Photo d'illustration: Pixabay
article comment count is: 0

Ugukorera Leta ni ukwitangira abanyagihugu

Mu bisata bimwe bimwe vy’ubuzi bwa Leta, naho ababijejwe bama basemereye, haribonekeza abakozi batarangura neza amabanga baba bajejwe. Aho ni nk’abakozi batonda ku kazi batevye canke n’iyo batonze bakagakora nabi nabi. Renovat Ndikumwenayo ni we atuyagira ko ugukorera Leta ari ukwitanga kugira ngo abanyagihugu boroherwe bongere batere imbere.

Ubuzi bwa Leta, eka mbere n’ubw’abikorera utwabo, buratuma abakozi batera imbere ndetse n’igihugu kikahungukira iyo baburanguye neza. Ariko rero, muri kino gihe, haribonekeza irangurwa nabi ry’ubwo buzi mu bisata bimwe bimwe. Aha twovuga nk’amashure amwe amwe aho usanga hashika isaha zibiri n’inusu abanyeshure batarinjira mu masomero kandi bategerezwa kwinjira isaha imwe n’iminota mirongo ine n’itanu canke n’igice bivanye n’ishure.

Ahandi hibonekaza iyo ngorane ni mu bakozi bakorera mu biro aho usanga batonda isaha zitatu, isaha zitanu n’igice bakaba batashe bakagaruka isaha icenda z’umugoroba. Abantu rero baje kubitura usanga bataba bacizera neza abo bakozi kuko baguma babidogera bivanye n’uko baba bihuta canke bava kure. Ivyo bigatuma bashobora no gutaha bataronse ijambo riba ryabazindukanye. Eka no mu bitaro bimwe bimwe vya Leta haribonekeza ukutakira neza abarwayi, bigatuma bizera cane kwivuriza mu bitaro vy’abigenga gusumba.

Uko abitura abo bakozi bavyifatamwo

Umupfasoni umwe twaganiriye yari agiye kwivuza mu bitaro vy’abigenga biri mu gisagara ca Bujumbura. Aho naho kugira ubonane na muganga ukaba ubanza gutanga ibihumbi icumi na bitanu. Naramubajije igituma atashimye kuja kwivuza mu bitaro vya Leta kuko hoho kugira ubonane na muganga uriha amahera adashika ibihumbi bibiri bivanye n’ico wivurizako. Yanyishuye ko mu bitaro vya Leta bitari bike amaze kwivurizamwo, mu gihe yaba ashaka inyishu y’ibipimo yaba yagirishije yazironka atevye. Ngo hari n’aho bamuha indagano yo kugaruka gutora inyishu bukeye. Yongera ati : « Nshima kuja kwivuza mu bitaro vy’abigenga kuko usanga bafise ibikoresho bikwiye ».

Umwe wese akore neza ico ategerezwa

None vyoba biva kuki kugira abakozi ba Leta ntibarangure neza akazi baba bajejwe? Kenshi na kenshi bivana n’uko ababa bajejwe kugenzura abakozi uko bakora usanga batabikora ku mwanya ku mwanya. Ahandi naho bigatumwa n’uko bamwe mu bakora ubwo buzi bataba babifitiye ubumenyi bukwiye. Kuko, rimwe na rimwe, hari aho usanga ubuzi bwa Leta butangwa hadakurikijwe amategeko. Nko mu gisata c’ubutunzi, abakozi bamwe bamwe bakorera mu ma banki aho usanga bakora ako kazi badafise impapuro z’umutsindo z’co gisata.

Icokorwa n’uko Leta yotanga ubuzi ikurikije amategeko, ata ka mwana wa mama. Akazi kagahabwa ababikwiye kandi babishoboye. Abarongoye abandi ku kazi na bo bagakurikirana neza abo bajejwe, uwukoze nabi akaronka igihano kimubereye. Gutyo umwe wese azokora akazi kiwe ukwo bibereye, hambavu y’ukwiteza imbere ateze imbere igihugu n’abakibamwo.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion