Amazi n’ubuzima ku bantu, ibitungwa eka mbere n’ibiterwa. Ariko rero, ku bantu, ubukene bw’amazi meza n’ingorane ikomeye cane kuko bishobora gukwega n’indwara z’ivyaduka nka kolera, amacinya n’izindi. Prosper Niyonkuru aratuyagira ibijanye n’aho iyo ngorane yibonekeza nko ku Mugoboka, mu gisagara ca Bujumbura.
Nta n’umwe ayobewe ko amazi afise akamaro kadasanzwe mu buzima bwa minsi yose. Ni yo adufasha haba mu gutegura ibifungurwa twihereza ku munsi ku munsi. Turayanywa eka mbere ni yo dukoresha no mu gutegura ibinyobwa tutibivagiye n’ibindi bijanye n’isuku nko kwiyoga, kumesura, n’ibindi. Nk’uko babivuga rero « amazi n’ubuzima ».
Uko vyifashe ku Mugoboka
Mugoboka ni akarere kamwe mu burere bugize karitiye ya Mutanga-Sud. Ako gace gasanzwe kabamwo abantu benshi ahanini bagizwe n’abanyeshure biga muri za kaminuza zitandukanye ziri mu gisagara ca Bujumbura. Abo banyeshure barahakunda kuko hari ubuzima bworoshe. Aha novuga nk’inzu zo gupanga zizimbutse ugereranije n’ahandi mu gisgara. Ariko hasanzwe hafise ingorane ikomeye cane. Iyo nayo ijanye no kuronka amazi meza ku rugero rushimishije.
Mugoboka uko ari zibiri, zose zihurira kw’ibombo rimwe gusa. Kugira umuntu aronke amazi meza ni ukurwana urugamba rukomeye. Umunyeshure ahaba twaganiriye yambwiye ati: « Kugira turonke amazi bisaba ko tuvyuka isaha cumi y’ijoro naho nyene tugasanga umurongo ari muremure maze tugatonda. Ivyo tubigira kugira ngo hagere ko tuja kw’ishure twayashikanye. Hari n’aho bishika akadukamirako. Aho rero duca tugenda kw’ishure tutavomye, tukaba twemeye kwiriwa ubusa canke tukemera gusiba kugira tuje kuyarondera muri Mutanga-Nord, duciye muri Ntahangwa. Mu gihe ikibido cari gisanzwe kigurwa amafaraga mirongo itatu, hari igihe tukigura n’amajana atatu canke ane kubagendesha amakinga baca baja kuyazana bagaca bayacuruza kugiciro bishakiye. »
Uwo munyeshure akaba abona ko vyoba na mitende bubatse irindi bombo maze akaba abiri. Gutyo ababa muri ako gace k’igisagara bokworoherwa. Igituma ubuzima bugora cane n’ico kijanye n’ugukama kuko ngo n’ubu hari haheze iminsi ayo maze yakamye gose. Muri ico gihe rero, hari abadashobora kuja kuyarondera kure bagaca bemera kuvoma ayo mu ruzi Ntahangwa. Ayo mazi akaba ariyo bakoresha mu gihe tuzi ko asanzwe arimwo imyanda myinshi.
Icokorwa n’abo vyerekeye
Icibonekeza n’uko abasanzwe bajejwe ivyo gutunganya amazi badakunda kunyaruka gukemura bene izo ngorane. Ivyo bikaba mu gihe tuzi ko nk’indwara zituruka kw’isuku rike nka kolera zikunda kubangamira bene ivyo bice bitagira amazi meza. Birakwiye ko ababijejwe, cane cane REGIDESO, bokwama babanguka gufasha iyo hadutse bene izo kugira ngo ubuzima bw’abantu ntiburinde gusinzikara narirya tuzi ko « ubuzima ari amazi aseseka ntibayore ».
Vyos ni umukama tubandanye dusaba vraiment