihe rero umuhungu aronse uwo bubakana kandi afise ico amuterera mu gutegura kazoza kabo iba ari intambwe ikomeye.
Twese turazi ko nyamwigendako atarimira impeshi kandi ko ubugirigiri bugira babiri. Muri iki gihe ntivyari bikenewe ko haba urwitwazo mu kuvuga ko umuhungu abwirizwa kwubaka n’umukobwa afise amikoro make. Ntaho vyoba bitaniye n’ukwihenda bivuye ku kutamenya mu gutegura kazoza k’umuryango wabo. Abakobwa barakwiye gutegura kazoza mu kurondera ubutunzi buzokwunganira umugabo mu gutunga umuryango. Abahungu na bo ntibagatinye kuresha umukobwa abarusha ubutunzi kuko vyose n’urukundo. Kanatsinda iyo mumaze kubana ivyo mufise vyose murabisangira.
nivyizako abagabo benshi batahura ivyo gufashanya n’abo bubakanye murugo
jewe naramaze gushira umutima wanje k’ugufasha umwamikazi wanje n’udukorwa two mugikoni.
ivyo nivyo mugabo abakobwa benshi babonako umugabo akenye KO ataco aba akimaze.