Annick, umwigeme w’imyaka 22, amaze imyaka itanu atunzwe no kudandaza umubiri muri Bujumbura kugira ngo aronke amafaranga y’ishure. Egide Nikiza yaraganiriye na we maze ashima kudushingira intahe.
Hari ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 30 Myandagaro. Isaha imwe n’iminota mirongo ibiri n’itanu, nari nshitse mu bunywero bwo muri zone Buyenzi bakunze kwita « Kwa Mukono ». Nari mfise intumbero yo guhura n’uwudandaza umubiri kugira tuganire kuri ako kazi. Nategerezwa kurondera ayo makuru mu kabanga. Ukudandaza umubiri birahanwa n’amategeko y’Uburundi. Nkibaza ukwo nza kumuganiriza mu kumubaza ivyo ashobora gufata nk’uko umenga ntibibereye ko tubiyaga ? Maze nkibaza niba aza kunyishura.
Aho hantu harabona cane mbere nibaza ko ata n’abaguzi benshi bahari. Umukobwa akora ngaho yaciye aza kunyakira, atwengatwenga kandi ari kumwe n’umukwobwa mwiza muri bamwe badandaza umubiri. Nanje nca ndamutuma Amstel maze mba ndarishe amafaranga 5000. Nari mpejeje gutsinda umukino. Haheze nk’iminota 15, Annick (izina ryiwe ryahinduwe) yaciye yicara iruhande yanje. Sinashotse mbona ukwo nomuramutsa. Nkibaza niba ndamugwa mu nda, niba ndamusoma canke nka muha mwiriwe bisanzwe ! Bugingo nciyumvira ukwo ndamuramutsa, yari yamaze kumpa ukuboko maze yorosha ibintu gutyo.
Ng’uwo nawe atumyeko ka ga Primus gatoya bita Akabaju. Mu ntango, twese ntivyatworoheye kuganira. Ariko akayoga karatevye karayatuvugisha. Annick afise imyaka 22 kandi yinjiye mu mwaka wanyuma w’amashure i Bujumbura. Atarinze guca hirya no hino, yarampishutse ko haheze imyaka itanu atunzwe n’ukudandaza umubiri. Uwo mwuga yawigishijwe na nyinabo yamwakiriye igihe yari ashitse i Bujumbura aje kwiga. Niho yambwira ati: « Jewe nturuka i Gitega. Ni vyo ko mu minsi yambere navyanse ariko naruhiye kuvyemera. Ubuzima bwari butanguye kunyankira. Mamawacu yaguma ambwira ko ntegerezwa kwimenya igihe cose namusaba amafaranga y’ishure ».
Muri ako kanya numvise ngize ubwoba nibaza kuri kazoza ka Annick, ukwo iyo nkuru iza guhera, hamwe n’ukwo abanye na nyinabo. Sinatevye kumubaza niba ategekanya kwubaka urwiwe mu minsi iri imbere. Nawe ati : « Sinambura impuzu zanje kubera urukundo canke ukwiryohera. Ndabikora kugira ndabe ko nobaho gusa. Igihe nzoba maze kuronka urupapuro rw’umutsindo nzoca mpindura ubuzima. Ukudandaza umubiri sindavyiyumvamwo na gato ! »
Narajorewe, biranka ko mbandanya no kumubaza ivyo bibazo kuko numvise ndamwumviye ikigongwe. Naciye ndamuha udufaranga nari nsigaranye mu mufuko hama ndamwipfuriza guheza amashure yiwe maze akava muri ukwo kuzimu. Hama ndamusezera aragenda.
Naho ukudandaza umubiri bihanwa n’amategeko mu Burundi, burya bitunze abagore batari bake !
IVYO NTAWOVYIZIGIRA IJANA KW’IJANA KUKO ABABIJAMWO BENSHI NI ABABA BAVYISHAKIYE
Nyimba Annick Abikora Kubwo Kuronka Amahera Y’ishure, Nubundi Niyaheza, Adahise Aronka Akazi, Bizomugora Kubiheba Burundu, Kuko Kudandaza Umubiri Ni bwo Buryo « bworoshe » Kandi « bunyaruka » Bwo Kuronka Amahera.
