Abantu batari bake barahurumbira kuba mu gisagara kuko usanga ari ahantu hari ubuzima buryoshe. Abenshi rero muri bo baribagira ko atari ivya bose kuhaba neza nk’abo tubona bahamererewe neza. Rénovat Ndikumwenayo arabituyagira akongera agatanga impanuro.
Kugira ibisagara vyinshi ni kimwe mu biranga ko igihugu giteye imbere. Kanatsinda, mu gisagara hakorerwa vyinshi ari naco gituma hahurumbirwa na benshi. Twese turazi neza ko mu gisagara uhasanga abantu benshi bahakorera n’ibikorwa bitandukanye. Mbere n’ibikorwa vya Leta vyinshi niho usanga bikorerwa. Aha twovuga nk’ibiro vy’ubushikiranganji bwose, amashure atari make, amavuriro n’ibindi bisata vy’iterambere bitandukanye. Iruhande y’ivyo, haribonekeza n’abikorera utwabo nk’ abadandaji, abaririmvyi, abubatsi, amahinguriro, n’ibindi. Ivyo vyose biratuma abatari bake bagira igishika co kuba mu gisagara kuko baba babona ko ababa mu gisagara ari abantu bateye imbere mu kubaho neza kandi bafise ivyiyumviro bikomeye mu kwiteza imbere .
Ariko rero ukuba mu gisagasa si ivya bose kuko bisaba uburyo bwinshi. Akantu kose ka nkenerwa usanga gasaba amahera. Ivyo bigatuma umuntu aba mu gisagara adafise uburyo bukwiye ashobora kugira ingorane zitari nke nko kuvyerekeye gutunga umuryango.
Ukwo benshi babaye mu bisagara
Umwigisha umwe yaba mugisagara ca Bujumbura, yambwiye ko aba mu nzu ariha ibihumbi ijana na mirongo itanu ku kwezi. Aho naho hakaba ari mu turere twovuga ko tubamwo abantu babayebaye. Yemeza ko adahembwa umushahara urenga ibihumbi ijana na mirongo irindwi y’amafaranga y’amarundi ku kwezi. Ndamubajije uko ashobora gutunga umuryango, yambariye ko yikora ku mushahara w’umugore nawo nyene atari munini kuko nawe nyene yigisha amashure mato mato. Akayi ko mu gitondo ko barasezeranye. Eka mbere ngo hari naho bafungura rimwe ku munsi.
Mu gisagara rero, hari n’abandi bantu babayo batagira akazi nk’abashomeri barindiriye kuronka akazi, n’abandi. Abo rero ntiboroherwa mu gihe badafise ico bakora. Ivyo bigatuma n’ababatunze batabaraba neza kuko ataco baba bariko barabaterera mu buzima bw’imiryango baba barimwo. Maze rero ugasanga benshi muri abo bahigiye n’ingeso mbi bibaza ngo bariko bararondera gutorera umuti ingorane barimwo.
Dukubite agatima mpembero
Abantu barakwiye kumenya neza ko igisagara ari ciza kikongera kikaba kibi bivanye n’uburyo umuntu akibayemwo. Umwe wese yari akwiye kuraba aho aba bivanye n’uburyo afise. Umuntu ashobora kwihatira kuba mu gisagara bivanye n’ivyo yahashimye ariko uburyo butabimwemerera. Maze rero yahatirako ugasanga abayeho nabi n’umuryango wiwe kandi hariho aho yoshobora kuba neza n’umuryango wiwe. Iyo avyitwayemwo neza, abana barashika mu bigero, bakiga amashure akomeye mbere bakazoshobora n’ukwiteza imbere, bakongera bakanateza imbere abavyeyi babibarutse. Igikuru si ukuba mu gisagara, ariko ni ukubaho neza aho ubaye hose ugashobora gutunga umuryango wawe, nakare ngo inkezi ikera ubwo bireha.
Renovat,
Urakoze cane k’umpanuro utanze. Narabaye muri Kamenge Imyaka irenga 22 irangiye. Naranse ubuzima bw’inzara n’inyota. Komeza guhanura. Uwera abane Namwe.
Namwe murakoze kugira ico mutereye,mwunvishe n,abandi gusoma inyigisho zose zica kuri runo rubuga