article comment count is: 1

Pome ni ngirakamaro ku magara

Mu Burundi, hararimwa kandi hakimbuka ivyamwa vyinshi. Ivyo vyamwa birafasha cane mu ngaburo y’abantu b’ingeri zose, na cane cane abana. Ariko rero hari icamwa citwa pome bimaze kwibonekeza ko gishobora kuhamera kandi bakagisoroma. Pome rero ni ngirakamaro cane ku magara y’abantu nk’ukwo Désiré Sezikeye abituyagira.

Pome n’icamwa gifise inkomoko bu bihugu vya Asiya yo hagati. Ni kimwe mu vyamwa vyagiye bikundwa na benshi ku migabane yose igize isi. Ico camwa kigizwe n’amoko agera ku bihumbi mirongo ibiri. Kubera urukundo Abanyamerika bakunze ico camwa vyanatumye bafata ishurwe ry’ico camwa nk’ikimenyetso c’ama Leta nka Arkansas hamwe na Michigan.

No mu Burundi, ico camwa turagisanga mu masoko amwe amwe ariko kigurwa na bake kuko usanga kizimvye cane ugereranije n’ibindi vyamwa. Ahandi naho bakanka kugigura kuko abenshi batazi neza akamaro gifise ku magara yacu.

Pome irimwa hehe ?

Kirimwa ku migabane y’isi nka yose. Ariko, nk’ukwo gisanzwe kigizwe n’amoko menshi, hari aho usanga ubwoko kanaka buba ku mugabane munaka ariko bukanka ku yundi. Ico camwa gikunda ahantu hakanye. Mu gihugu cacu tumenyereye ko abafise ubushobozi bwo kukigura bakanagifungura baba bakizaniwe n’abadandaza barangurira mu mahanga. Ariko rero biraheruka kuntangaza, atari kera cane, aho nasanga ico camwa haraho giteye mu gisagara ca Ngozi, ahitwa ku Gisagara.

Nkikibona naciye niyumvira ko mbonanye na bene kugitera bombwira vyinshi kuri co. Nikwo kwegera babiri mu bagiteye aho ku gisagara nyene hama baranyiganira ukwo giterwa, kibungwabungwa, uko bagisoroma n’uko bagifungura. Maze kumva izo nsiguro naciye nibaza igituma abenshi batakirima. Kuko ku bwanje nahora nibwira ko bitonashoboka ko kinahamera.

Akamaro k’ico camwa ku magara y’abantu

Nifashishije ubuhinga ngurukanabumenyi, niho nabona inyandiko z’umurwi w’abashakashatsi bo mu gisata c’ubuganga muri kaminuza y’i Michigan, muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Uwo murwi warashoboye kwerekana ko ico camwa kirimwo vitamine C. Ngo kirafasha abafise ikibazo co kugumbirwa canke abagwaye indwara yo gucibwamwo, abakuru n’abato. Bavuga kandi ko congereza amahirwe yo kutagwara canseri y’amara hamwe niyo mw’ibere. Ngo kiranagabanya isukari hamwe n’ibinure mu mubiri.

Ikindi nabonye n’uko gishobora gufasha cane abagifungura mu gutuma batagwara indwara y’umutima, ngo kinagabanya uguhangayika k’ubwonko. Pome kandi ngo irimwo aside yitwa «tartrique» canke «malique» ishobora gufasha gusya neza ibinure dufungura. Ngo ni ngirakamaro ko umuntu afunguye imfungurwa zirimwo ibinure ayirenzako. S’ivyo gusa, ngo pome iranafasha abantu usanga bafise akamoto kabi mu kanwa mu gihe bayifunguye. Ngo iroza n’amenyo hamwe n’ibindi vyinshi hama rero ikanarinda umuntu kurwaragurika.

Maze gusoma ivyo, nasubiye kuraba umwe muri bamwe bayitera ndamubaza nimba koko pome ari ngirakamaro ku magara. Yanyishuye agira ati: « Bishobora kuba ari ukuri kuko jewe n’umuryango wanje ntiturwaragurika. Sinzi ko vyoba biva  ku gufungura ibi vyamwa ».

Mbega muri kino gihe hokorwa iki?

Si agasesenshwarumuri, biraboneka ko iki camwa gifise akamaro kanini cane ku magara yacu. Ikaba ariyo mvo ntera akamo abasanzwe bakora mu bigo vy’ubushashakashatsi mu burimyi n’ubworozi ngaha mu gihugu cacu ko bokora ibishoboka vyose kugira batore ubwoko bw’ico camwa bwoshobora kuba hano Burundi. Mu gihe coba kimaze kurimwa, vyokworohera abanyagihugu kukironka ku giciro giciriye hagufi.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Ndagikunda cane. Gusa nuko kizimvye. Naje ndatangaye numvise ko mu Burundi cohaba. Abashakashatsi nibatugeragereze. Naje noba mu ba mbere mu kukirima.