Gusa, Kubiheba Bitanga Iteka Kuwubikora Kuko Nk’ubu, Sinkekeranya, Ko Mumutima Wiwe Yiyagiriza
En fait iyo ngeso iribonekeza ngaha mu burundi ariko abatari bake babikoreshwa n’ubukene kuko sibenshi babikora nka busness ahubwo ni kubwa survie yabo.
Impamvu zose boshobora kuzana ngo berekaneko gushurashura ari vyiza kuri bo sizo. N’ingorane igihugu gifise tuziterwa n’ibicumuro bikorwa n’abo bantu. Umukobwa nk’uyo yohesha umugisha gute igihugu camwibarutse, canke urugo rwamuvyaye? Burya « iyo ifu ibayera n’ubugari buvuyemwo buba ar’ubwera ». None ayo mashure azorangiza kubera ko yakoze umwuga w’uburaya, azohesha umugisha umeze gute Uburundi bwa Nyaburunga/ Muzokubita ku munwa mvuga: ARIKO UBURUNDI N’ICIBARE C’IMANA C’ICIBARE C’ABAMARAYA.
Irakoze kuri iyo nkuru. Kudandaza umubiri bavuga ko ari wo mwuga ushaje kurusha ikindi. Umungo na kera uwo mwuga wari uhari. Umungo kandi gukora uburaya ntaho bihuriye n’indero umukobwa aba yararonse. Ariko sinzi neza ko Annick azobiheba. Burya ngo iyakariye ntigata. Ariko sinomucira urubanza kuko ivyo akora ntabusuma burimwo. Ngisoma iyi nyandiko naciye nibuka umwarimu w’iminyamerika yatwigisha. Yatubwiye ko yacuruza amaraso yiwe kugira ngo yishure amahera yo kwishura amafaranga yo kwiga doctorat. Sinzi ko muri Amerika hari itegeko rihana abagabo bagurisha umubiri wabo. Ariko mu Burundi rirahari rihana abagore bagurisha umubiri wabo. Je ne suis pas d’accord.
asha numva bigoye cane.kuberako amashure adasumba ubuzima yari gutuma aheba kwiga hako yica ubuzima bwiw.mbega ho ayo mashure azomumarira iki knd yuzuye ibigwara?
Biragoye Gutahura Ariko Bibaho.Ndabbara Cne Nkiyo Nsomye Inkuru Nkizi Knd Nkaba Ntasiba Kubna Iryo Bara Kurwaruka Rwa Kino Gihe.Sinumv Inguvu Umunt Yokoresha Kugra Tubirwanye.
Nubwo ababikora bose batabitumwa n’ubukene, uwofasha kugira ingeso nkizo ngo zigabanuke, n’uwogabanya ubukene buri mu gihugu…Urwaruka ruronse uko rubaho atawe ruzera inze, vyofasha maze n’abadandaza umubiri bakagabanuka.
ukungen twobigwany nukuz turatang impanur kuk mur kin gihung cac vyabay ndas urasang umwan wumukobw akaz kiw arak kudandaz umubir kand ugasang yamaz kubigir umwug
hiiihiihi! Icavu riciye rinyica maze! Isi ya twebwe irakunda ibigogi. Tu t’imagine nkuwo mu mama waciye abimubwirirako, amubesha! Hama njewe namurongora izo ngorane zigahera nyine. Njewe Ndi ngaha onya mu Rwanda knd ndi #Umunyarwanda ark birancavuje nyine, mutuye Mukama wa njewe! #Burundi komera kuko Imana irikumwe na wewe knd Mukama abahezagire!
Erega abadandaza umubiri ntibari mu Burundi gusa. Bari mu bihugu vyose nu Rwanda rurimwo…Murakoze ku ciyumviro canyu…
ibibihe turilw ubuzima buragye ariko jewe sinishimye nagato kwitwako woba uri umunyeshure wigishwa namahera avuye mu kudandaza umubiri ndumv irya niko sha n’Imana itokwihanganira et turazik ah ibuja bitunze benshi muga kumwana wumunyeshure ntab akwiriye kwig mwiz condition oya oya
nta citwazo na kimwe umuntu yotanga kimutera kudandaza umubiri,kuko mugihe umuntu atari ikimuga ,afise amaboko akomeye,amagukuru akomeye,yogerageza akabikoresha akabira urwuya agaca ingero nkabandi.Kuko ivyo muri kazoza bizomugora cane.Bizotuma niyubaka urugo atazobumbwa n’umugabo wiwe.Imana imufashe abihebe,Imuhe n’ibimufasha .
