article comment count is: 2

Ukwemera Imana n’ukugendera ubuntu mu Burundi

Uburundi n’igihugu kirimwo abantu bemera Imana kurugero runini. Haraheze amezi atari make bugiye mungorane za politike zanakweze indyane mu bantu. Ariko rero kubona hari ubugizi bwa nabi n’ayandi mabi mu gihugu, Aminadab Havyarimana aratangazwa n’uko amasengero nka yose usanga yuzuye ku minsi y’amasabamana.

Umuntu avyihweje neza aribaza niba, mu Burundi, abemera Imana bo mu mashengero yose, bayemera mu kuri canke ari uruhendo. Mubisanzwe, inyigisho duhabwa n’amadini atandukanye dusengeramwo ziduhamagarira kuba ab’Imana babushitse. Tubishikanwako n’urukundo dufitiye mugenzi wacu. Ariko rero naho inyigisho bene izo tudasiba kuzironka igitangaje n’uko amabi n’ubugizibwanabi bidahera mu gihugu. None abemera Imana bo mu Burundi, duhereye kubaza kw’isonga nk’imboneza mu kwemera, boba vy’ukuri biyumvira inyigisho turonka iminsi yose? Habuze iki kugira iciza ciganze mu gihugu maze umubano mu bantu ubandanye kuba mwiza?

Ingendo ya benshi idashimishije

Turetse no guhagarara cane kuvyotubona ubu, umuntu aguma atangazwa n’uko abemera murirusangi bagiye baritwara mu bihe vy’amakuba igihugu caciyemwo. Nta gihe na kimwe abarundi bigeze bareka gusenga no guhanahana impanuro runtu. Ariko rero igitangaje biribonekeza neza ko abemera Imana benshi, harimwo na bamwe mu batanga inyigisho, batazigendera. Benshi turondera kuboneka neza imbere y’abandi ariko vy’ukuri ataco tubarushije mu kugendera ubutungane n’urukundo. Ibintu bibandanije gutyo, biratsitaza abafise imitima ihuha kuko bibaza ko gusenga no kuvyihoza vyose bisa.

Ingendo yokwisunga no gutsimbataza mu bantu

Ariko rero naho biri uko, uturorero twiza ntitubura kuko abantu bagendera ukuri n’ubuntu bariho naho ari bake. Ari nabo kumbure babandanya guhembera ineza ngo ntigende akagirire. Abo bantu rero bihatira kugendera ubuntu mu kubana neza na benewabo bari mu madini yose no mu mice yose y’abanyagihugu. Abo nibo twofata nk’inkingi z’ubuntu mu bantu kandi bari mu mirwi n’inzego zose zigize ubuzima bw’igihugu nk’uko n’abatitwara neza bibonekeza hose. Ni naco gituma, kugirango dufashe guteza imbere umubano mwiza aho duherereye, twari dukwiye kwisunga bene abo bantu b’ubuntu maze amahoro asasagare mu bantu. Ahandi ho, ntaho twoba dutandukaniye n’abanyakabi kandi nta teka vyodutera. Mu kwigenza gutyo tuzoba turiko turafasha n’abandi guhinduka. Umuntu wese yihatire kurondera ineza kuri bose atarobanuye maze, amahoro aronderwe na bose kuri bose duheze twogorore.

Merci de voter pour Yaga ici et si vous avez du mal à voter, suivez nos instructions

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. kugira amabi agume akorwa kandi nka twese turi mumadini yemera Imana,biva Kukuntu dusenga tubangikanije ,bisigura ko tutazi neza ico twahamagariwe,ahandi naho ugasanga nabatwigisha iryo jambo ry-Imana n,ibitsitaza kuko nabo usanga harimwo abadatanga akarorero keza.ariko icari gikwiye kwaruko twotanga akarorero keza kubandi ,hama tugakwirikiza impanuro duhabwa vyukuri.