Kenshi na kenshi iyo hagize igihuza abantu, barahanahana ivyiyumviro, eka mbere bakanigishanya. Ivyo biri muri bimwe Désiré Sezikeye atuyagira ahereye ku vyiyumviro urwarukarwo muri kaminuza y’i Ngozi rufise ku « Burundi bw’ejo ».
Hari kw’igenekerezo rya 19 Rusama 2016, muri Hôtel Camugani isanzwe iri mu gisagara ca Ngozi, ahari habereye uruganda rwatunganijwe n’ikigo kijejwe gukinga amatati Cenap. Muri urwo ruganda, hari hatumiwemwo abanyeshure bo mu bisata bitandukanye vya kaminuza yigenga y’i Ngozi kugira baganire bongere bahanahane ivyiyumviro ku «Burundi bw’ejo». Hari kandi no mu ntumbero yo gufasha abashakakashatsi bo muri ico kigo mu bikorwa vyabo vya minsi yose vy’ubushakashatsi.
Indoto za benshi mu rwaruka
Inyuma yo kwidonondorana, hakurikiye ijambo ry’icegera c’uwurongoye Cenap mu Burundi, aho yatubwiye mu ncamake kahise ka Cenap, ibikorwa vyayo n’icatumye batwiyumvirako nk’urwaruka kugira natwe tugire ico duterereye kuri «Burundi bw’ejo» narirya ari twebwe tuzoba tuburamutswa muri kazoza.
Kari akaryo keza rero kuri jewe no kuri bagenzi banje twari kumwe muri urwo ruganda ko gushikiriza iryo tugona hanyuma bishobotse abadukoranije banashikane ivyiyumviro vyacu kure. Umwe muri abo bashakashatsi b’ico kigo yaciye afata ijambo. Uwo nawe yari yaje yitwaje ibibazo bine nyamukuru: Vuga indoto wipfuza ku Burundi bw’ejo ? Ni gute twoshika kuri izo ndoto zawe? Ni igiki dusanganywe codufasha n’ico tubuze ? Tanga umwizero ufise wo gushikira izo ndoto zawe.
Zimwe mu nyishu zagiye ziratangwa ku kibazo ca mbere kandi zagiye zigaruka cane ni izi zikurikira: Uburundi buziramwo inzara; aho umuntu afungura neza kandi igihe cose abikenereye. Abandi bakavuga ko bipfuza Uburundi burimwo amahoro n’mutekano mu bice vyose. Benshi barerekanye ko bipfuza Uburundi ababubamwo bavuga ukuri kandi buzira amacakubiri afatiye ku bwoko, ku ntara hamwe no ku migambwe. Nka twese twarahurije ku cipfuzo c’uko Uburundi bworangwa n’ubutungane butunganiriza bose ata ka mwana wa mama. Uburundi burangwa n’indongozi ziharanira ineza ya bose kandi igihugu kikareka kuzera inze mu makungu.
Ukwo twoshika kuri izo ndoto
Hari indoto zibiri nashimye gushimangira kuko zankozeko. Iya mbere ivuga ku “Burundi buziramwo inzara, aho umuntu afungura neza kandi igihe cose abikenereye”. Umunyeshure yiga mu gisata c’uburimyi yavuze ko Uburundi busanganywe isi y’imbuka ibiterwa vyinshi. Busanganyewe kandi n’inzuzi zofasha no mu gihe c’ici kugira umwimbu ugume uboneka ata ngorane. Yavuze ko ico tubura ari ubuhinga mu bijanye no gutunganya amasi yacu hama yongerako ko, kugira tuvavanurane n’ikibazo c’inzara, hakwiye gutunganywa gushasha igisata c’uburimyi. Aho ni nko mukuraba igiterwa gikunda mu ntara imwe imwe kikarimwa cane, hakaba kandi no guhananahana ivyo vyimburwa hagati mu gihugu tugasagurira n’ayandi masoko yinyuma y’igihugu twabanje gukwirwa twese. Hakarwizwa kandi n’ibigo vy’ubushakashatsi mu ntara kugira umwenegihugu wese aronke imbuto zirobanuye bitamugoye. Umwizero afise ngo yatanguye kubona itunganywa gushasha ku bijanye n’imyonga mu ntara zimwe zimwe.
Ku kijanye n’ “Uburundi bworangwa n’ubutungane butunganiriza bose ata ka mwana wa mama”, nagize nibaza ko turi n’Imana ko dufise abize ivy’amategekeko atari bake, kandi n’amategeko ahari aratomoye, ndetse n’ibibanza vyo gutunganiriza abantu bikaba bihari ku bwinshi. Agatosi tugasanga cane cane mu gukurikiza ayo mategeko aho usanga itegeko rifata uyu rikareka uriya ku mpamvu izi na ziriya. Vyari bikwiye rero ko itegeko rikora kumwe kuri bose. Uwurishira mu ngiro ataravye igihagararo ca nyene kurwa mw’ikosa, ahubwo agahanwa hisunzwe itegeko. Umwizero numva mfise n’uko hatanguye kwibonekeza muri kino gihe bamwe bamwe bacirirwa imanza n’ubwo butungane nyene butaravye igihagararo.
Muri make Uburundi nipfuza bwoba bwitwararika imbere ya vyose ivyo izo ndoto zibiri.