article comment count is: 2

Ugutembera ni ngirakamaro mu buzima

Abantu benshi barakunda gutembera bakabona ibindi bice vy’isi eka mbere bakanahamenyera vyinshi. Biramaze kwibonekeza ko ugutembera ari ngirakamaro kuko ivyo wigira muyindi mihingo biragufasha kwiyungunganya mu buzima bwa minsi yose nk’uko Rénovat Ndikumwenayo abituyagira.

Ukugendera mu mihingo myinshi ni kimwe mu bituma umuntu ashobora kwungura ubumenyi mbere bikanamutuma ashobora kwiteza imbere akanateza imbere umuryango n’igihugu ciwe.Turakunze kwumva bavuga ngo igihugu cacu kirakira ingenzi zivuye mu bihugu bitandukanye kuko gifise ibibanza bitari bike vy’iratiro vyinjiriza igihugu amahera y’agaciro. Aha twovuga nk’isoko ry’uruzi Nil riri mu Rutovu, mu ntara ya Bururi. Urwo ruzi rukaba ari rurangiranwa mu makungu, tutibagiye inzu ndangakaranga y’i Bujumbura, n’ibindi. Izo ngenzi rero hari abibaza ko ziba zizanywe n’ukwinezereza gusa bakibagira ko haba harimwo n’ukwungura ubumenyi.

Aha twokwibuka ko abantu ba mbere b’abanyabulaya batanguye kuza mu Burundi, Stanley na Livington, atakindi cari kibazanye atari ukugira bungure ubumenyi. Ntawokwirengagiza ko kugira umuntu ashobore gutera imbere ategerezwa gukoresha ubwenge bwiwe, inguvu n’ishaka tutibagiye n’umubano mwiza aba afitaniye n’abandi. None umuntu ashobora gutera imbere gute bivanye n’uko gutembera kwiwe?

Turakwiye kumenya ko abantu twese tutabayeho kumwe kandi ko tudafise ubumenyi bumwe bivanye naho twakuriye canke ukuntu twakuze tubayeho. Ivyo rero bituma tugira n’iterambere ritandukanye. Nk’iyo umunyeshure agiye kwiga mu mahanga, arashobora kuhakura ubumenyi butari buke bwiyongera ku vyo aba yagiye kwiga. Aha twovuga nk’indimi, imico n’imigenzo y’ico gihugu aba yagiye kwigamwo maze bikazomufasha no mu kwibeshaho mu gihe agarutse mu gihugu c’amavukiro.

Akarorero k’uwo gutembera vyafashije

Hari umunyeshure umwe yagiye kwiga amashure ya kaminuza mu gihugu c’Ubushinwa mu gisata c’ubuganga akaba yararungitswe n’igihugu. Amaze gushikayo yaragize ingorane mu bijanye n’ugutegura imfungurwa kuko yarazi ko mu bihugu vyo hanze bose bakoresha abakozi, ariko asanga ni  bo bavyitegurira, yaba umugore canke umugabo. Ivyo bikaba vyaramutangaje cane. Agize ngo ararondera umukozi, yamwatse amahera agomba gusumba agafashanyo aronka ku kwezi. Niko kwigira inama yo kwiga kwitegurira izo mfungurwa mu buryo bwa kijambere.

Amaze guhindukira mu gihugu c’amavukiro, ntiyorohewe kuko atashotse aronka akazi yari yarigiye. Niho yabona umugenzi amubwira ko hariho ihoteri imwe mu ma hoteri y’i Bujumbura ikeneye umuntu azi gutegura neza imfungurwa. Kubera yari abayeho nabi, yarapfuye kwemera aragenda gukora ako kazi naho yiyumvira ko bomutwenga kubera agiye gukora akazi atigiye kandi yibaza ko kagayitse.

Ashitseyo baramwakiriye mbere baramuha n’umushahara ungana n’ibihumbi amajana abiri vy’amafaranga y’amarundi ku kwezi. Maze abona kuba arabayeho imbere y’uko aronka akazi k’ubuvuzi yari yarigiye. Ivyo Akaba yabikesheje ico gihugu yizemwo kuko akiri ino ata mwana w’umuhungu yari bwabone ashobora gutegura imfungurwa. Iyo aguma i Burundi, ako kazi ntiyari kwigera akaronka.

Inyigisho twobikuramwo

 Abakera barayamaze ngo « nta mwuga udakiza » kandi ngo « akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze », bongerako bati « ubwenge burarahurwa ». Twijukire gutembera igihe cose tubishoboye. Ubwenge ntiburahurwa mu mahanga gusa, no kuja mu zindi ntara canke ikomine z’igihugu cacu bizotwungura ubwenge butari buke kuko akarere kose karafise ico kokwigisha umuntu.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)