Yihaye motif yuko kubera nyinabo yamutegetse ko yimenya muvyerekeye amashure yiwe none ntabandi bantu bo mumu ryango barigushobora kumufasha akava muri ico gikorwa kibi, canke naho wombira gute ko yobigira ntaryoherwe kandi aba ashaka kunezereza uwo yaje kumushorera nimba ariko nobivuga . Nabireke arondere icoyokora kandi comutunga mu ri iyo myaka itanu n uwuzomutwara ntaco azoba atwaye kuberako yamenyereye abagabo benshi ntibizomworohera kubaka n’umwe agatima kazokwamagakubita ugaca usanga avanga uwobarikumwe.
Iyo wahisemw uwo mwoga wo kwicuruza umubiri biragoy kubivamw kuk nomubund buzim bica bikugor ahubw yovyikuramw akarab ibind yo kora
ndibazo ko abashinga amategeko boboneraho ko kwima bourse abana barayibemereye badutegurira ingo na kazoza kadafashe kuburyo bizibonekeza muri kozoza atako tukibigira. umaze gukora uwo mwuaga ntigahera azokwamana intib=mba yuwamushitse bimugore
None wewe kumuha amahera niyo solution wabonye itomoye ???
Uvuze neza cyane . Merci
jewe namuhaye amahera kubera ko yari ampaye inkuru…ikindi natewe ikigongwe nuko Annick abayeho….
Hariho abiyemeje kubafasha kick off to hope bakorera mri ville iruhande ya stade ni vyiza ko yojamu bandi iyo minerval boyimurihira namba atari ububeshi
NONE ABAHUNGU NABO BABAHO GUTE KO UMUBIRI WABO UTADANDAZWA??? NONE NTIBIGA AMASHURE KANDI BAKAYARANGIZA??? AHUBWO UWO MUKOBWA ANNICK NTADUHENDE IYO N4’INGESO MBI IMURANGA, S’UBUKENE BUBIMUTUMA SINON, NIMBA ABIKORA KANDI AKABONA KO ARIBWO BURYO BWO KURONKA AMAHERA TURAGOWE KABISA. HANYUMA ARUBAHUTSE ARAVUGA KO ARANGIJE AMASHURE AZOCA YIGIRA UWEJO, ABIHEBE, AKIZWE, AJE MUMURWI W’ABASENGA BAKARARAYO, MAZE UMUSORE AZOMUBONA AGIRE ATI NDARONSE UMWIGEME WINDERO KANDI ASENGA NAHO N’UMUKECURU!!!!!! EWE BAHUNGU TWARAGOWE!!!!!! ICO NIBAZA NUKO UMUSORE AZOZA KUMURESHA ATAZOMUHISHUKA NGO AMUBWIRE KO YACIYE MUBUZIMA BUBI CAAANE, KUGIRA BUBAKANE BAZINANYI, SINON BIMENYEKANYE BAMAZE KUBANA, BISHOBORA GUTUMA UMUGABO NAWE AZA ARAJA KURONDERA ABANDI BAKOBWA, YAGIRA NGWARAMUVUGISHIJE, AMWISHURE ATI, URAZI IVYO WACIYEMWO????
RERO ICO NOHANURA ABIGEME, NIBAMENYERE KWIKORERA IMIZIGO NK’ABAHUNGU, BIRONDERERE BAKORESHEJE INGUVU Z’ABO AHO KWAMA BIBAZA KO BADASHOBOYE.
Ubwo uwo mukobwa Annick ntiyashatse kuvunira akagohe abandi bakobwa ngo abigishe ko badakwiye gukena no ku kugorwa kandi bifitiye ibidandazwa? Uretse ko ar’ikimenabanga, n’umukozi wa Shetani. Jewe mbere nibaza ko ba Administrateurs b’uru rubuga baba bakwiye kuraba ibiganiro badushikiriza, kuko nk’uwo mukobwa, iyo hataba abantu b’intwari ngo bamwiyamirize, murumva ko atar’afise intumbero nziza. Ni navuga ko ar’imaraya ntimugire ngo ndatukanye. None jeho ko nd’umuhungu, ndamutse mbuze ishule, jeho nzodandaza iki? Uwo mukobwa arashir’isoni rwose, ivyo s’ibintu vyo kwandikwa!
kwandikwa si bibi kuko twebwe tumenyesha abasomyi bacu ivyo tuba twabonye canke twatohoje…muri ukwo kubamenyesha inkuru baramenya ivyo bataba bashoboye kubona ariko kandi baramenya nuko abandi bantu babayeho….Nkiyo nkuru iratwereka ko hariho abigeme benshi babayeho batunzwe n’ukudandaza umubiri….kandi vyukuri nkuko abatari bake babishikirije ukudandaza umubiri si vyiza na gato….
Nije nanditse iyo nkuru, nomenyesha ko ata guhimiriza abandi bigeme kudandaza umubiri birimwo….
Aha ntakundi poleni.
Yooo! Ha Ntawuzobiheba Erega Nawenyene Araryoherwa Akora Umunezero Hamwe Namahera Wumva Yoheba Hoho Kwishure Aba Uwakangahe Gantu? Ndibaz Ntafata Akanya Kokwiga
Ivyo birateyisoni nuko yoraba akava murubwo bumaraya kuko atabihevye nubwo yoyamara ntamahigwe afise kumana
Ewana uwo mukobwa yararubonye kweri! iyaba jewe narigupfuma mpeba ayo mashure.
Commentaire * UwomukobWayi Ibukeko Ejohiwe Harimubiganzavyiwe Nikubwiwe Arikoyibukeko Hazobaho Urubanzagwimperuka
Ukwo sukuronder ubuzima ahubwo nukuronder urupfu yari kurya bike akaryama kare kuko atawuz ivyejo iyaremy umunt iz ikizomubeshaho no muri kazoz atazi
ubuzima buragoye
Iconoguterera »nyomb ubuzima bugoye bwihoze wikorer ivyoroshe kuko iyokaz sio nzuli nukwikweger umuriro gusa twese turabayeho dukeny siwurumuken kudusumvya » iryotunga rizoguta mumuriro ntacorimaze subira kugatumb urime hamu urab kutazobaho. Nn nkumugabo azogutwara wumva atazosang urigisima? Yemwee! Kuzob nkokwinjira munzu ahubw urabiheba nayahandiho sidiri naho wokwubaka ntiwobiheba.
AHABWO ABANTU BAMEZE NKICO KIJURI BAKWIRIYE KUBAPFUNGA
nitwa isaac nvuka i mukike ingeso nk’iyo irababaje iragayitse iratesha iteka n’icubahiro impanuro notanga ni iyi:ibuka umuremyi wirinde kuganzwa n ‘ umubiri . Imana iradufasha kuvyo dukenera vyose iyo dusenze tugasaba kandi ni umuvyeyi atwama hafi aduha ivyo dukenera vyose
none ubuzima bubaye nabi ubona bokoriki? Nukuja ubareka bakidandariza
Imana ikeneye abantu bafise intahe ikwiye rero anick vyiza nabivemwo aze afate imana ifise vyose nayo mashure imana izoyamurhira na kaminuza azoyimara arko nashireho isezerano hagati yiwe ni mana avavanure nubu maraya ntayosusha rahabu arko imana yaramwishimiye bituma itarandura umuryango wiwe.
Iyakamany ntigata naho yohez azoguma awudandaza kuk hamw abuz akazi bizomuber ingom ahubw yosenga agatabaz umukam kuk ariw nyishu yibibazo vyacu
Kuriyisi harivyishibitugor arik turihanganakukotutihangany vyotugora nariz ngez muwicenda ndabura vyosihaza umukobwa ambwirako ngiyendakor nkukonobah kanding nkamara namubwiye-at:ndogenda.mwarimu anyilukanyendoheba.at:arik.ndomubwir ukombayehokosi ncemubagenz nfis vyase ndoheb iman ic’irafash acanterer 5000 haza uwundi anyerej ahokub ampa 50000ml aho umwakawalahez naw ndaguhanuy hindur imber urokwicuz ncut vamucah tendawema upatemalipomema mutaryiwadhambi ndo kifo ingero yicah nurupfu
nyamba abona kw’aribwo buzima yokwegera abakozi b’Imana bakabimufasha
Jew impanuro notanga azoz nda mutwar nzoz namwigisha tubana