article comment count is: 0

Ukwubahana vyoba bigifise agaciro ?

Iyo umuntu yihweje ukwo abantu bigenza muri bino bihe, hari vyinshi bitangaje. Imico n’imigenzo bimwe bimwe bigenda biratituka ukwo imyaka ihera. Haragera igihe umuntu yibaza niba imico imwe imwe igifise agaciro nka kera. Prosper Niyonkuru niwe yibaza niba ukwubahana vyoba bigifise agaciro mu Burundi aravye ukwo abantu bamwe n’abandi bigenza mu buzima bwabo bwa minsi yose.

Kuva  kera Abarundi  ngo barashira imbere ukwubahana, umuto akubaha umukuru, eka mbere n’umukuru akubaha umuto.  Ivyo rero ngo vyaba mu ntumbero y’uko abantu babana neza. Uwo muco mwiza rero nama nibaza nimba n’ubu woba ukihari koko canke utoba waratitutse.

Aho kwubahana biva

Tukiri bato, haba muhira, mu masengero, tutibagiye mu mashure, abavyeyi, abakozi b’Imana hawe n’abarezi baratwigisha kwubaha abaturuta. Abavyeyi batwigisha kuramutsa umuntu akuze n’amaboko yose, bakatubuza no kubavuga mw’izina. No mu mashure kwari nk’uko. Mu masengero baca bongerako ko n’abakuze bategerezwa  kwubaha abo basumba. Mu kibano rero uyo muco waribonekeza cane.

Ukwubaha abadusumba ntibifatira kumyaka gusa. Barafatira ku cubahiro ahanini  bivuye ku mabanga umuntu ajejwe, na cane cane mu ntwaro. Umuntu afise  amatungo canke akaba nk’umurwizatunga w’iki gihe, eka n’uwize, aho hambere, nti bari abantu basanzwe. N’abo kubahwa koko. Naho rero batwigisha kwubahana abakuru n’abato, jewe birangora kumenya neza ko abakuru bubaha vy’ukuri abo baruta. Ku batobato hoho sinkekeranya ko biriho, naho ntokwemeza ko bikorwa uko vyahora aho hambere.

Mbega abakuru boba bubaha abantu batobato ?

Ugiye mu biro bimwe bimwe iyo ufise ico usaba, niho umenya vy’ukuri  aho kwubahana bigeze. Ahatari hake maze kuja, nasanze abakuru batakira neza abo bajejwe gutunganiriza. Usanga babaraba irarirari, babatera imirarwe, babajuragiza canke bakanka kubakira. Aho rero ugasanga  bariko biganirira n’abo bakorana  canke bariko bavugira ku materefone. Haheze akanya uza ubona bugaye ibiro ata n’ico bakubajije ugasigara wumiwe.

Kuba umutegetsi ntibisigura kutarwa mw’ikosa namba. Ariko kwicisha bugufi ugasaba imbabazi na vyo birahimbara cane.  Nko muri kino gihe c’urushana, mpora ntangazwa cane n’inyifato ya bamwe mu bagendera mu miduga. Mu gihe ahenshi nko mu gisagara ca Bujumbura usanga hamwe hamwe amabarabara yarononekaye, usanga ibonogo vyuzuyemwo urushanga hagati muri yo. Muri ico gihe ukaza ubona imodoka ije iriruka igasiga ijaburiyeko ibishanga abantu bariko bigira n’amaguru. Ugasanga nk’umunyeshure yambaye umwabaro w’ishure asigaye yuzuyeko ivyondo gusa. Igitangaje n’uko nyene kubikora aba yabibonye ariko ntahagarike iyo modokari yiwe ngo apfume asaba imbabazi. Mpora nca nibaza niba abagenda n’amaguru ata gaciro bafise.

Icari gikwiye gukorwa

Ukwubahana vyaratitutse rwose kandi ku mpande zose. Ingaruka zavyo zica ziba nyinshi kuko atamwumvikano canke ukubana neza mu bantu biba bikihari. Nk’uko baca umugani mu kirundi ngo « umwiza uva i bukuru ugakwira hose », birakwiye ko n’abakuru bokwama batanga akarorero keza muri vyose ariko ukwubaha abandi bikaza imbere. Muri ico gihe na bo nyene bokwubahwa n’abo basumba, gutyo umubano mwiza ugatsimbatara mu bantu.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion